Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Komine Gitega: Abanyagihugu bo ku mutumba Birohe babanye neza mu budasa bwabo

BIROHEUmutumba wa Birohe nk’uko bisanzwe biri  mu mategeko y’igihugu c’Uburundi, urongowe n’abantu batanu bagize inama y’umutumba. Abo nabo nibo babazwa ubuzima bw’umutumba bwose haba mw’ijoro canke ku mutaga bagaheza bagashikiriza ivyegeranyo ku nzego zibijejwe. Umutekano muri rusangi wifashe neza hagati yabo baba abanyeporitike, abanywanyi b’amadini ndetse no mu kibano, mbere no muri iki gihe abarundi bimirije amatora yo mu 2020, abanyagihugu bakaba babanye neza kuko ata migambwe icanamwo kuri uwo mutumba. Umutumba wa Birohe nk’uko bisanzwe biri  mu mategeko y’igihugu c’Uburundi, urongowe n’abantu batanu bagize inama y’umutumba. Abo nabo nibo babazwa ubuzima bw’umutumba bwose haba mw’ijoro canke ku mutaga bagaheza bagashikiriza ivyegeranyo ku nzego zibijejwe. Umutekano muri rusangi wifashe neza hagati yabo baba abanyeporitike, abanywanyi b’amadini ndetse no mu kibano, mbere no muri iki gihe abarundi bimirije amatora yo mu 2020, abanyagihugu bakaba babanye neza kuko ata migambwe icanamwo kuri uwo mutumba. Abanyagihugu rero bariteguriye neza amatora kandi bakaba bizeye ata nkeka ko azogenda neza kuko amahoro n’umutekano bavyisasira bakavyiyorosa kuri uwo mutumba.

Ivyo vyashikirijwe na Mertus Ndayisenga arongoye umutumba Birohe uri muri zone Gitega Rural, intara ya Gitega mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 25 Rusama 2019.Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo icerekana ko abanyagihugu babanye neza kuri uwo mutumba Birohe, ni uko imanza nka zose bazihurirako ubwoko bwose ata gucagura. Mu miryango n’iyo bishitse ibere rikayaga barumvikana bakavuga bati icari cabitumye cari iki hanyuma bakagitorera umuti. Igikunze gutera ingorane ngo ni amatati y’amatongo usanga kenshi iyo uhanuye umubanyi atumva neza ko wamugiriye inama nziza yumva ko umengo ufisemwo inyungu muri ayo matongo. Mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza haba kwibaruka canke kutibaruka, amenyesha ko abanyagihugu bijukiye kuja kwa muganga aho kwirukira barumenyi. Nivyo ubugumba bubaho kandi si umuvumo. Iyo bishitse mu kibano hakaboneka urugo rutararonka ikibondo, baraheza bakabahanura ko boshira inguvu hamwe bakitura umuganga akababwira uko amagara yabo yifashe. Nk’abarongoye abandi iyo babonye ko hari ingo zacanyemwo kubera ubugumba ngo baragerageza kubumvikanisha bakababwira ko Imana ariyo itanga kandi ko urugo rutavyaye atari urwo gusambuka. Ku bijanye n’amagara meza na cane cane afatiye ku zindi ndwara zose muri  rusangi, avuga kuri uwo mutumba bitura amavuriro abegereye. Ati : « Nta mwonga ubura isato iba idahizwe », hoba hariho bamwe bamwe baja mu bapfumu mugabo bagenda binyegeje. Ku bijanye n’ubuzima haba ku mukenyezi canke ku mwana, barafise urwego rw’abaremeshakiyago kenshi iyo habaye inama ku mutumba bama bafise ijambo bakerekana ingaburo ibereye ku mwana akivuka canke agisamwa mu mbanyi ; bakerekana ingaburo ibereye ku muvyeyi yibungenze. Kubakurikiza impanuro, abana usanga  basa neza. Ku bijanye n’umwimbu w’impeshi, ngo biteze umwimbu mwiza kuri uwo mutumba kuko uravye n’ubwo imvura yamaze nk’indwi zibiri itagwa, muri rusangi wifashe neza kuko bitanguye kugaragara ko aho uciye usanga ku mbuga banikiye ibiharage kandi n’intete zikaba zimeze neza cane. Ibitoke, imyumbati, ibijumbu n’ibindi vyose bitandukanye ngo birateye igomwe ndetse no ku masoko ibiciro bikaba vyaramanutse ku bifungurwa nka vyose. Ku kibazo c’uko abavyeyi boba bijukiye gushira abana babo mu mashure, amenyesha ko uwo mutumba ufise amashure akwiye mbere akaba yegeranye cane ku buryo ata mwana arenza ibirometero bitatu canke bitanu aja kw’ishure. Abavyeyi rero bararungika abana babo mu mashure bivanye na rya tegeko ry’Umukuru w’igihugu rivuga ko abana bose bandikwa ku buntu kandi n’uwutagira umwambaro w’ishure bakaba bamwakira mu kurindira ko umuvyeyi aja kwitunganya akawurondera. Ikibazo kihari ku bijanye n’amashure kikaba ari uko hari amasomero atarubakwa yo guhera mu myaka y’indwi kuduga. Umugambi « Ewe Burundi urambaye » abanyabirohe barawutegera cane mbere hakaba hari n’abanyagihugu batowe ngo baserukire uwo mutumba mu bijanye n’uwo mugambi. Abo nabo bakaba barahawe inyigisho n’ishirahamwe « WORLD VISION ». Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, nabwo bwarabasavye ko bogira urutonde rw’ibiti bizoterwa ku mitumba yose uko ingana muri komine Gitega vyumvikana ko n’umutumba Birohe urimwo. Abafundi b’indimo rero ngo baramaze gutanga urwo rutonde hakaba harabaye n’amatora y’abenegihugu aho bo nyene bihitiyemwo ibiti vyiza vyohaterwa bitononye isi ndimwa yabo. Bahisemwo ibiti nk’igereveriya, kariyandara hamwe na resena kugira nkumbure bashobore kugaburira ibitungwa bongere batere ibiti bibana n’indimo. Abanyagihugu muri rusangi bo ku mutumba Birohe bakaba bashigikiye umugambi « Ewe Burundi urambaye » kanatsinda ngo n’iterambere ry’igihugu n’abenegihugu.     

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir