Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi bo mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu barasabwa kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru

zaaaqMu ntumbero yo kumenyesha ibikorwa birangurwa n’ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira, bwarakoranije abarongoye abandi muri ubwo bushikiranganji kugira babamenyeshe integuro y’umugambi wo gucisha ikiganiro kuri radiyo n’imboneshakure vy’igihugu hamwe no gukoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru. Iyo nama ikaba yatangujwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Felix Ngendabanyikwa kw’igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2019.Mu ntumbero yo kumenyesha ibikorwa birangurwa n’ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira, bwarakoranije abarongoye abandi muri ubwo bushikiranganji kugira babamenyeshe integuro y’umugambi wo gucisha ikiganiro kuri radiyo n’imboneshakure vy’igihugu hamwe no gukoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru. Iyo nama ikaba yatangujwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Felix Ngendabanyikwa kw’igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2019.Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi yamenyesheje abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji ko uguhanahana amakuru bihindura vyinshi, ko biri  mu vyoshirwa imbere kugira ibikorwa vy’ubushikiranganji bimenyekane. Ukumenyesha amakuru hamwe no kuyahanahana ngo bizotuma ubwo bushikiranganji bugumana ikibanza ca mbere, nk’uko bari bakironse mu mwaka uheze. Martin Nivyabandi yarongeye aramenyesha abari bitavye inama ko ubwo buhinga bwa none ari bwiza kuko bushikana kure inkuru bukongera bukerekana ibikorwa birangurwa mu bisata vyose vy’ubushikiranganji, ariko ari ubuhinga busaba uwubukoresha ko yoshirako inkuru ayizi neza, ko  iyo nkuru iba ariyo kandi ifise akamaro bakongera bakirinda gucisha kuri ubwo buhinga bwa none bwo kumenyesha amakuru inkuru zisambura.  Umwunganirizi w’umushikiranganji, Felix Ngenbadabanyikwa  yamenyesheje ko mu ntumbero yo gukura  bimwe mu bitagenda neza mu vyerekeye gutanga amakuru muri ubwo bushikiranganji ko hashizweho umugwi ujejwe guhanahana amakuru washizweho n’itegeko ry’umushikiranganji inomero 225.01/297 ryo ku wa 13 Ntwarante 2018. Felix Ngendabanyikwa yongeye aramenyesha ko iyo nama  yari yatunganijwe kugira barabire hamwe n’abarongoye abandi mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira itunganywa ry’ikiganiro coca kuri radiyo n’imbonesha kure vy’igihugu ingene vyogenda kandi babishiremwo umuco. Félix Ngendabanyikwa yabandanije amenyesha ko muri iyo nama baboneyeho akaryo ko guha inyigisho abarongoye abandi mu bushikiranganji   n’iterambere ridakumira zo gukoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru, bakongera bagashimangira ku nkuru zitandukanye ku bisanzwe birangurwa n’ubwo bushikiranganji kuko busanzwe bukorana cane n’abanyagihugu. Uwo mwunganinzi w’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira yasozereye amenyesha abo baserukiye abandi ko bovyigisha nabo abo barongoye hanyuma bakirimbura mu  vyo barungika kuko bishikira abanyagihugu  ku mwanya ku mwanya.

Anitha Bizimana

Ouvrir