Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yarahaye umubonano intumwa y’igihugu ca Ghana

DSCddfe 0483Kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2019, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarakiriye mu biro iwe, umushikiranganji ajejwe ibijanye n’ibibuga vy’indege n’ibijanye n’indege mu gihugu ca Ghana, Joseph Kofi Adda. Inyuma y’uwo mubonano, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira amenyeshe ivyavuye muri uwo mubonano.Kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2019, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarakiriye mu biro iwe, umushikiranganji ajejwe ibijanye n’ibibuga vy’indege n’ibijanye n’indege mu gihugu ca Ghana, Joseph Kofi Adda. Inyuma y’uwo mubonano, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira amenyeshe ivyavuye muri uwo mubonano.Nzeyimana yamenyesheje ko uwo mushikiranganji wo mu gihugu ca Ghana yarije gusaba Umukuru w’igihugu Nkurunziza ko Uburundi bwoshigikira igihugu ca Ghana kugira hubakweyo ibiro bijejwe gukurikirana  ibijanye no guhanahana ibidandazwa ata matagisi ku mugabane wa Afrika. Ngo umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ababijejwe bagiye kuzobiraba, aca aboneraho kuvuga utugorane tumwe tumwe tuja turaboneka mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika. Ngo umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hakiri ingorane mu bijanye n’ivyaporitike. Kugira ingorane zihere, ngo birakenewe  ko abanyafrika bobona ibintu kumwe, bagakora  neza bumvikana. Ngo nk’akarorero, mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, amafaranga arenga ibice 1/2 bakoresha ava mu bihugu vya Buraya, hanyuma iyo hageze gufata ingingo ivyo bihugu biratanga intumbero y’ibitegerezwa gukorwa. Ngo ivyo vyaragiye biraboneka kuva mu mwaka w’2014 aho ibihugu vya Afrika vyagiye birafatira ingingo Uburundi kandi vyitwa ko biri mw’ishirahamwe rimwe. Nka Mussa Faki, Uburundi bwari bwarashigikiye igihe yitoza mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, ngo mu mwaka w’2018 yagiye arafatanya n’umukuru w’igihugu c’Urwanda igihe yatwara ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika kugira bafatire Uburundi ingingo zitari nziza. Nzeyimana yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi   abona ko naho ibihugu vya Afrika vyahabuje intahe y’ukwikura hakiri agahaze.
Aline Kanyana

Ouvrir