Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Bururi Abavyeyi bo mu ntara ya Bururi bahamagariwe gukundisha amashure abana babo

bururUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA  atera akamo abavyeyi bo mu ntara ya Bururi gukundisha amashure uruvyaro rwabo kuko ngo ubutunzi bwa mbere ari ubwenge kandi imirimo ikomakomeye irangurwa n’incabwenge. Iyo ntara rero ngo harageze ko yikubita agashi urwaruka rwo mu mashure ruhiganwe n’urundi rwaruka nk’uko vyamye muri kahise. Ubwo butumwa Umukuru w’igihugu akaba yabutanze inyuma y’aho buramatari w’intara ya Bururi amenyesheje ko muri ca kibazo giha abanyeshure uburenganzira bwo gutangura amashure y’inyuma y’ishure shingiro, intara ya Bururi yasumbije intara ya Mwaro gusa. Iryo jambo, Umukuru w’igihugu yarishikirije, ku wa 11 Ndamukiza 2019, inyuma y’aho yari ahejeje kwifatanya n’abanyagihugu bo ku mutumba Burarana, muri komine n’intara ya Bururi, ahariko hubakwa ishure ry’imyuga ku ntererano y’imvukira z’iyo ntara, ishure rizoba rigizwe n’inyubakwa igeretse kane. Muri ivyo bikorwa vyari bijanye no gucanga urucekeri n’isima vyo kwubaka inkingi z’inyubakwa zizoba zigize ishure ry’imyuga ryo ku Ruyaga, inyubakwa zizoba ari zitatu zigeretse kane (3 blocs de quatre niveaux). Iryo shure rizoba rifise uburaro, ngo bategekanya kwigisha ibisata ngirakamaro ku munyagihugu.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu bari bitavye ivyo bikorwa, Umukuru w’igihugu yabateye akamo ko gukorera hamwe , basenyere ku mugozi umwe. Yarashimiye imvukira z’intara ya Bururi, kubona bariko bariyubakira inyubako zitandukanye nko kuronsa amazi meza abanyagihugu, amashure, ubu naho bakaba bategekanya kwiyubakira ikibuga c’inkino ca kijambere muri komine  Mugamba, ikibuga kizokwubakwa ku muriyaridi n’igice w’amafaranga y’amarundi. Uwo mugambi wo kwubaka ico kibuga ngo uje hageze kubera ko iyo ntara isanzwe ivamwo abanonotsi benshi, bateye iteka igihugu muri kahise.  Aho Umukuru w’igihugu akaba yaragarutse ku mazina amwe amwe nka ba Dieudonné Kwizera, Aloys Nizigama, Venuste Niyongabo, n’abandi. Muri uwo mugambi wo kwubaka ico kibuga ca kijambere, Umukuru w’igihugu akaba yarabemereye intererano, aho yabemereye intebe za kijambere zose zizoba ziri muri ico kibuga hamwe n’amabati yose azoba akenewe yo kugisakara.  Aho muri ivyo bikorwa nyene, intumwa zo mw’ishirahamwe HUAWEI zigizwe n’abashinwa baratanze imifuko y’isima 200 yo gufasha kwubaka iryo shure ry’imyuga ryo ku mutumba wa Burarana. Abo bashinwa akaba yabasavye ko bobandanya gushigikira iryo shure mu kurironsa imashini nyabwonko kugira abanyeshure  bazohigire ubuhinga bwa none. Nk’uko yama abikora no mu zindi ntara, Umukuru w’igihugu akaba yarabemereye ko azobaronsa ibikoresho bigizwe n’amabati, isima hamwe n’ivyuma vyo kwubaka. Mu mpanuro yahaye abanyagihugu bari ngaho, yasavye abavyeyi gukundisha amashure uruvyaro rwabo. Ngo igihugu gikeneye incabwenge mu bisata bitandukanye. Vyongeye, ngo bakunde igihugu cacu, kuko ngo umuntu agira igihugu kimwe, bagiteze imbere mu kubungabunga ibidukikije. Muri ico gisata c’ibidukikije, yarahashimikiye cane, aho yamenyesheje abari aho ko Uburundi arico gihugu gifise amasoko menshi y’amazi kw’isi, aho ngo gifise amasoko ashika ibihumbi 23. Ariko ngo kuri ayo masoko, ayashika 2500 aramaze gukama hamwe n’ayandi 3000 ariko arakama, arico gituma umunsi wa kane mu ndwi wahariwe gukingira ibidukikije. Imana ngo yaduhamagariye kubungabunga ivyo yaremye, n’ibidukikije birimwo. Akaba yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abanyabururi kugira umugambi « Ewe Burundi urambaye », uwabo, bakingire ibidukikije. Ivyo bidukikije bititaweho, ngo mu myaka 20 iri imbere, Uburundi burashobora kuzoba bwabaye ubugaragwa. Mu bintu bituma amazi akama, yabamenyesheje ko ibiti vy’imikaratusi biteye hafi y’amasoko bituma ayo masoko akama, aho yanabamenyesheje ko hari umugambi wo kurandura ubwo bwoko bw’ibiti biteye ahari amasoko y’amazi, ahubwo biteragirwe hejuru ku misozi. Imbere y’ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi, Umukuru w’igihugu yaragendeye umurwizambuto wa kijambere, aho ariko aragwiza imbuto za mbere z’ibiraya hamwe n’ibigori, i Kiremba, mu ntara ya Bururi. Tubamenyeshe ko muri urwo rugendo Umukuru w’igihugu yagize mu ntara ya Bururi, imvukira z’iyo ntara zamugabiye inka z’ikizungu zitanu zifise amezi hamwe n’ibiseke vy’ibifungurwa biziherekeje.