Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu makomine ya Mwumba na Gashikanwa Prezida NKURUNZIZA yarifatanije n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi

doctaUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarifatanije n’abanyagihugu bo mu makomine ya Mwumba na Gashikanwa ari mu ntara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi, vyatunganijwe ku wa 6 Rusama 2019.Akaba yatanguriye ivyo bikorwa ku musozi Gitwa, muri zone Gatsinda,Komine Mwumba aho bariko babandanya ibikorwa vyo kwagura ivuriro rifise ivyumba vy’uburaro bw’abaforoma, ivyumba vyo kwakiriramwo abavyeyi bibarutse n’ivyo kwakiriramwo abarwayi.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarifatanije n’abanyagihugu bo mu makomine ya Mwumba na Gashikanwa ari mu ntara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi, vyatunganijwe ku wa 6 Rusama 2019.Akaba yatanguriye ivyo bikorwa ku musozi Gitwa, muri zone Gatsinda,Komine Mwumba aho bariko babandanya ibikorwa vyo kwagura ivuriro rifise ivyumba vy’uburaro bw’abaforoma, ivyumba vyo kwakiriramwo abavyeyi bibarutse n’ivyo kwakiriramwo abarwayi.Ivyo bikaba vyashikirijwe na musitanteri wa Komine Mwumba, Emmanuel Ndayizeye. Inyuma yaho, Prezida NKURUNZIZA yabandanirije ibikorwa rusangi vy’uwo munsi muri komine Gashikanwa, aho yifatanije n’abanyagihugu bariko bubaka iamasomero atandatu y’ishure nshingiro riri ku  musozi Mafuro muri zone Gashikanwa, komine Gashikanwa,aho bariko bakomeza hasi bakoresheje isima muri ivyo birasi.

Nathan Ntahondi

Ouvrir