Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igisagara ca Bujumbura kirageramiwe n’inzuzi hamwe n’ibihomoka

epitUmugwi w’igihugu ujejwe gukinga impanuka no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe waragize urugendo mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba inyubakwa nk’inzu z’abantu, amashure n’amasengero bibangamiwe n’inzuzi hamwe n’ibihomoka hadasizwe.  Icegera c’umuyobozi mukuru ajejwe gukinga impanuka no gutabara mu gihe c’isibe n’ibiza, Anicet Nibaruta yamenyesheje ko inyuma y’urwo rugendo bazotunganya icegeranyo bazoshikiriza umushikiranganji ajejwe umutekeno, gukinga impanuka  no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bongere bahe ikopi umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uwujejwe ibikorwa vya Reta n’uwujejwe agateka ka zina muntu no gushigikirana kugira bagishikirize mu Nama Nshikiranganji ibikorwa vyihuta vyoca bikorwa ibintu bitarunyuka.Umugwi w’igihugu ujejwe gukinga impanuka no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe waragize urugendo mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba inyubakwa nk’inzu z’abantu, amashure n’amasengero bibangamiwe n’inzuzi hamwe n’ibihomoka hadasizwe.  Icegera c’umuyobozi mukuru ajejwe gukinga impanuka no gutabara mu gihe c’isibe n’ibiza, Anicet Nibaruta yamenyesheje ko inyuma y’urwo rugendo bazotunganya icegeranyo bazoshikiriza umushikiranganji ajejwe umutekeno, gukinga impanuka  no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bongere bahe ikopi umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uwujejwe ibikorwa vya Reta n’uwujejwe agateka ka zina muntu no gushigikirana kugira bagishikirize mu Nama Nshikiranganji ibikorwa vyihuta vyoca bikorwa ibintu bitarunyuka.Anicet Nibaruta yavuze kandi ko urwo rugendo barukoze mu ntumbero yo gutera akamo abo bose bafise ico boterera kugira izo nyubakwa zisanurwe vyihuta. Yarongeye amenyesha ko n’umugende w’amazi uri munsi ya Nkenga-Busoro muri zone Kanyosha wuzuye bigatuma amazi atera karitiye ya Kajiji, ubu bikaba bikenewe ko uziburwa vyihuta. Ivyo bikorwa rero ngo birarengeye amaboko y’abantu kuko bisaba imashini. Muri zone Gikungu naho hari akagezi kitwa Nyenzari kamaze gutuma inzu zishika 20 zibomoka, abahaba bakaba baramaze guhunga n’izindi zishika 12 zigeramiwe. Yarongeye amenyesha ko Nyamanogo muri komine Mirango ya kabiri muri zone Kamenge kare wari umutumba ufatanye ariko ubu hari imanga ku buryo hasigaye ahari uruzi mbere n’imiringoti y’ishirahamwe REGIDESO igeramiwe. Amenyesha ko abahinga bababwira ko hamwe atacokorwa mu maguru masha amahera y’ivyo bikorwa yoca yiyongera kuko ibintu vyoba vyamaze kuyangara. Yamenyesheje ko ishirahamwe ABUTIP, n’umugwi w’igihugu ujejwe gutabara mu gihe c’isibe n’ibiza hamwe n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge -Burundi bariko barakora ikarata kugira bamenye neza ahantu hose hafise ingorane. Ivyo bakaba bavyiyumviriye bivuye ku ngorane zabaye muri Gatunguru gutyo ntibazohave bibuka kwikangura ibintu vyayangaye. Iyo karata izotuma izo manga zubakwa kugira ivyononekara bigabanuke.  Yarongeye amenyesha ko ahanini amazi ageramiye igisagara ca Bujumbura ava mu misozi ihanamiye ico gisagara kandi hasanzwe hari isi yoroshe. Ngo birakenewe yuko icigwa gitunganywa n’abahinga batandukanye kugira habe iterambere rirama ry’igisagara ca Bujumbura. Yarongeye amenyesha ko hagiye gushirwaho umugwi utororokanya imiryango igeramiwe n’ivyo bihomoka n’inzuzi, uce ubaha n’intumbero y’aho boba barashira abo bantu. Bazoheza basabe na Reta kuraba ukugene yofasha abo bantu kugira baronke ahandi baba kuko izo nzu ziriko zirasambuka bazubatse basavye ingurane amabanki.  Ivyo navyo ngo bikaba vyoca muri wa mugambi wo gufatana mu nda nka kurya bafashije abateshejwe izabo n’imyuzurira yabaye i Cashi no mu Gitaza mu mwaka w’2015 bakabajana mu Kigwena muri komine Rumonge. Umwigisha wo muri kaminuza akaba n’umuhinga mu bijanye n’ibidukikije Jean Marie Sabushimike yamenyesheje ko hageze ko ibintu biva mu mvugo bikaja mu ngiro. Kubera ivyo bikorwa bisaba uburyo bwinshi cane. Amazi yo muri izo nzuzi aza afise inguvu kubera inkukura agaca abomagura inkombe. Ivyo navyo ngo biva ku kugene abantu batunganya amatongo haba mu kwubaka canke mu kurima. Avuga ko Reta ikwiye gukoranya abahinga bafise ubumenyi butandukanye kugira bakore icigwa, basohore n’igitabu Reta yokwisunga mu gutunganya ibisagara.  Ico gitabu ngo coza cerekana n’ukugene igisagara ca Bujumbura kibangamiwe mw’iterambere ryaco rirama. 

Epitace Nduwayo

Ouvrir