Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi b’ishirahamwe REGIDESO basabwa gutunganiriza bose atankuzi

uuuytAbakozi b’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba  mu gisagara ca Bujumbura « REGIDESO », basabwa gukorera neza iryo shirahamwe hamwe n’abanyagihugu. Ivyo vyashikirijwe n‘umushikiranganji  w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Côme Manirakiza mu nama  ya bose yabagirishije kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019. Côme Manirakiza yamenyesheje ko abakozi bari mw’ishirahamwe rya REGIDESO , Prezida NKURUNZIZA yabahaye inyigisho zo gukunda igihugu yongera abasaba ko bokunda iryo shirahamwe kuko ari iry’abarundi bose. Yaravuze ko abakozi b’iryo shirahamwe arukubashira ku murongo cane cane abarya ibiturire n’abasesagura ubutunzi. Ngo ishirahamwe REGIDESO n’irya Reta nico gituma basabwa gutunganiriza bose ata nkunzi kuko amazi ari ubuzima, amatara nayo atahari nta terambere riba ririho. Côme  Manirakiza yaratanze uburorero bumwe bumwe  ingene abakozi baho biba aho  bagira urutonde rwo hejuru rw’amafaranga yategerezwa gukoreshwa , bakumvikana n’abantu , bagakora uko bashoboye kugira umuyagankuba ntuje mw’ikonteri, bakumvikana n’amashirahamwe  bakayashira ku rugero rw’ikoreshwa ry’amatara yo mungo hamwe n’ibindi. Ivyo bigatuma ishirahamwe ritembagara , Reta ikaba ihomvye. Yarongeye aravuga ko ishirahamwe REGIDESO ryahomvye amahera ashika imiriyaridi 13 kubera  baguze ibikoresho bitajanye n’ubuhinga bw’umuyagankuba mu Burundi. Ikindi naco nuko abantu bitura ishirahamwe rya REGIDESO basaba abahinga babafasha gukora amazi canke amatara babaka imodoka kandi hariho imodoka zijejwe ako kazi. Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agtaka akaba yarabahaye ikiringo c’indwi imwe kugira babe batunganije gushasha ibisata vyose kugira abakora ibitarivyo batuzwe.  Akaba yabasavye abakozi ko ibitagenda neza abakozi bobivuga kugira ishirahamwe ntiritembagare. Yarongeye arabasaba ko uyu mwaka barimwo boheba ubunyonyezi n’ubusuma. Yarasavye ishirahamwe ry’abakozi bo muri REGIDESO  « syndicat » ko ritokwitwararika kurondera inyungu zaryo ariko ryokwitwararika  inyungu z’ishirahamwe REGIDESO. Umushikiranganji akaba yarashimiye abakozi bakoze neza abasaba ko bobandanya.Abakozi b’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba  mu gisagara ca Bujumbura « REGIDESO », basabwa gukorera neza iryo shirahamwe hamwe n’abanyagihugu. Ivyo vyashikirijwe n‘umushikiranganji  w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Côme Manirakiza mu nama  ya bose yabagirishije kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019. Côme Manirakiza yamenyesheje ko abakozi bari mw’ishirahamwe rya REGIDESO , Prezida NKURUNZIZA yabahaye inyigisho zo gukunda igihugu yongera abasaba ko bokunda iryo shirahamwe kuko ari iry’abarundi bose. Yaravuze ko abakozi b’iryo shirahamwe arukubashira ku murongo cane cane abarya ibiturire n’abasesagura ubutunzi. Ngo ishirahamwe REGIDESO n’irya Reta nico gituma basabwa gutunganiriza bose ata nkunzi kuko amazi ari ubuzima, amatara nayo atahari nta terambere riba ririho. Côme  Manirakiza yaratanze uburorero bumwe bumwe  ingene abakozi baho biba aho  bagira urutonde rwo hejuru rw’amafaranga yategerezwa gukoreshwa , bakumvikana n’abantu , bagakora uko bashoboye kugira umuyagankuba ntuje mw’ikonteri, bakumvikana n’amashirahamwe  bakayashira ku rugero rw’ikoreshwa ry’amatara yo mungo hamwe n’ibindi. Ivyo bigatuma ishirahamwe ritembagara , Reta ikaba ihomvye. Yarongeye aravuga ko ishirahamwe REGIDESO ryahomvye amahera ashika imiriyaridi 13 kubera  baguze ibikoresho bitajanye n’ubuhinga bw’umuyagankuba mu Burundi. Ikindi naco nuko abantu bitura ishirahamwe rya REGIDESO basaba abahinga babafasha gukora amazi canke amatara babaka imodoka kandi hariho imodoka zijejwe ako kazi. Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agtaka akaba yarabahaye ikiringo c’indwi imwe kugira babe batunganije gushasha ibisata vyose kugira abakora ibitarivyo batuzwe.  Akaba yabasavye abakozi ko ibitagenda neza abakozi bobivuga kugira ishirahamwe ntiritembagare. Yarongeye arabasaba ko uyu mwaka barimwo boheba ubunyonyezi n’ubusuma. Yarasavye ishirahamwe ry’abakozi bo muri REGIDESO  « syndicat » ko ritokwitwararika kurondera inyungu zaryo ariko ryokwitwararika  inyungu z’ishirahamwe REGIDESO. Umushikiranganji akaba yarashimiye abakozi bakoze neza abasaba ko bobandanya. 

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir