Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugwi w’abashingamateka ujejwe ubutungane urashima ingene wasanze abacamanza n’abashikirizamanza bari ku kivi

ndirahKw’igenekerezo rya  9 Ndamukiza 2019, abashingamateka bahurikiye mu mugwi wamaho ujejwe ubutungane baratanze icegeranyo ku vyerekeye intambamyi zituma abanyagihugu badashikira ubutungane nk’uko amategeko y’igihugu abitegekanya. Umushingamateka Léopord Hakizimana arongoye uwo mugwi yamenyesheje ko ico gikorwa categuwe n’Inama Nshingamateka ifadikanije n’ishirahamwe ryishinze gukurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya Reta « OAG » bifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu  "CORDAID ". Ihangiro nyamukuru kwari ukwakira ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyotuma abanyagihugu boroherwa gusumba mu gushikira ubutungane kugira Inama Nshingamateka ibishikirize inzego za Reta zibijejwe. Yaravuze ko intumbero nyezina kwari ugutanga intererano y’ivyiyumviro n’ivyokorwa kugira abenegihugu bose bashikire ubutungane,kwumviriza uko abenegihugu babona ingene bakirwa mu butungane n’ingene batunganirizwa hamwe no kurabira hamwe ivyokorwa mu ntumbero y’uko hoba akarusho mu gushikira ubutungane kuri bose. Mu biganiro uwo mugwi wagiranye n’abenegihugu mu turere dutandukanye wasanze  harabaye  ishimikiro ry’icigwa ahanini ryari rihagaze ku gushikira ubutungane hafatiwe ku masentare n’abacamaza. Ico gikorwa cerekanye ko kugira ubutungane bube bwiza burangwa no kuba umuntu wese akeneye kubwitura ashobora kubushikira, umwenegihugu ntategerezwa kuriha amafaranga kugira abushikire, ubutungane ni ngobwa ko bwigenga, uwutashimye urubanza yaciriwe muri sentare yatanguriyemwo no kuba afise uburenganzira bwo kwunguruza.  Tumwe mu tunenge twashikirijwe n’ababajijwe muri ico gikorwa ngo abacamaza birashika bagahengama, aho usanga hariho nyagupfa na nyagukira mu baburanyi. Intambamyi zituma abenegihugu badashikira ubutungane uko vyategerezwa umuntu ngo afatiye ku cigwa cakozwe ni uko ubutungane busanzwe bukora akazi bwo nyene na cane cane ingene ababwitura bataronka amakuru ajanye n’ivyo baba bakeneye, ingene bakirwa iyo bituye ubutungane, ubumenyi budakwiye ku bakira abitura ubutungane, ingorane zijanye n’ingene amadosiye abikwa, ururimi rw’igifaransa amategeko yanditswemwo rutazwi na benshi mu benegihugu, kutamenya amategeko akoreshwa mu rwego rw’ubutungane n’aho bayakura igihe bayakeneye,ugusubiza urubanza inyuma ata mvo zumvikana zabitumye,abacamanza bamwe bamwe bigora kwitandukanya n’ivya poritike mu kazi n’ibindi. Muri rusangi ico cegeranyo kiremeza ko igikorwa cahuje abashingamateka bari muri uwo mugwi wamaho ujejwe ubutungane n’agateka ka zina muntu cagenze neza. Ico cegeranyo kiravuga kandi ko abacamaza n’abashikirizamaza bari ku kivi. Ivyo bikemezwa kandi n’umushikiranganji w’ubutungane mu gihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka. Umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana yaremeje ko abacamanza bakoze amakosa mu gutunganiriza abenegihigu canke bakarya ibiturire bahanwa bimwe biboneka mu ntumbero yo gutuza ingeso zotuma ubutungane bwidogerwa n’abenegihugu. Yarongeye aravuga ko mu ntumbero yo kugira abenegihugu bashikire ubutungane Reta yarashizeho amasentare y’intango mu makomine yose kugira bantahonikora bafise uburyo buke Reta ibafashe kubaburanira.

Thérèse Niyonkuru                                                                                                                                    

Ouvrir