Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashirahamwe PISC- Burundi na CAPES+ ariyamiriza ingingo yafashwe na Sentare y’Ubufaransa

sdqqAmashirahamwe PISC –Burundi na CAPES+ ariyamiriza ingingo yafashwe na Sentare y’Ubufaransa  mu kudaha agaciro ibirego vy’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yitwariye ikimenyeshamakuru c’imboneshakure France3 ku bijanye n’ireresi y’irementanya y’ibinyoma iteye isoni vyagaragara ko ifise intumbero yo gucafuza inzego z’igihugu zatowe; gucafuza umugambwe uri ku butegetsi na cane cane urwaruka rw’imbonerakure rukomoka kuri uwo mugambwe. Ivyo vyashikirijwe na Hamza Venant Burikukiye aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe CAPES+ mu kiganiro yagiriraniye n’abamenyeshamakuru ku wa 9 Ndamukiza 2019.Amashirahamwe PISC –Burundi na CAPES+ ariyamiriza ingingo yafashwe na Sentare y’Ubufaransa  mu kudaha agaciro ibirego vy’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yitwariye ikimenyeshamakuru c’imboneshakure France3 ku bijanye n’ireresi y’irementanya y’ibinyoma iteye isoni vyagaragara ko ifise intumbero yo gucafuza inzego z’igihugu zatowe; gucafuza umugambwe uri ku butegetsi na cane cane urwaruka rw’imbonerakure rukomoka kuri uwo mugambwe. Ivyo vyashikirijwe na Hamza Venant Burikukiye aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe CAPES+ mu kiganiro yagiriraniye n’abamenyeshamakuru ku wa 9 Ndamukiza 2019.Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo barakurikiranye igihe urubanza rwaba.

Abarengukijwe aribo umucamanza Ménguin n’umumenyeshamakuru David Gakunzi ntibahakanye icaha baremeye ivyo bagirijwe. Ayandi makenga bafise ajanye n’iyamirizwa bidaciye mu mategeko n’umugwi w’abafasha Uburundi mu vy’ubuhinga n’ivy’ubutunzi vy’ubumwe bwa Buraya ku ngingo y’urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora « CNC » ku bijanye n’ihagarikwa burundu ry’amasezerano yarwo n’ikimenyeshamakuru c’Ubwongereza BBC eka n’ukugumiza mu bihano ikimenyeshamakuru mvamakungu c’ijwi rya Amerika kubera ko canse ko bumvikana kugira ngo batorere inyishu ku vyo babagiriza. Uretse ko bitanganje , ngo ni ikimenyetso ntamusiga yuko abiyita ko bazogufasha Uburundi mu vy’ubuhinga no mu vy’ubutunzi bakoreye ku bishobisho canke boba bariko baravugira ku yindi mvo batashoboye gushira hejuru. Kwubahuka kubwira Reta y’Uburundi ko iriko irahungabanya ubwisanzure ku bimenyeshamakuru mu gukora, eka mbere bakavuga ku mugaragaro yuko mu Burundi ata bamenyeshamakuru babishoboye bagikora mu kwubahiriza umwuga wabo mu bwisanzure badatamitswe ijambo. Ariko kandi bizwi neza ko hari ibimenyeshamakuru birenga 20 vyigenga bikora mu gihugu kandi mu banyeshamakuru ata n’umwe arashikirizwa ico kibazo . PISC-Burundi na CAPES+ basanze amakenga yabo atagira ishingiro. Nayo guhamagarira Reta y’Uburundi ngo yubahirize uburengenzira bw’amakoraniro y’amahoro ndetse n’ukwiyunga kw’abantu mu mashirahamwe bizohava bituma haba urubuga abantu boshiramwo ivyiyumviro ku mugaragaro hisanzuye, hagati mbere y’ibimenyeshamakuru no mu migambwe, ari ntangere mu gukomeza Demokarasi idakumira mu ntumbero yo gushigikira amatora yimirije azobe ku mu garagaro atari uko babigira nkana biraboneka ko n’ubu hari ikindi kintu cinyegeje mu vyo bariko baraharanira. Ubumwe bwa Burayi bwarafatiye ibihano vy’akarenganyo Uburundi n’indongozi zo hejuru z’igihugu n’aho inzego z’ubumwe bwa Afirika n’abandi bagenzi b’Uburundi badasiba gusemerera ko bobakurako ivyo bihano mugabo bakica amatwi. Ubufaransa rero ngo ni bwo bwama buriko burategura imigambi yo gukandamiza Uburundi mu nama y’umutekeno y’inama nkuru ya ONU. PISC-Burundi na CAPES+ basaba Reta ko yohamerera magabo na cane cane biciye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kugira ngo bukurikirane neza na cane cane amatungo y’amashirahamwe amwe amwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike n’ibiriko birahindagurika mu nzego zayo. Burikukiye Hamza Venant yarangije amenyesha ko PISC –Burundi na CAPES+ basavye bashimitse kandi bicishije bugufi uwo mugwi w’abanyaburaya ujejwe gufasha Uburundi ko boheza bagatanga basi akarorero kamwe gusa k’igihugu co kw’isi kidafise abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke coba kidafise imbohe z’ivyaha bihanwa. Berekane kandi aho kw’isi hari igihugu kitagira amategeko canke aho uburenganzira n’ubwigenge butagira amategeko vyisunga kugira ngo nabo baheze bavyisunge bibabere mbere n’isomo n’icigwa mu gikorwa cabo co gusemerera nk’abadaharanira ivyicaro vya poritike.                         

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir