Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka rurangije amashure ruhamagariwe gukorera hamwe kugira rwitegurire imigambi iruteza imbere

nataaaUrwaruka rurangije amashure rusabwa kwitegurira imigambi iruteza imbere ruri hamwe mu makoperative kuko ngo gukorera hamwe bizana umwimbu mwiza w’imigambi. Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, Evelyne Butoyi  ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, aho yari aramutse ashikiriza impapuro abarangije amashure batagira akazi bashika 80 bari bahejeje kwimenyereza mu kazi mu bisata bitandukanye biri mu ntara za Kayanza na Muramvya mu kiringo c’amezi atatu, aho hari ku wa 11 Ndamukiza 2019.Urwaruka rurangije amashure rusabwa kwitegurira imigambi iruteza imbere ruri hamwe mu makoperative kuko ngo gukorera hamwe bizana umwimbu mwiza w’imigambi. Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, Evelyne Butoyi  ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, aho yari aramutse ashikiriza impapuro abarangije amashure batagira akazi bashika 80 bari bahejeje kwimenyereza mu kazi mu bisata bitandukanye biri mu ntara za Kayanza na Muramvya mu kiringo c’amezi atatu, aho hari ku wa 11 Ndamukiza 2019.Muri iryo jambo, Evelyne Butoyi yaramenyesheje ko ari umunsi udasanzwe wo gutanga impapuro ku bakurikiye inyigisho mu kigo gifasha urwaruka rushomereye kuronka akazi ABEJ (Agence Burundaise d’Emploi pour la Jeunesse). Ngo Reta yarateguye umugambi w’igihugu uzofasha urwaruka kwiteza imbere. Muri uwo mugambi w’igihugu harimwo imigambi myinshi aho umwe wese yisangamwo. Ngo urwaruka rero ni rureme kuko Reta irushigikiye. Ariko ngo akazoza karwo nirwo rutegerezwa kugategura mu gukorera hamwe mu makoperative. Ngo ibice 60 kw’ijana vy’abarundi bigizwe n’urwaruka ngo ni rwakorera hamwe umwimbu uzoba mwinshi kuko ngo abashize inguvu hamwe bakora vyinshi. Umushikiranganji, Evelyne Butoyi yamenyesheje kandi ko umugambi w’iterambere w’igihugu werekeye urwaruka ushirwa mu ngiro n’abo vyega bose : indongozi n’abenegihugu bose. Yarashimiye ikigega FIDA gifasha cane urwaruka mu gutanga uburyo bukoreshwa kugira ngo rwimenyereze gukora akazi. Ngo mu gihe abimenyereza akazi Reta itegekanya ko boronswa izo nyigisho mu kiringo c’amezi atandatu ngo n’ikigega FIDA cofasha muri ayo mezi atandatu aho fugasha mu mezi atatu gusa nk’uko biri muri kino gihe. Ngo haramaze kwibonekeza akarusho kadasanzwe kuva hashinzwe umugambi wo gufasha urwaruka rurangije amashure rutararonka akazi kugira ngo rwimenyereze gukora akazi mu bisata bitandukanye aho hari mu mwaka w’2017. Ngo bamwe mu baronkejwe izo nyigisho baramaze kuronka akazi. Yasavye urwo rwaruka rwaronkejwe izo nyigisho kuzigendera mu kwironderera ico bokora batarinze gusaba akazi .Ngo ejo aho bukera abe ari bo bazoba batanga akazi. Yabasavye kutajana nyabahururu muri bino bihe igihugu kiriko citegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Yabasavye kwirinda inyosha mbi ahubwo babe imboneza mu kibano, ku mitumba, mu makomine no mu gihugu cose. Yarangije ijambo ryiwe ahamagarira urwaruka kuzokwitaba ibikorwa vy’Inama nkuru y’urwaruka bitegekanijwe ku magenekerezo ya 25, 26 na 27 Ndamukiza 2919 ku murwa mukuru wa poritike Gitega. Mwomenya ko urwaruka rungana 3600 rumaze kuronswa inyigisho zo kwimenyereza gukora akazi mu bisata bitandukanye.
Nathan Ntahondi

Ouvrir