Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI: Abarundi bose basabwa gushigikira umugambi wo gutsimbataza demokarasi no kwitaba amatora yo mu 2020

sdzUmugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI wipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2020 aba ku mugaragaro, aba meza gutyo akavyara amahoro n’umutekano. Ivyo vyamenyeshejwe n’ umukuru w’umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI)Pierre Claver Kazihise ku wa 7 Rusama 2019 igihe yariko araremesha ibiganiro kuri abo bose begwa n’amatora mu gisagara ca Bujumbura. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI wipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2020 aba ku mugaragaro, aba meza gutyo akavyara amahoro n’umutekano. Ivyo vyamenyeshejwe n’ umukuru w’umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI)Pierre Claver Kazihise ku wa 7 Rusama 2019 igihe yariko araremesha ibiganiro kuri abo bose begwa n’amatora mu gisagara ca Bujumbura. Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama yamenyesheje ko ubu ari igihe c’imbere y’amatora aho hageze gutegura imitima y’abarundi kugira bayajemwo atakibahungabanya. Yarongeye amenyesha ko buzoba bubaye ubwa mbere amatora yo mu mwaka w’2020 azotunganywa bisunze Ibwirizwa Shingiro rishasha Abarundi biyemereje mu mwaka w’2018. Muri ayo matora abarundi barerekanye isura ryiza mu kurangura uwo murimo mu bwitonzi n’amahoro. Amatora yimirije nayo azoba ari akaryo keza ko kwerekana intambwe nyayo igihugu kigezeko mu mibano no gutegera intwaro rusangi. Yamenyesheje ko ari muri iyo ntumbero umugwi CENI wateguye gushikira abarundi benshi bashoboka mu ntumbero yo kwibukanya uruhara rw’umwe umwe wese mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kugira ayo matora azogende meza. Aho rero izo nyigisho zatunganijwe kugira bahanahane ivyiyumviro no kurabira hamwe inyifato ibereye mu gihe c’amatora, imbere yayo n’inyuma yayo hamwe no kubishira mu ngiro. Yamenyesheje ko ku magenekerezo ya 12 na 13 Ntwarante 2019 ariho batanguza isekeza ry’ibiganiro vyo gutsimbataza intwaro rusangi. Ivyo biganiro ngo vyarabaye mu ntara 14 aho bashoboye kubonana n’abanyagihugu bo mu makomine yo muri izo ntara barenga ibihumbi 22. Ico gihe bakaba bariko barasozera mu ntara z’uburengero bw’igihugu imbere yuko bihweza ukugene vyagenze n’icokorwa mu nyuma. Izo nama kandi zizobera no muri za kaminuza mu ntumbero yo gushikira abantu benshi. Yarongeye amenyesha ko amatora ari kimwe mu biranga itwaro rusangi, iyo nayo igatuma amatora agenda neza. Bisubiye ngo nta ntwaro rusangi ibaho ata matora atunganijwe kandi amatora yirebanga ntatosheje kugira intwaro rusangi ibeho ari naco gituma ari nkenerwa ko abarundi bama bibukanya ishimikiro ry’intwaro rusangi. Iyo nayo ikaba irangwa no kwubaha agateka ka zina muntu, ishaka ry’abanayagihugu no kugendera ku mategeko. Abarundi barashobora kwibaza akamaro k’ivyo biganiro ariko mu bihugu bitari bike birakunze kuboneka ko mu matora hibonekeza inyifato zitabereye, aho ubwoba buvyuka, hakaduka amatati mbere bigashika hakagira n’abahohoterwa. Ivyo ngo bitumwa n’uko hari abantu baba batarategera  neza agateka umuntu wese afise, uburenganzira afise canke ivyo umwe umwe wese ategerezwa. Kenshi ne kenshi kandi biva ku kutamenya canke kubera habuze ikiyago. Yarongeye amenyesha ko mu biranga intwaro rusangi ikiyago cama kiza imbere, ico naco kigashika ku ngingo zipfunditswe gutyo bakazikurikiza. Ico kiyago gishobora kandi kurema ahagati y’abantu mu gihe basoneranira, igihe uburenganzira bw’umwe umwe bwubahirijwe kandi babwumva kumwe, ata n’uwirengangije amategeko. Intwaro rusangi ntiraba imibano ya poritike gusa, ni imibano ya minsi yose mu bantu. Intwaro rusangi imaze gutsimbatara, abantu barizerana kandi igihugu kigatera imbere. Mu gihe habaye impari naho bica muri ca kiyago. Intwaro rusangi itunganiriza bose igashikana ku nyungu rusangi; iyo nayo akaba ari iterambere ry’abarundi n’Uburundi. Yarongeye amenyesha ko ivyo biganiro bihuza urwaruka, indongozi, abanyamigambwe, abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, abakozi b’Imana n’abandi kugira baganire ku bijanye n’agateka ka zina muntu n’intwaro rusangi. Ivyo navyo bisaba ko amajambo akoreshwa yotumbera akirinda kuba isoko ry’amatati, biyibutse imitego y’uruhendo, biyibutse gukinga amatati no kuyatorera umuti igihe yadutse. Ivyo vyose ngo ni ukugira amatora yimirije azobe mw’ituze n’umutekano ari naryo hangiro ry’umugwi CENI. Mu biranga amatora meza ni uko atungunywa akongera akaba ku mugaragaro ku buryo hataba akarigangamuhogo. Ibwirizwa rigenga amatora niryashirwako umukono n’Umukuru w’igihugu ngo bazoca bashira ahabona ikirangaminsi cerekana ibikorwa vyose bitegekanijwe gushika amatora atunganywe yongere ahere. Yipfuza ko amatora nyezina yoshika abarundi bose baratahuye ko atari igihe co kuryana no gucanamwo ahubwo ari igihe co gucagura imigambi yabanyuze ata musunikano, ata gitsure. Amatora nk’ayo rero atera iteka abanyagihugu, abahiganwa hamwe n’igihugu. Pierre Claver Kazihise yateye akamo urwaruka ngo rureke gutwarwa n’ibitagira akamaro na banzojiyobiri kuko inyungu y’intwaro rusangi ari iyabo. Amashirahamwe yigenga na cane cane ayashaka gukangurira abarundi amatora kutavuga indimi zibiri. Akipfuza ko amatora yo mu 2020 yoba azira uburyarya, avyara amahoro agatera iteka Uburundi.Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura nawe mw’ijambo ry’ikaze yamenyesheje ko amatora agenze neza biha agaciro abanyagihugu n’igihugu mu makungu. Bituma banyagihugu bizerana n’abatowe bizerwa. Bisubiye ngo matora ateguwe neza araheza kagenda neza. Mu nyuma harashikirijwe ibiganiro 5 nk’isano riri hagati y’intwaro rusangi, amatora n’amahoro; imvugo ibereye muri poritike; ingaruka mbi z’uruhendo mu matora; gukinga amatati ajanye n’amatora hamwe n’uburorerezi bw’amatora.

Epitace Nduwayo 

Ouvrir