Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu ca Turukiya ciyemeje gufasha Uburundi mu bisata vy’amasoko ntanganguvu n’uburimyi

fgdsIcegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yarahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Turukiya  mu Burundi, Serap Ataay. Muri uwo mubonano bakaba baganiriye ibijanye n’imigenderanire n’ugufashanya hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Hari ku wa 2 Rusama 2019.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yarahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Turukiya  mu Burundi, Serap Ataay. Muri uwo mubonano bakaba baganiriye ibijanye n’imigenderanire n’ugufashanya hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Hari ku wa 2 Rusama 2019.Inyuma y’uwo mubonano, umuvugizi w’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Callixte Nsinzinkayo yamenyesheje ko Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu yahaye ikaze yongera atera intege uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi, amumenyesha ko ico azokenera cose bazoheza bakakimufasha. Ikindi naco bavuganye ni ikijanye n’ugufashanya hagati y’Uburundi na Turukiya na cane cane ko ico gihugu ubu gifise icicaro mu Burundi, ngo hari ikizoheza kikiyongerako mu bijanye no gukomeza ubucuti naho ivyo bihugu uko ari bibiri vyari bisanzwe bifitaniye imigenderanire myiza. Ivyo bihugu ngo vyari bisanzwe bihanahana ibidandazwa kandi ngo bigiye kubandanya. Ico gihugu rero ngo kikaba cipfuza gufasha ahanini mu gisata c’amasoko ntanganguvu aho ngo ni nko mu kuzana umuyagankuba ukoresha imishwarara y’izuba. Callixte Nsinzinkayo yamenyesheje ko uwo mugambi wo gukoresha umuyagankuba ukoreshwa n’imishwarara y’izuba ari mwiza kuko ngo wofasha cane abanyagihugu na cane cane ko abarundi bakenye inkwi bakoresha mu guteka. Uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi, Serap Ataay yamenyesheje ko hari n’ibindi bisata ico gihugu ciwe cipfuza gufashamwo. Aho ngo ni nko mu gisata c’uburimyi abarundi bakenera cane, inyubako hamwe no mu gisata c’ubudadanji. 

Estella Niyongere       

Ouvrir