Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi bo mw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (P.P.B) barashimirwa ku mirimo barangura neza naho hari ikibazo c’uburyo

Umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibimenyeshamakuru vya Reta (P.P.B), Louis Kamwenubusa, ari kumwe n’abayobozi b’ibisata  bitandukanye vyaryo, yaragirishije inama abakozi arongoye ku wa 5 Ndamukiza 2019, mu rukurikirane rw’inama yama abagirisha uko amezi atatu aheze mu ntumbero yo kwirimbura,  maze ivyagenze neza babishimirwe, nayo ivyagoranye bishobore gukosorwa. Tubibutse ko inama yaheruka yari yabaye  ku wa 21 Kigarama 2018. Umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibimenyeshamakuru vya Reta (P.P.B),Louis Kamwenubusa, ari kumwe n’abayobozi b’ibisata  bitandukanye vyaryo, yaragirishije inama abakozi arongoye ku wa 5 Ndamukiza 2019, mu rukurikirane rw’inama yama abagirisha uko amezi atatu aheze mu ntumbero yo kwirimbura,  maze ivyagenze neza babishimirwe, nayo ivyagoranye bishobore gukosorwa. Tubibutse ko inama yaheruka yari yabaye  ku wa 21 Kigarama 2018. Louis Kamwenubusa yarashimiye muri rusangi abakozi arongoye ku kuntu bitanze mu kurangura imirimo yabo ya minsi yose muri aya mezi atatu arangiye na cane cane ko ibimenyeshamakuru  « Le Renouveau » n’ « UBUMWE » vyakomeje gusohoka ku gihe.Yaboneyeho akaryo  ko kwibutsa abamenyeshamakuru ko umurimo wabo nyamukuru ari ugushigikira imigambi Reta iriko irarangura. Naho biri uko yaraneguye abadakorana umwete, abasaba ngo bikubite agashi bakore nk’abandi. Yasavye abagize igisata kijejwe kugenzura intwaro ibereye muri P.P.B (Contrôle interne) gutunganya ivyegeranyo bitagira agasembwa. Louis Kamwenubusa yarasavye ko abaza kwimenyereza akazi (stagiaires) mw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta ikiringo cabo kirangiye boca basubira iyo bavuye.Umuyobozi mukuru wa P.P.B, yaramenyesheje ko ubutunzi bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta butifashe neza cane.Aca amenenyesha ko imvo nyamukuru ari ababufitiye amadeni yababa 500.000.000 y’amafaranga y’amarundi, ibice 90 kw’ijana vyayo ngo bikaba bigizwe  n’ayaheranywe n’inzego za Reta, ariko akaba ashimishwa n’uko Reta yamaze gushira mu minwe ico kibazo kandi yiyemeje kugitorera umuti bidatevye inyuma y’urugendo Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yagize mw’iyandikiro ry’ibimenyeshamakuru vya Reta hari ku wa 15 Ruhuma 2019. Hakaba rero hari n’ibiharuro bitumvikana bikoreshwa n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi yinjira mu kigega ca Reta (OBR), aho gitoza itagisi nyongeragaciro (TVA) ku vyo abaheraniye  ubuyobozi bukuru bwa P.P.B bataranishura.Yasavye abakozi bahurikiye mw’ishirahamwe « Mutualité de la presse » gutahura ko ikigo OBR casanze amafaranga yabo bashingura mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM gitegerezwa kuyatoza ikori cisunze  ingingo ya 33 y’ibwirizwa rigenga amatagisi. Kamwenubusa yaramenyesheje ko afise icizere ko ibintu bishobora gusubira mu buryo mu kiringo kiri hagati y’amezi atatu n’atanu. Akaba yaharonkeye n’akaryo ko kumenyesha abakozi ko kubera ingorane z’uburyo,  yafashe ingingo yo kubangira mu kiringo c’amezi 3 gutanga ubushirukabute ku bazokora amasaha yiyongera ku y’akazi ategekanijwe  no ku minsi y’akaruhuko.

Jean Robert Nshorirambo

Ouvrir