Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikirundi kiri mu bigize imico n’akaranga vy’Uburundi

IKIRUNDIIcigwa c’ikirundi kiratangwa mu mashure ariko amasaha akaba adakwiye bivanye n’uko ivyigwa vyinshi bitangwa mu rurimi rw’igifaransa, hakaba hari n’ibisata bimwe bimwe nk’ivyo twokwita ivy’ubuhinga usanga ico cigwa atakirimwo kandi cari gikenewe. Ikirundi kiri mu bigize imico n’akaranga vy’Uburundi. Vyari vyiza ko cotangwa mu bisata vyose ndetse n’ivyigwa bimwe bimwe nk’ivya kahise k’Uburundi n’ivyo gukunda igihugu bigatangwa mu rurimi rw’ikirundi. Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo yanonosoye ibijanye n’ikirundi akaba arongoye n’igisata c’indimi zivugwa n’abanyafrika mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 28 Rusama 2019.Icigwa c’ikirundi kiratangwa mu mashure ariko amasaha akaba adakwiye bivanye n’uko ivyigwa vyinshi bitangwa mu rurimi rw’igifaransa, hakaba hari n’ibisata bimwe bimwe nk’ivyo twokwita ivy’ubuhinga usanga ico cigwa atakirimwo kandi cari gikenewe. Ikirundi kiri mu bigize imico n’akaranga vy’Uburundi. Vyari vyiza ko cotangwa mu bisata vyose ndetse n’ivyigwa bimwe bimwe nk’ivya kahise k’Uburundi n’ivyo gukunda igihugu bigatangwa mu rurimi rw’ikirundi. Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo yanonosoye ibijanye n’ikirundi akaba arongoye n’igisata c’indimi zivugwa n’abanyafrika mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 28 Rusama 2019.Abandanya amenyesha ko no mu mashure y’ubuhinga ikirundi gikenewe kugira ubwo buhinga nyene bashobore kumenya kubuvuga mu kirundi kuko hari aho usanga bariko barashikiriza mu gifaransa ivyo vy’ubuhinga bize nk’ivyerekeye umuyagankuba, ivyerekeye guhingura ibirimwa ugasanga vyabagoye kuvuga mu kirundi. Babizi mu kirundi rero ngo vyofasha kugira n’ubwo bumenyi bashobore kubukwiragiza muri urwo rurimi.

Ego nivyo barakeneye kwiga ivyigwa vy’ubuhinga mugabo kandi bamenye ko n’ikirundi gikenewe ntihaze hagire umuntu asubira kwibaza ngo mbega abiga ivyerekeye ivy’ubuhinga ikirundi bociga kubera iki ? Birakenewe kuko abarundi bose ntibashoboye kumenya igifaransa ari naco gituma kubera abize ivy’ubuhinga bakorana n’abarundi bamwe bazi igifaransa abandi batakizi. Ni ngombwa ko bamenya ikirundi kandi bakagerageza mu nteguro z’ivyigwa bagashiramwo ivyerekeye ubwo buhinga biga, bakamenya kuvuga amajambo amwe amwe y’ubuhinga canke gushobora gushikiriza ubumenyi bw’ivyo bintu mu kirundi kugira abanyeshure babimenyere gutyo mu buzima bazojamwo iyo ngorane izogabanuke. Ivyigwa vya kahise n’ivyo gukunda igihugu ntacobuza ko babishira mu rurimi rw’ikirundi kuko vyerekana yuko bwa bundi ikirundi atari ururimi rwo kuvuga ivyakera gusa ariko rushobora no kuvuga n’ivy’ubu. Kumbure ibindi ntiharagera kuko bizosaba amajambo abahinga bumvikanako hamwe n’abatohozandimi, abakora mu bisata vyerekeye ubuhinga, abakunda gutohoza ku kirundi n’abakunda gukoresha ikirundi bumvikane ku majambo bashobora gukoresha ku buryo baronka amajambo yo mu vyigwa vya Chimie, Phisique n’ibindi. Ivyo vyotuma rero iruhande ya yamasaha y’icigwa c’ikirundi nyezina haboneka akandi karyo ko kuvuga ikirundi kuko ahanini intumbero ni ukugira ikirundi rube ururimi ruzima rutavugwa kugira umuntu aruvuge gusa. Akamo atera Reta ni kugira ngo cane cane uwo mutima utuma ikirundi kigira ikibanza ube mu bwenge bw’abafata ingingo. Ngo nibabanze kuvyumva ubwa mbere bavuge bati mbega ikirundi ni kuki cigishwa mu mashure ? Mbega icokorwa ni ikihe ? Ni ho rero bazoheza bagafata ingingo bamaze kumenya yuko kugira ikirundi gihabwe ikibanza vyosaba ko cigishwa no mu bindi vyigwa hama bikenewe ko bongereza amasaha bagire ico bafatiyeko batavuze ngo ikirundi ni ururimi rw’abatize gusa.  

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir