Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi wo kwiteza imbere ku rwaruka rwiga mw’ishure nshingiro ni ngirakamaro

DSpoooC 0366Umushikiranganji ajejwe amashure nshingiro n’amashure yimyuga Janvière Ndirahisha arakeza abanyeshure bane ubushikiranganji bwahaye umutahe mu mwaka w’2017 no mu mwaka w’2018 berekanye imigambi yo kwiteza imbere muri kino gihe bakaba barabishitseko, akabipfuriza kuguma batera imbere nk’umuzinga. Ivyo yabimenyesheje mw’ijambo yashikirije  ku wa 28 Rusama 2019 mu gihe yari asanzwe ariko arashikiriza umutahe abandi banyeshure batanu berekanye umugambi bashaka kurangura, hakaba hari ku biro vy’ubwo bushikiranganji  i Bujumbura.Umushikiranganji ajejwe amashure nshingiro n’amashure yimyuga Janvière Ndirahisha arakeza abanyeshure bane ubushikiranganji bwahaye umutahe mu mwaka w’2017 no mu mwaka w’2018 berekanye imigambi yo kwiteza imbere muri kino gihe bakaba barabishitseko, akabipfuriza kuguma batera imbere nk’umuzinga. Ivyo yabimenyesheje mw’ijambo yashikirije  ku wa 28 Rusama 2019 mu gihe yari asanzwe ariko arashikiriza umutahe abandi banyeshure batanu berekanye umugambi bashaka kurangura, hakaba hari ku biro vy’ubwo bushikiranganji  i Bujumbura.Yarongeye asaba abo banyeshure bashasha yari ahejeje guha umutahe kubera akarorero keza barumuna babo na bakuru babo mu kwiteza imbere gutyo baze barangize amashure bakora ivyabo ntibaguwe barindiriye ubuzi butangwa na Reta. Yamenyesheje ko urwo rwaruka ruri mu migwi ibiri, bamwe abakaba baramaze kuronka umutahe wo kudandaza, abandi nabo bakaba bari bahabwa umutahe ubwa mbere. Abasaba kandi kudasamazwa n’urwo rudandazwa ngo bahave bareka kwiga kugira barangize amashure. Yarongeye amenyesha ko umutahe wo gutangura kudandaza udategerezwa kuba munini ahubwo ari ishaka ryo kumenya ico ushaka gushikako. Yasavye abajejwe intwaro n’abarwizatunga kwunganira ubwo bushikiranganji mu guha umutahe w’ibanze abo bose bafise imigambi. Aho naho akaba amaze kuvugana n’abarongoye amakomine kugira muri ya mahera amakomine ahabwa na Reta bakureko amahera make yo gushigikira urwaruka rufise imigambi yo kwiteza imbere. Bisubiye ngo noneho himirije gushirwaho ibanki y’urwaruka izofasha mu guha ingurane urwaruka ruhurikiye mu makoperative rwerekanye imigambi yo kwiteza imbere. Abo banyeshure bane bari bamaze kuronka umutahe wo gutangura imigambi yabo bamenyesheje ko bashima ko bamaze kubona intambwe bagezeko naho bamwe bagiye barahura n’ingorane ariko zitatumye baheba. Uwa mbere yitwa Dieu Merci Iradukunda yamenyesheje ko yatanguranye umutahe w’amahera 56.000 mu mwaka w’2017 ariko ubu akaba afise amahera angana  650.000 mbere akaba amaze no kugura ikibanza co kwubakamwo inzu i Bubanza camutwaye amahera ibihumbi amajana 6 nyene kandi kaba yaraguze n’ikinga akoresha mu kurangura ivyo adandaza muri butike yiwe. Yamenyesheje ko muvyo akora yahaye n’akazi abantu bane muri bo batatu bakaba bamufasha gukora ibitumbura uwundi nawe akadandaza butike. Avuga ko mu ngorane yagize ari uko abo akoresha bamwiba bakavuga ko bakoze ibitumbura bike kandi baba bamaze kubidandaza ariko ntiyahevye ahubwo yahinduye ukugene akora kugira acungere ukugene ivyo bitumbura bikorwa ntibamuhende. Uwugira kabiri nawe yitwa Samuel Kwizera yamenyesheje ko yatanguje umutahe wamahera 96.000 ariko ubu akaba ageze ku mahera agera ku 620.000. Yatanguye kudandaza amakaye ariko umwaka w’ishure uvuyemwo yabonye atagurwa aca atangura kudandaza ubuki mbere ubu akaba yarashizemwo n’isabuni. Uwa gatatu ni umwigeme yitwa Nicole Kezakimana yatanguranye umutahe w’33.000 none ubu ageze ku 98.000. Uwo nawe adandaza ifu y’ubuyi. Uwa kane nawe ni Elsie Iradukunda yatanguje umutahe w’38.000 Yatanguye akora ibitumbura ubu akaba afise inyungu y’ibihumbi 250 kandi umutahe yatanguje uri ku ruhande. Amenyesha ko intambamyi agira ari umwanya muke kuko ategerezwa kuronka umwanya wo kwiga. Umushikiranganji Janvière Ndirahisha yarashimiye ishirahamwe Afrika StarsTimes ryafashije mu guha inyigisho abo banyeshure no kubaronsa umutahe.  Yasavye urwo rwaruka kuzokwitura iryo shirahamwe canke ubushikiranganji hamwe rwoshikirwa n’ingorane muri iyo migambi yabo. 

Epitace Nduwayo

Ouvrir