Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka: Integuro y’amabwirizwa agenga igisata c’igendereza yaremejwe

bunyoniKu muhingamo wo kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2019  integuro y’ibwirizwa  rigenga  gutunganya urwego rw’igendereza hamwe  n’irigenga abakozi  bo mu rwego rw’igendereza  zarizwe zongera ziremezwa n’Inama Nshingamateka. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nshingamateka  Pascal Nyabenda .Nk’uko umushikiranganji w’umutekano,Alain Guillaume Bunyoni yari yatumiwe gusigura izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri  yabimenyesheje mu mvo n’imvano y’izo nteguro z’ibwirizwa, kw’itegeko  rigenga urwego rw’igendereza ngo bariteguye  kugira amategeko agenga ico gisata yisunge Ibwirizwa Shingiro,guhamagarira abanyagihugu gutanga amakuru muri urwo rwego kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gihugu no kugira  igisata c’iperereza gishobore gukora imirimo yaco cisunze ibihe tugezemwo. Mu bibazo bimwe bimwe  vyabajijwe n’abashingamateka bari bitavye  ivyo bikorwa babajije amazina ahabwa urwego rw’igendereza aho usanga bamwe barwita ngo n’igiporisi c’umukuru w’igihugu  abandi ngo ni igendereza, bakaba bashaka kumenya izina ry’ukuri iryo ari ryo. Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni akaba yatanze umuco avuga ko urwego rw’iperereza ari igisata cunganira muvyo umutekano gikomoka ku biro vy’Umukuru w’igihugu kikaba citwa ko ari urwego rw’iperereza canke rw’igendereza. Ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2019  integuro y’ibwirizwa  rigenga  gutunganya urwego rw’igendereza hamwe  n’irigenga abakozi  bo mu rwego rw’igendereza  zarizwe zongera ziremezwa n’Inama Nshingamateka. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nshingamateka  Pascal Nyabenda .Nk’uko umushikiranganji w’umutekano,Alain Guillaume Bunyoni yari yatumiwe gusigura izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri  yabimenyesheje mu mvo n’imvano y’izo nteguro z’ibwirizwa, kw’itegeko  rigenga urwego rw’igendereza ngo bariteguye  kugira amategeko agenga ico gisata yisunge Ibwirizwa Shingiro,guhamagarira abanyagihugu gutanga amakuru muri urwo rwego kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gihugu no kugira  igisata c’iperereza gishobore gukora imirimo yaco cisunze ibihe tugezemwo. Mu bibazo bimwe bimwe  vyabajijwe n’abashingamateka bari bitavye  ivyo bikorwa babajije amazina ahabwa urwego rw’igendereza aho usanga bamwe barwita ngo n’igiporisi c’umukuru w’igihugu  abandi ngo ni igendereza, bakaba bashaka kumenya izina ry’ukuri iryo ari ryo. Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni akaba yatanze umuco avuga ko urwego rw’iperereza ari igisata cunganira muvyo umutekano gikomoka ku biro vy’Umukuru w’igihugu kikaba citwa ko ari urwego rw’iperereza canke rw’igendereza. Ngo ayandi majambo canke amazina  bazogitazira siyo.Ikindi naco babajije ngo akarimbi umunyagihugu yoba afise mu gukorana n’urwo rwego rw’igendereza aho yamenyesheje yuko umunyagihugu wese ategerezwa kumva  ko aho ari ajejwe igendereza yumvise ikintu cose coza kibangamira igihugu akagishikiriza uwo wese azi ko yogira ico afashije kugira ico kintu ntigitere ingorane ari nka buramatari,musitanteri,umukuru w’umutumba canke uwundi wese ajejwe intwaro.Baranamubajije igituma abantu bafatwa bakamara iminsi ababo batazi iyo bari .Aho naho akaba yarabahumurije avuga ko  umuntu wese ari mu rwego rw’iperereza yatumwe guhagarika umuntu agenda akabikora  yisunze amategeko ariko ngo birashika ntibamenyeshe ko uwo muntu yahagaritswe kugira abo bakorana ntibace banyika canke ngo bahanagure amakanda  bongere kandi  bakinge  ingorane zishobora gushika. Bamaze kurica irya n’ino bakaritosora utunenge  ikaba yemejwe n’abashingagmateka 108 kw’109 bari aho umwe ararihakana. Abashingamateka kandi barongeye bariga integuro y’ibwirizwa rigenga abakozi bo mu rwego rw’igendereza.Umushikiranganji w’umutekano akaba yasiguye ko naryo rije kwisunga Ibwirizwa Shingiro  ko hamwe rimaze kuja mu ngiro abakozi bazoronka akarusho kanini ngo kuko bazoronka akaryo ko kuronka inyigisho zitandukanye zo kubakarihiriza ubwenge,gukingira umukozi kugira ashobore kurangura amabanga ajejwe umutima utekanye hamwe no kubatera intege kugira ngo bakore baguwe neza n’umwimbu wiyongere. N’iryo nyene bamaze kurica irya n’ino ryaremejwe n’abashingamateka 109 kw’110 bari aho umwe nawe ararihakana.

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir