Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri birabandanya gutsimbataza imigenderanire mu gisata c’amagara y’abantu

arrrrMu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri,ku wa 8 Rusama 2019 igihugu ca Misiri , kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi, carashikirije imfashanyo ivuriro “Dunamai Medical Center” vyo muri zone Gihosha,komine Ntahangwa,mu gisagara ca Bujumbura.Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’ibikoresho vyo mu cumba bakoreramwo abarwaye.Mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri,ku wa 8 Rusama 2019 igihugu ca Misiri , kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi, carashikirije imfashanyo ivuriro “Dunamai Medical Center” vyo muri zone Gihosha,komine Ntahangwa,mu gisagara ca Bujumbura.Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’ibikoresho vyo mu cumba bakoreramwo abarwaye.Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyari bihagarikiwe, ku ruhande rw’Uburundi n’umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Bernard Ntahiraja, igihugu ca Misiri kikaba caserukiwe n’uwugiserukira, umupfasoni Abeer  Bassiouny Radwan.Mw’ijambo ryiwe , Bernard Ntahiraja yarashimiye kw’izina rya Reta y’Uburundi igihugu ca Misiri caronkeje iryo vuriro iyo mfashanyo ngirakamaro kw’ivuriro “Dunamai Medical Center”,ikimenyetso kiranga imigenderanire myiza isanzwe hagati y’ivyo bihugu.Nk’uko Bernard Ntahiraja yabandanije abivuga,ngo ubushikiranganji  bwamutumye burahimbarwa n’uko igihugu ca Misiri citaba akamo gaterwa na Reta y’Uburundi kugira kibandanye kishigikira igihugu c’Uburundi n’abanyagihugu biciye mu gisata c’amagara y’abantu narirya basanzwe bafashanya mu  bisata bitari bike haba mu ndero, amagara y’abantu, amasoko ntanganguvu, umuyagankuba n’ibindi. Niko guca amenyesha ko iyo migenderanire iri hagati y’ivyo bihugu yavuye ku bintu Imana yagize kuko hasanzwe hariho uruzi runini Nil rutuma abanyamisiri babaho isoko y’urwo ruzi nayo rikaba mu gihugu c’Uburundi. Yarakeje abagize umugambi mwiza wo gutangura kuvura abantu kuko ari umugambi mwiza aca  menyesha ko mu bushikiranganji batazohengeshanya kuza barashigikira abafise imigambi nk’iyo mu kubavugira kuko bituma abenegihugu bagira amagara meza, ivyo navyo ngo bigaca bishigikira umugambi w’iterambere w’igihugu kuko abadafise amagara meza batoshika ku mugambi w’iterambere rirama. Yaciye abatera intege ngo babandanye imigambi myiza, Reta nayo ngo ntaco itazokora kugira ibashigikire kuko bariko bakora ibikorwa vyiza, arongera akeza abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura na cane cane abo muri komine Ntahangwa ku ngabire baza bararonka. Yaranasavye ko muri ico gikorwa ciza co guterera agacumu k’ubumwe mu gisata co gukora abantu, abavyeyi bibaruka bobandanya bashigikira iyo migambi no kubandanya babungabunga ingabire baronse bongera bavyitwararika. Yarateye akamo abazoba bafise imigambi myiza nk’iyo kubandanya bashigikira imigambi myiza. Uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi, Dr Abeer Bassiouny Radwan nawe yamenyesheje ko hambavu y’iyo ngabire yari azanye n’ibintu bizofasha abasanzwe bafise indwara y’umwingo bigizwe n’umunyu uhinguye, ifarini, amavuta, n’ibindi kuko bikenewe ariko ngo igihambaye kukaba kwari ukugira bashobore kubaha uwo munyu uhinguye kuko ariwo urinda umwingo kandi ngo n’ishirahamwe riraba amagara y’abantu kw’isi OMS rikaba rivuga ko hariho ingorane y’umwingo. Yaciye abasaba ko ku munsi ku munsi boza barashiramwo mukeyi mu mfungurwa. Yamenyesheje ko bazokwama hafi y’igihugu c’Uburundi n’abanyagihugu kuko banywa amazi amwe kandi asanzwe ava mu Burundi akaruhukira muri Misiri.Umupfasoni nawe yashinze iryo vuriro, Espérance Mpawenimana  yamenyesheje ko ico kigo catanguje wa mugambi wa Reta wo kuvuza ku buntu abana batarakwiza imyaka itanu hamwe n’abavyeyi bibungenze. Yarashimye iyo ngabire ngirakamaro ku cumba bakoreramwo abanrwanye, bari bahejeje kuronswa, aca aranamenyesha n’uko umurwayi bizoba vyanse aje kwibaruka ubu bagiye kuzoca bamukora mu mwanya muto kubw’ivyo bikoresho baronkejwe. Yaranamenyesheje ko iciyumviro co gutanguza ico gisata cavuye ku kuntu hariho abanyagihugu bari bugarijwe n’ubukene n’irwirirana ry’abana n’abavyeyi bitura ivyo bitaro baca bagira iciyumviro co kugira ico gisata c’ibagiro. Ngo ikigo kijejwe gufashanya ca Misiri, kibicishije mu mugambi wa Reta wo kuvuza ku buntu abana batarakwiza imyaka itanu no gufasha abavyeyi kuvyara ku buntu baciye batanga imfashanyo igizwe n’ivyankenerwa mu gisata kijejwe kwakira abakenyezi b’ibungenze, iyo mfashanyo nayo ikazoza gufasha abanyagihugu ndetse n’igihugu c’Uburundi. Ikindi yamenyesheje ni uko iryo vuriro rizofasha abanyagihugu baho kuko bahora bafata ingendo nini mu gushika iyo bahora bivuriza.  Yaheraheje ashimira igihugu ca Misiri co ciyumviriye gufasha kugira iryo vuriro ribandanye rironka ivyankenerwa bifasha abarwayi. Ikindi twobamenyesha ni uko uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi yaciye agendera irerero ry’impfuvyi “OASI muvyeyi w’urukundo” riri aho nyene mu Gihosha aho yari agiye abashiriye umunyu uhinguye, umuceri n’ibindi.
Evelyne Niyonzima

Ouvrir