Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amafaranga yababa imiriyaridi 1327 niyo Reta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira 2020

Inama Nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira 2020.Ayo nayo akaba ngana n’imiriyaridi 137 n’imiriyoni 100 kandi ibice 84,6 vyayo bikazova hagati mu gihugu. Iyo nteguro y’amafaranga  ikaba ari iya mbere yizwe kuva hagiyeko Ibwirizwa Shingiro rishasha nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo, kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2019 yari yaserukiye Reta mu Nama Nshingamateka.Inama Nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira 2020.Ayo nayo akaba ngana n’imiriyaridi 137 n’imiriyoni 100 kandi ibice 84,6 vyayo bikazova hagati mu gihugu. Iyo nteguro y’amafaranga  ikaba ari iya mbere yizwe kuva hagiyeko Ibwirizwa Shingiro rishasha nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo, kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2019 yari yaserukiye Reta mu Nama Nshingamateka.Domitien Ndihokubwayo yabanje gushikiriza  abashingamateka imvo n’imvano  yatumye Reta y’Uburundi  izana integuro y’ibwirizwa y’amahera Reta izokoresha mu  kwezi kwa Rusama ko vyatewe n’uko igihugu c’Uburundi  gishaka guhuza umwaka n’ibindi bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ayo mahera akaba azotangura gukoreshwa kuva ku wa 1 Mukakaro 2019 gushika ku wa 31 Ruheshi 2020. Domitien Ndihokubwayo yabandanije amenyesha ko iyo nteguro ije mu gihe ubutunzi bwo kw’isi yose bwari busanzwe buriko buharurwa  ku bice  3, 9 kw’ijana mu mpera  z’umwaka w’2018 ushira 2019 bakaba biteze  gushika ku bice 4,2 kw’ijana mu mwaka w’2019 ushira 2020.

Iyo nteguro Reta ikaba yayiteguye  ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi buriko buratera buja imbere. Domitien Ndihikubwayo yarongeye aramenyesha abashingamateka ko Reta  mu gutunganya iyo nteguro yisunze ivyashizwe imbere  n’ubushikiranganji butandukanye  bugize Reta y’Uburundi, bisunze integuro y’umugambi w’iterambere wo kuva mu 2018 gushika mu 2027 ishira imbere ibisata bifasha kwongereza ubutunzi bw’igihugu. Iyo nteguro yizwe ikaba ikuramwo amafaranga Reta yotekereye abaheza ikiringo cabo, akaba ayo mafaranga azoja mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2020 ushira 2021. Ayo mafaranga atekererwa  abaheza ibiringo bakaba bazoca bayaronswa mu kwezi kwa Mukakaro 2020 akaba azokwigwa n’Inama Nshingamateka nyene.  Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yarongeye arashikiriza ibikuru bikuru vyashizwe imbere muri iyo nteguro y’amafaranga Reta izokoresha,nko  kubandanya baterera amatora ku mafaranga angana n’imiriyaradi 33 n’imiriyoni amajana 2, gushigikira amakomine ku mafaranga angana n’imiriyaradi 67,8 ayo mafaranga akaba azofasha  mu gisata c’uburimyi  cane cane kugura ifumbire kuko basanze igisata c’uburimyi gituma ubutunzi bw’igihugu  bwisununura. Muri iyo nteguro y’amafaranga hakaba kandi harashizwemwo amafaranga yo gushigikira urwaruka kugira babishinge bashobore kuronka ingurane y’ amafaranga yo gukora imigambi y’ukwiteza imbere, gushira mu ngiro umugambi «Ewe Burundi urambaye» uzotwara umuriyaradi 1 w’amafaranga, kubandanya umugambi wo gukura ubusumbane bw’imishahara ku bakozi ba Reta  angana n’imiriyaradi 10 hamwe n’ibindi. Ayo mafaranga Reta izokoresha  akaba yavuye  ku miriyaridi 1237 n’imiriyoni 100 mu mwaka w’2018 ushira 2019, aca aja ku miriyaradi 1327 n’igice 1  mu mwaka w’2019 ushira 2020. Ayo mafaranga akaba yongeyeko  ku bice 7,3 kw’ijana. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta akaba yamenyesheje ko Reta iravye uburyo izokoresha mu mwaka w’ 2019 ushira umwaka 2020, igihugu c’Uburundi gishobora kwironkera hagati mu gihugu ibice 84,6 kw’ijana  mu gihe umwaka w’2018 ushira 2019 yashoboye kuronka ibice 81,2 kw’ijana vyavuye hagati mu gihugu.  Abashingamateka barabajije umushikiranganji w’ikigega ca Reta ivyerekeye kunganisha imishahara ku bakozi ba Reta kuko mu gace ka 31 gashiraho uko abakozi ba Reta baronswa uturusho kiretse igisata c’ukwivuna umwansi n’umutekano, iyo ngingo ikaba yafashwe mu gushiraho amafaranga yategekanijwe gukoresha mu mwaka w’2016 mu ntumbero yo gukura ubusumbasumbane bw’imishahara ku bakozi, mu cegeranyo catanzwe n’umugwi washizweho ujejwe ibiganiro hagati ya Reta n’abaserukira abakozi cavuga ko iyo ngingo yo guhagarika uburusho ku bakozi izohagarara ku wa 31 Kigarama 2019, hakibonekeza ko muri iyo nteguro y’amafaranga Reta izokoresha ayo mafaranga atayarimwo kandi abakozi botanguye kuyaronswa mu ntango y’umwaka w’2020. Kuri ico kibazo umushikiranganji w’ikigega ca Reta yishuye ko ico kibazo c’uburusho buhabwa abakozi ba Reta ko hari poritike y’igihugu y’imishahara iriko irashirwaho mu kugira icishure arindira uko bazogikora. Iyo nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira 2020 ikaba yemejwe n’abashingamateka 111, abatayemeje akaba ari abashingamateka 2.
Anitha Bizimana

Ouvrir