Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubwoko bw’amasaka yo mu Burundi bushika 50 bugabuyemwo ayera n’ayatukura

Ubwoko bw’amasaka burimwa mu Burundi bushika 50 nk’uko vyavuye mu bushakashatsi n’itohozwa ryakozwe n’abahinga b’ikigo ISABU hagati y’umwaka w’2005 n’umwaka w’2006. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuhinga w’umushakashatsi mu kigo ISABU mu gisata c’ibinyantete kirimwo ingano, umuceri, ibigori n’amasaka, Espérance Harindavyi aho yanonosoye ibijanye n’igiterwa c’amasaka n’ibidukikije; muri ubwo buhinga hakaba harimwo ugukingira ibinyabuzima harimwo n’amasaka, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 3 Rusama 2019. Ubwoko bw’amasaka burimwa mu Burundi bushika 50 nk’uko vyavuye mu bushakashatsi n’itohozwa ryakozwe n’abahinga b’ikigo ISABU hagati y’umwaka w’2005 n’umwaka w’2006. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuhinga w’umushakashatsi mu kigo ISABU mu gisata c’ibinyantete kirimwo ingano, umuceri, ibigori n’amasaka, Espérance Harindavyi aho yanonosoye ibijanye n’igiterwa c’amasaka n’ibidukikije; muri ubwo buhinga hakaba harimwo ugukingira ibinyabuzima harimwo n’amasaka, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 3 Rusama 2019. Yamenyesheje ko muri ico kigo bakoze ubushakashatsi ku bwoko bw’amasaka mu Burundi n’ukugene bwitwara. Akaba yavuze ko ubwoko bw’amaska buba mu Burundi ari bwinshi mw’itohozwa ryabaye mu mwaka w’1982 abahinga bari batoye ubwoko bushika 170, hanyuma imbere y’umwaka w’2005 ikigo ISABU kirasubira gukora ubushakashastsi gitora ubwoko burenga 100. Hagati y’umwaka w’2005 n’umwaka w’2006 ikigo ISABU carasubiye kirakora ubushakashatsi n’uwo muhinga arimwo bashika ku bwoko 50.  Umushakashatsi  Espérance Harindavyi yarongeye amenyesha ko muri ayo masaka harimwo ayera n’ayandi atukura ariko hakaba n’ayandi ari hagati na hagati. Ku bijanye n’amasaka yimbuka yamenyesheje ko yose yimbuka ariko bikavana n’ukugene umurimyi ayateye, ukugene ayabungabunze n’intara ayateyemwo. Ubundi hoho ngo amasaka yera yimbuka hose kandi n’amasaka atukura yimbuka hose. Naho biri uko ngo ahanini amasaka yera ahanini ngo yimbuka mu kiyaya c’Imbo, mu Kumoso mu  Bugesera n’igice c’Ubuyogoma.Amasaka atukura nayo akimbuka mu ntara kama zifise imitumba yisununuye gatoya nko mu Bututsi, Ikirimiro, Uburagane mbere no mu Bugesera. Arongera akameyesha ko kuva kera amasaka yera ariyo bacumbamwo ubugari, bagakoramwo n’umusururu, nayo amasaka atukura bayakoramwo inzoga y’impeke.Ku kubona naho abarundi batacijukira cane kurima amasaka, amenyesha ko ahanini bituruka ku kugene abarundi babayeho muri kino gihe ibintu biguma bihindagurika kuko kera abantu barya ubutsima bw’amasaka bari benshi ariko abakiburya ni bake cane. Ahanini ubu amasaka bayakoramwo inzoga z’impeke bakongera bakayabereza izindi nzoga nk’urwarwa. Ikindi gituma batacijukira kurima masaka ngo ni uko isi ndimwa yaze biturutse kw’irwirirana ry’abantu. Bisubiye kugira umuntu agaburira umuryango adafise ahantu hanini arima bisigaye bigoye, vyumvikana ko baca bashira inguvu nyinshi mu kurima ibigori, ibiharage, imyumbati n’ivyo vyose vyinjira mu ngaburo ya minsi yose gutyo amasaka agaca ahabwa ikibanza kibayabaye. Ivyo bituma amasaka atacinjira mu ngaburo ya minsi yose ku barundi, ikindi akaba ari ikijanye n’imbuto zatitutse mbere n’amatonga akaba yaratitutse kubera kurimwa igihe cose. Mu kigo ISABU hakorwa vyinshi ku bijanye n’ubushakashatsi mu kuraba ukugene ubwo bwoko bw’amasaka yimbuka n’ukugene arwara, ukugene afumbirwa. Kuyafumbira naho ngo bivana n’isi uyateyeko ari naho bamenya igipimo c’ifumbire y’ikizungu n’iy’ibitungwa bakoresha. Aho naho ahanini bahimiriza abarimyi gukoresha ifumbire y’ibitungwa. Ikigo ISABU rero ngo kirakora n’ubushakashatsi ku ndwara zifata amasaka; izo nazo zikaba ziri mu migwi itatu. Hari indwara zifata amasaka ku mababi, iya mbere akaba ari iyo bita ingese canke urukarakara, hakaba n’iyindi nyene ifise utuzingi tunini ku mababi tumeze nk’ubushe mu muvugo y’ubuhinga bakayita ‘Hementhosporiose’ nayo nyene ikaba ibangamira amasaka. Indwara zo mu mugwi ugira kabiri ni izifata ku mishi, iyikaze ikaba ari iyo mu Kirundi bita “Ibinofa ’charbon”. Iyindi ndwara ifata umutumba ariyo bita mpongwa isanzwe ikarira amasaka n’ibigori, iyo nayo ikaba iterwa n’urunyo ruja mu mutumba isaka rigaca ribora. Amenyesha ko izo ndwara zose zidafise imiti ariko hakaba ubuhinga bahimiriza nko ku bijanye n’izo ndwara zo ku mamabi, aho bahimiriza abarimyi gutera imbuto zizirinda kuko imiti yo gupompa ipfupfahaza ariko idakize. Amasaka yera ahanini ngo niyo arinda iyo ndwara, ayatukura nayo akaba ariyo akarirwa. Naho biri uko amenyesha ko izo ndwara zo ku mababi ahanini zidatuma umwimbu ugabanuka cane. Indwara zituma umwimbu ugabanuka ngo ni indwara zo ku  mitumba y’amasaka nk’ibinofa n’impongwa ariko iyi ya nyuma bakaba bayipompa n’umuti witwa ‘fenithrothion’. Ku bijanye n’akamaro k’amasaka mu ngaburo,  umuhinga Espérance Harindavyi  amenyesha ko yababanwa n’ibigori kuko afise ingaburo ntanganguvu zishika ku bice vyababa 14 kw’ijana mu gihe ibigori bishikana ibice 15 kw’ijana. Amasaka kandi ngo arafise n’ingaburo nsanganyangaburo na cane cane amasaka yera kuko ifu yayo iri mu buyi utayitandukanya n’iy’ibigori. Mu masaka yera arimwa cane mu Burundi harimwo ayitwa Gambella ari nayo ishirahamwe Brarudi riganamwo inzoga ya Nyongera, hakaba ayitwa 5Dx60 hamwe na IS91. Mu masaka atukura naho hari SVR8 na SVR157. Ayo bita urubere mu Burundi akaba ariyo ahanini bacumbamwo umutsima.

 Epitace Nduwayo   

Ouvrir