Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi Abarundi basabwa kuguma ku kivi, barime bimbure

doriUmuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, Doriane Munezero atera akamo abanyagatsinda n’abarundi muri rusangi kuguma ku kivi, barime bimbure muri kino akavura kariko karagwa mu gihugu cose. Ivyo yabishikirije ku wa 9 Ndamukiza 2019, ku murwa mukuru wa zone ya Gatsinda, muri komine Mwumba, mu ntara ya Ngozi, aho yari yaserukiye Umukuru w’igihugu mu gikorwa co gutanga imfashanyo igizwe n’amatoni 25 y’umuceri yari igenewe imiryango 3000 yashikiwe n’ivyago ku wa 23 Ntwarante 2019, aho hagwa imvura yarimwo umuyaga n’urubura ikonona imirima n’inyubako zitandukanye. Umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, Doriane Munezero atera akamo abanyagatsinda n’abarundi muri rusangi kuguma ku kivi, barime bimbure muri kino akavura kariko karagwa mu gihugu cose. Ivyo yabishikirije ku wa 9 Ndamukiza 2019, ku murwa mukuru wa zone ya Gatsinda, muri komine Mwumba, mu ntara ya Ngozi, aho yari yaserukiye Umukuru w’igihugu mu gikorwa co gutanga imfashanyo igizwe n’amatoni 25 y’umuceri yari igenewe imiryango 3000 yashikiwe n’ivyago ku wa 23 Ntwarante 2019, aho hagwa imvura yarimwo umuyaga n’urubura ikonona imirima n’inyubako zitandukanye. 

Umuryango umwe ukaba waronkejwe ibiro 8 birenga vy’umuceri.Nk’uko umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Doriane Munezero yabandanije abivuga aho yari yagiye gutanga imfashanyo igizwe n’amatoni 25 y’umuceri yatanzwe n’ibiro vy’Umukuru w’igihugu yari igenewe abanyagihugu bashikiwe n’ivyago bo ku mitumba 10 kuri 13 igize zone Gatsinda, atera akamo abanyagatsinda kuguma ku kivi barime bimbure muri k’ino gihe hariko haragwa akavura. Ako gafashanyo yabasavye kukakirana umutima ushima, ngo n’ibiruta ivyo azobibaronsa.Ku bwiwe, musitanteri wa komine Mwumba, Emmanuel Ndayizeye yamenyesheje abanyagihugu bari aho ko inyuma yo gushikirwa n’ivyago vy’imvura ivanze n’umuyaga hamwe n’urubura, yononye imirima igizwe n’ibitoke, imyumbati, n’ibindi biterwa n’inyubako zitandukanye zidasigaye inyuma, ngo baradodoye ku ncuti n’abagenzi, aho ku wa 9 Ndamukiza 2019, ibiro vy’Umukuru w’igihugu vyari vyitavye akamo babateye ko kubagarukirako. Vyongeye, yaboneyeho n’akaryo ko kubamenyesha ko n’abandi bagenzi bakunda iyo komine Mwumba bari inyuma, nabo nyene bazoza kubagarukirako. Mu gihe abanyagihugu benshi bari baje gutora iyo mfashanyo, yamenyesheje ko igenewe abahuye n’ivyago bose, atari bantahonikora bo muri komine Mwumba bose. Abo bashikiwe n’ivyago nabo ni abo ku mitumba 10 kuri 13 igize zone ya Gatsinda, abo nabo baka ari imiryango 3000. Aho agafuko k’ibiro 25 vy’umuceri kagabura imiryango 3.                                                                                                Déo Misigaro

Ouvrir