Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA arashimira abagize inyabune ijejwe guhagararira umutekano akaba yabahaye amanota 97,5 kw’ijana

Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarashimiye cane abagize inyabune mu gikorwa co gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, mbere aca abahaye amanota 97,5 kw’ijana aruta ayo baronkejwe mu nama zo kurimbura uko umutekano wifashe mu gihugu zatunganijwe imbere. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, kuwa 7 Rusama 2019, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA arangije inama yo gushishoza ingene umutekano w’ifashe mu gihugu yagiranye n’abaserukira intwaro, ubutungane, umutekano, n’abenegihugu ku murwa mukuru wa komine Mutaho iri mu ntara ya Gitega.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarashimiye cane abagize inyabune mu gikorwa co gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, mbere aca abahaye amanota 97,5 kw’ijana aruta ayo baronkejwe mu nama zo kurimbura uko umutekano wifashe mu gihugu zatunganijwe imbere. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, kuwa 7 Rusama 2019, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA arangije inama yo gushishoza ingene umutekano w’ifashe mu gihugu yagiranye n’abaserukira intwaro, ubutungane, umutekano, n’abenegihugu ku murwa mukuru wa komine Mutaho iri mu ntara ya Gitega.Nk’uko Jean Claude Karerwa yabishikirije abamenyeshamakuru, ngo Umukuru w’igihugu amaze gushikirizwa ingene umutekano wifashe mu gihugu, yaciye afata ijambo atanga impanuro zihambaye zitegerezwa gushirwa mu ngiro n’abo bose bajejwe ikibazo c’amahoro n’umutekano mu gihugu. Ngo ku bijanye n’umuvuduko w’abagendesha imodoka mu mabarabara utuma haba amasanganya, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yatanze impanuro asaba ko abagendesha imodokari ko bogendera ku mivuduko yemewe n’amategeko eka mbere ngo yasavye n’abagendera mu modoka ko bokwama bakebura abazitwara kugira ngo babatware mu bwitonzi. 
Ngo hari abandi bafata inzira yo kwiyahura kubera irwirirana kw’abantu
Aha rero Umukuru w’igihugu ngo yasavye  ko hoba isekeza ryo kwigisha cane kuvyara ku rugero kuko ngo iyo uwavyaye benshi bimunaniye kurera abo yibarutse araheza agaca afata ingingo yo kwiyahura.Kubijanye n’imanza ngo zicibwa ata butungane burimwo, ivyo na vyo bigatumwa n’uko hariho abacamanza batarategera neza akarangamutima k’umwuga wabo, ngo mu gihe hari urubanza biboneka ko rwaciwe ngondagondwe ngo ba buramatari na ba musitanteri bohagararira umunyagihugu bagaca basaba umushikiranganji w’ubutungane kugira ngo aterere mu gufata ingingo kuri urwo rubanza. Ngo abacamanza batisunga gukora umwuga wabo bahagarariye inyungu z’abanyagihugu bazofatirwa ibihano bikomeye. Ikindi ngo kigaragara ni uko abana basigaye banywa ibiyayuramutwe bari mu mashure. Rero ngo abarundi bose bofasha kugirango iyo ngendo ihagarare. Ngo Prezida NKURUNZIZA yasavye kandi guhagararira amahoro n’umutekno ku mbibe z’igihugu na cane cane ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Ikindi ngo cagaragaye muri iyo nama ngo ni uko hari utugwi tw’abantu usanga tugendagenda tuja mu ntara n’izindi kuri ubwo bitazwi ico turiko turakora. Ngo hatanzwe uturorero two mu ntara za Ngozi, Bujumbura, Bubanza na Muyinga usanga haboneka bene utwo tugwi tw’abantu. Ngo abajejwe umutekano bokurikirana hafi utwo tugwi mu kumenya iyo abo bantu baja n’iyo bavuye n’ico bariko barakora. Ngo ikindi Umukuru w’igihugu yasavye ni uko horonderwa uwo wese ari mu gihugu atabifitiye uburenganzira afatwa agusubizwa iyo yaje ava. Ngo hari abandi bokuvira hasi bagahashwa abo nabo ngo ni bamwe bigira abavugishwa baca ivutu abarundi ngo hazoba ibi canke biriya. Eka ngo hari n’abandi bakoresha amaterefone mu kwiba abantu kenshi, baba bapfunzwe. Ngo yaciye asaba ko abakoresha bene ayo materefone bapfunzwe ko boyakwa.Mu kurangiza,  Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yasavye abagize inyabune kugira rwabo umugambi wo gukingira ibidukikije. Ikindi yasavye ngo n’uko abarundi bose bokwitegurira amatora meza yimirije. Ngo nivyagarara ko hari indongozi sindabibazwa iriko ikora nabi muri kino gihe twimirije amatora ngo izoca ibogozwa.Mwomenya ko iyo nama yo gushishoza ingene amahoro n’umutekano vyifashe mu gihugu yakurikiye iyabereye mu ntara ya Kayanza ku wa 22 Ruhuhuma 2019.

Nathan Ntahondi

Ouvrir