Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu mwaka uza w’2020 niho hazohimbazwa imyaka 100 iheze igisagara ca Ngozi gishinzwe

ngoziioMusitanteri wa komine Ngozi, Radjabu Songambere asaba imvukira z’intara ya Ngozi kwitegurira ihimbazwa ry’imyaka 100 iheze igisagara ca Ngozi gishinzwe, iyo myiteguro ngo umwe wese yosukura aho aherereye, ndetse mu gihe urubanza nk’urwo rukenera uburyo agasaba ko umwe wese yoterera ico ashoboye.  Ivyo yabishikirije, ku wa 8 Ndamukiza 2019, mu kiganiro yahaye ibinyamakuru vyari mu rugendo Umukuru w’igihugu yagize muri iyo ntara, ibikorwa vyo gutanguza icese  iyo myiteguro bikaba bitegekanijwe ku wa 20 Ndamukiza 2019.Musitanteri wa komine Ngozi, Radjabu Songambere asaba imvukira z’intara ya Ngozi kwitegurira ihimbazwa ry’imyaka 100 iheze igisagara ca Ngozi gishinzwe, iyo myiteguro ngo umwe wese yosukura aho aherereye, ndetse mu gihe urubanza nk’urwo rukenera uburyo agasaba ko umwe wese yoterera ico ashoboye.  Ivyo yabishikirije, ku wa 8 Ndamukiza 2019, mu kiganiro yahaye ibinyamakuru vyari mu rugendo Umukuru w’igihugu yagize muri iyo ntara, ibikorwa vyo gutanguza icese  iyo myiteguro bikaba bitegekanijwe ku wa 20 Ndamukiza 2019.Nk’uko musitanteri wa komine Ngozi, yabandanije abivuga, ngo inama mpanuzwajambo ya komine ya Ngozi yarihaye intumbero yo guhimbaza mu mwaka w’2020, imyaka 100 iheze igisagara ca Ngozi kivutse, kubera ico gisagara cavutse mu mwaka w’1920. Inama mpanuzwajambo imaze gufata iyo ngingo, ngo baciye bashiraho umugwi ujejwe gutegura urwo rubanza, uwo nawo ngo uri ku kivi. Mu bikorwa bariko barakora muri kino gihe, ngo bariko barahimiriza abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi umwe wese gusukura ibibanza bimwe bimwe mbere ngo haciye imyaka 2 hateragiwe ibiti vyo gushariza ico gisagara.Ku wa 20 Ndamukiza 2019, ngo niho hazotanguzwa icese ibikorwa vy’imyiteguro yo guhimbaza imyaka 100 igisagara ca Ngozi gishinzwe. Ku bijanye n’iterambere, ngo iyo ntara yarateye intambwe mu kwiyubakira inyubako abarongozi b’intara hamwe na komine Ngozi bakorera, izo nyubako zikaba ari amagorofa. Izo nyubakwa zaje zisubiririra izari zubatswe ku ntwaro y’ababirigi, aho ibiro vy’intara ya Ngozi vyari vyubatswe mu mwaka w’1919, ibiro vya komine Ngozi navyo ngo vyari vyubatswe mu mwaka w’1955. Mu gisata c’indero, ngo amashure make yari ahari yari ayegukira ishengero rya  Gatorika, ariko ngo muri kino gihe, umutumba wose urafise amashure. Ku bijanye n’inkino, ngo ibibuga vy’umupira w’amaguru vyarubatswe. Mw’itegurwa ry’urubanza nk’urwo, ngo hakenerwa vyinshi, aho akavuga guhimiriza imvukira n’ababaye muri ico gisagara kugira umwe wese ashobore guterera ico ashoboye kuronka bwaba uburyo, n’ibindi.

Ngozi yahoze ari isoko ry’akarere ryagurishirizwamwo inshato
Haruhande y’ikiganiro ca musitanteri wa komine Ngozi, twaregereye umukurambere yahoze arongoye iyo komine, Herménegilde Sigahurahura, uwo nawe akaba afise imyaka 66 y’amavuka. Uwo mukurambere yamenyesheje ko izina Ngozi, atari ikirundi, ahubwo ari izina ry’igiswahiri, risigura urushato. Imbere y’umuzo w’abazungu, aho hari igisagara ca Ngozi ngo hari isoko ry’akarere ryadandarizwamwo inshato z’ibitugwa n’ibikoko vyo mw’ishamba. Izo nshato ngo zari iz’inka, impene, intama hamwe n’iz’ibikoko vyo mw’ishamba arivyo impongo, ingeregere, inzobe,imbogo, ingwe, intare, n’ibindi. Aho muri iryo soko, ngo hahurira abarabu baje kurondera izo nshato, ari naho havuye iryo zina rya Ngozi.Iryo soko ngo ryari mw’itaba ry’imisozi ya Rusuguti, Kinyami, Camugani, Kanyami, Muremera na Gisagara. Eka ngo ni itaba riri hejuru y’i Vyerwa, ahantu hava ingwa bakoresha bariko barabandwa, baca bahita mu Vyerwa vya Ngozi, iwabo w’Imana.Abazungu bamaze kuza, ngo bahavuye baza kugerera aho muri iryo taba, baca bahubaka ibiro vy’uwari ajejwe akarere ka Buyenzi, intara ya Ngozi yari igifatanye n’intara ya Kayanza, hari mu mwaka w’ 1919. Ivyo biro vyahavuye biba ivya buramatari w’intara ya Ngozi, ngo abazungu baratunganije ibirori vyo kuvyinjira, bararya, baranywa baranabandwa, ngo baca bahatera igiti, igisigarira c’ico giti, nico bita agasaka ka Inarunyonga.

Igisagara ca Ngozi nico cakiriye ubwa mbere urukino mpuzamakungu rw’umupira w’amaguru

Mu biringo bikuru bikuru vyaranze ico gisagara, ngo ni uko arico cakiriye ubwa mbere urukino mpuzamakungu, hari ku wa 6 Ruhuhuma 1958, urwo narwo rwahuje umurwi w’Uburundi bwatwagwa n’umwami Mwambutsa IV Bangiricenge hamwe n’umurwi w’igihugu c’Urwanda rw’umwami Rudahirwa. Uburundi nibwo bwatahukanye intsinzi y’ibitsindo 3 kuri 1 c’Urwanda, ivyo ngo vyarashavuje cane umwami w’Urwanda. Urwo rukino rwabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku Gasaka ka Inarunyonga.Ikintu kiranga imvukira z’intara ya Ngozi, ngo ni uko ari abantu bakunda kuryoherwa, bagatamba intambo y’urwedengwe, iyo nayo ngo bayitamba banezerewe, bakubita umugere hasi. Ukwo kuryoherwa ngo niho havuye n’izina ry’agasaka ka Inarunyonga, kubera ko Inarunyonga ngo yavuye iyo yaba afata inzira y’uburaruko, ageze aho i Ngozi, niho yafunguriye impamba yari yatekeye, inyuma yaho arahava arahwera. Aho bavuga ko imva yiwe yari ahari ishure ry’ubuvuzi ry’intara ya Ngozi. Iyo mva ngo yasituwe n’ibimashini bariko barataba ikibanza co kwubakamwo iryo shure ry’ubuvuzi ry’intara ya Ngozi.                                                                                             

Déo Misigaro

Ouvrir