Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyeshure bangana 93472 nibo bazokora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro

DSC0jao3003Abanyeshure bashika 93472 nibo bazokora  ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, bakazokorera mu bibanza bishika 958. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero, Janvière Ndirahisha, ku wa 25 Rusama 2019, igihe yatanguza umwiherero w’umugwi ugizwe n’abajejwe gutora ibibazo mu ntumbero yo gutegura ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Abanyeshure bashika 93472 nibo bazokora  ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, bakazokorera mu bibanza bishika 958. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero, Janvière Ndirahisha, ku wa 25 Rusama 2019, igihe yatanguza umwiherero w’umugwi ugizwe n’abajejwe gutora ibibazo mu ntumbero yo gutegura ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Umushikiranganji  Janvière Ndirahisha akaba yamenyesheje ko kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2019 ariho batanguye ibikorwa vya mbere vyo gutora ibibazo abanyeshure bo mumwaka w’icenda bazokora. Abarimu batowe bavuye mu gihugu cose bakaba bahuriye mu kigo gicapirwamwo ibitabu vy’ishure (RPP) kugira batore ico kibazo. Bakazohava ku munsi wa nyuma bahejeje gukora ikibazo, ni ukuvuga bazotangura ku wa 11 gushika ku wa 13   Ruheshi 2019. Yaravuze ko itariki 10 yiyumvira ko urwaruka rwegwa n’ico kibazo ariho bazoja kuraba ibibanza bazokoreramwo n’intebe bazokwicarako. Yarongeye aramenyesha ko Reta yari yiyumviriye ko abanyeshure bakoze ikibazo mu mwaka w’2017 no mu mwaka w’2018 batashoboye kuronka amahirwe yo kugitora bogaruka. Abo rero baka bashika ibihumbi 11.Yaravuze kandi ko ata munyeshure azoza ku munsi wa nyuma kuko baronse umwanya uhagije wo kwiyandikisha ku mashure bahorako. Ngo ahazokorerwa ico kibazo hazoba hacungerewe neza kuko abahacungereye bazoba bashika ibihumbi 3752, abazorongora ivyo bibanza bakaba bangana  n’ivyo bibanza nyene ni ukuvuga 958. Amashure yose yo mu gihugu  yegwa n’ico kibazo ashika 2566.  Ico kibazo kikazokorwa mu vyigwa 6. Hariho indimi za mbere arizo igifaransa n’ikirundi, indimi za kabiri arizo icongereza n’igiswahiri. Bazokora kandi ibiharuro, ubuhinga bwa none hamwe n’ubuhinga bwerekeye abantu “sciences humaines,”bakore kandi n’icigwa c’ubuhinga bwo kwiteza imbere« entreprenariat». Yaribukije abegwa n’ico kibazo,abacungera ikibazo yuko ata kamaro ko kubereka kuko baba babagiriye nabi, akabasaba ko  bobareka bakipima.  Ngo abarimu nibamenye ibanga ryo kurera ico arico bongere bamenye ibanga ry’abarezi kugira baramure urwaruka ruciye ubwenge.

Ubushikiranganji bw’indero bwarashikirije ikirangaminsi c’ibibazo vyo mu kwezi kwa Ruheshi
Kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2019, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero Hélménegilde Burikukiye yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gukosora ivyari vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha  kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2019  amenyesha ko ikirangaminsi c’indwi yahariwe gushira mu ngiro ivyo bize ko  gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 14 Ruheshi 2019  cungururijwe kw’igenekerezo rya 3 gushika ku ry’7 Ruheshi 2019 kuko  basanze muri ico gihe hazoba hariko hakorwa ikibazo ca Reta c’abanyeshure bo mu mwaka w’icenda gitegekanijwe kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 13 Ruheshi 2019.

Thérèse Niyonkuru na

Josélyne  Ndayegamiye 
                                                                                                       

Ouvrir