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA  atera akamo abavyeyi bo mu ntara ya Bururi gukundisha amashure uruvyaro rwabo kuko ngo ubutunzi bwa mbere ari ubwenge kandi imirimo ikomakomeye irangurwa n’incabwenge. Iyo ntara rero ngo harageze ko yikubita agashi urwaruka rwo mu mashure ruhiganwe n’urundi rwaruka nk’uko vyamye muri kahise. Ubwo butumwa Umukuru w’igihugu akaba yabutanze inyuma y’aho buramatari w’intara ya Bururi amenyesheje ko muri ca kibazo giha abanyeshure uburenganzira bwo gutangura amashure y’inyuma y’ishure shingiro, intara ya Bururi yasumbije intara ya Mwaro gusa. Iryo jambo, Umukuru w’igihugu yarishikirije, ku wa 11 Ndamukiza 2019, inyuma y’aho yari ahejeje kwifatanya n’abanyagihugu bo ku mutumba Burarana, muri komine n’intara ya Bururi, ahariko hubakwa ishure ry’imyuga ku ntererano y’imvukira z’iyo ntara, ishure rizoba rigizwe n’inyubakwa igeretse kane. Muri ivyo bikorwa vyari bijanye no gucanga urucekeri n’isima vyo kwubaka inkingi z’inyubakwa zizoba zigize ishure ry’imyuga ryo ku Ruyaga, inyubakwa zizoba ari zitatu zigeretse kane (3 blocs de quatre niveaux). Iryo shure rizoba rifise uburaro, ngo bategekanya kwigisha ibisata ngirakamaro ku munyagihugu. Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu bari bitavye ivyo bikorwa, Umukuru w’igihugu yabateye akamo ko gukorera hamwe , basenyere ku mugozi umwe. Yarashimiye imvukira z’intara ya Bururi, kubona bariko bariyubakira inyubako zitandukanye nko kuronsa amazi meza abanyagihugu, amashure, ubu naho bakaba bategekanya kwiyubakira ikibuga c’inkino ca kijambere muri komine  Mugamba, ikibuga kizokwubakwa ku muriyaridi n’igice w’amafaranga y’amarundi. Uwo mugambi wo kwubaka ico kibuga ngo uje hageze kubera ko iyo ntara isanzwe ivamwo abanonotsi benshi, bateye iteka igihugu muri kahise.  Aho Umukuru w’igihugu akaba yaragarutse ku mazina amwe amwe nka ba Dieudonné Kwizera, Aloys Nizigama, Venuste Niyongabo, n’abandi. Muri uwo mugambi wo kwubaka ico kibuga ca kijambere, Umukuru w’igihugu akaba yarabemereye intererano, aho yabemereye intebe za kijambere zose zizoba ziri muri ico kibuga hamwe n’amabati yose azoba akenewe yo kugisakara.  Aho muri ivyo bikorwa nyene, intumwa zo mw’ishirahamwe HUAWEI zigizwe n’abashinwa baratanze imifuko y’isima 200 yo gufasha kwubaka iryo shure ry’imyuga ryo ku mutumba wa Burarana. Abo bashinwa akaba yabasavye ko bobandanya gushigikira iryo shure mu kurironsa imashini nyabwonko kugira abanyeshure  bazohigire ubuhinga bwa none. Nk’uko yama abikora no mu zindi ntara, Umukuru w’igihugu akaba yarabemereye ko azobaronsa ibikoresho bigizwe n’amabati, isima hamwe n’ivyuma vyo kwubaka. Mu mpanuro yahaye abanyagihugu bari ngaho, yasavye abavyeyi gukundisha amashure uruvyaro rwabo. Ngo igihugu gikeneye incabwenge mu bisata bitandukanye. Vyongeye, ngo bakunde igihugu cacu, kuko ngo umuntu agira igihugu kimwe, bagiteze imbere mu kubungabunga ibidukikije. Muri ico gisata c’ibidukikije, yarahashimikiye cane, aho yamenyesheje abari aho ko Uburundi arico gihugu gifise amasoko menshi y’amazi kw’isi, aho ngo gifise amasoko ashika ibihumbi 23. Ariko ngo kuri ayo masoko, ayashika 2500 aramaze gukama hamwe n’ayandi 3000 ariko arakama, arico gituma umunsi wa kane mu ndwi wahariwe gukingira ibidukikije. Imana ngo yaduhamagariye kubungabunga ivyo yaremye, n’ibidukikije birimwo. Akaba yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abanyabururi kugira umugambi « Ewe Burundi urambaye », uwabo, bakingire ibidukikije. Ivyo bidukikije bititaweho, ngo mu myaka 20 iri imbere, Uburundi burashobora kuzoba bwabaye ubugaragwa. Mu bintu bituma amazi akama, yabamenyesheje ko ibiti vy’imikaratusi biteye hafi y’amasoko bituma ayo masoko akama, aho yanabamenyesheje ko hari umugambi wo kurandura ubwo bwoko bw’ibiti biteye ahari amasoko y’amazi, ahubwo biteragirwe hejuru ku misozi. Imbere y’ivyo bikorwa vy’iterambere rusangi, Umukuru w’igihugu yaragendeye umurwizambuto wa kijambere, aho ariko aragwiza imbuto za mbere z’ibiraya hamwe n’ibigori, i Kiremba, mu ntara ya Bururi. Tubamenyeshe ko muri urwo rugendo Umukuru w’igihugu yagize mu ntara ya Bururi, imvukira z’iyo ntara zamugabiye inka z’ikizungu zitanu zifise amezi hamwe n’ibiseke vy’ibifungurwa biziherekeje. 

Déo Misigaro                                                                                                       

Ouvrir