Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya birategekanya kwubaka ibarabara ry’indarayi ribihuza

fgtllkMu kiringo c’amezi ari hagati y’abiri n’atatu, ngo icegeranyo ca mbere cerekana ishusho y’umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi rizohuza ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya kizoba cabonetse. Iryo barabara ry’indarayi rizova i Uvinza  (Tanzaniya)  gushika i Musongati, mu ntara ya Rutana, rizoba ziba rifise uburebure  bw’ibirometero bishika 250, ni ukuvuga ibirometero 160 ku ruhande rwa Tanzaniya hamwe n’ibirometero 90 gushika aho i Musongati. Ibikorwa vyo kwubaka iryo barabara ry’indarayi kuva i Uvinza gushika i Musongati, mu Rutana hakaba hakenewe umuriyaridi n’igice w’amadorari y’abanyamerika. Mu kiringo c’amezi ari hagati y’abiri n’atatu, ngo icegeranyo ca mbere cerekana ishusho y’umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi rizohuza ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya kizoba cabonetse. Iryo barabara ry’indarayi rizova i Uvinza  (Tanzaniya)  gushika i Musongati, mu ntara ya Rutana, rizoba ziba rifise uburebure  bw’ibirometero bishika 250, ni ukuvuga ibirometero 160 ku ruhande rwa Tanzaniya hamwe n’ibirometero 90 gushika aho i Musongati. Ibikorwa vyo kwubaka iryo barabara ry’indarayi kuva i Uvinza gushika i Musongati, mu Rutana hakaba hakenewe umuriyaridi n’igice w’amadorari y’abanyamerika. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu no gutunganya amatongo, Egide Nijimbere, ku wa 3 Ndamukiza 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko Egide Nijimbere yabandanije abishikiriza,  ngo uwo mugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi ni uwa Reta y’Uburundi kandi ngo ntiwaje giturumbuka. Mu gihe Uburundi bufise ubutunzi kama bw’ubutare, bugizwe n’inzahabu, « Nickel », n’ubundi, ngo harageze ko bucukurwa kugira buteze imbere abarundi n’Uburundi.  Ni muri iyo ntumbero ngo Reta y’Uburundi yiyumviriye ko kugira ubwo butare bushobore gushoka neza, vyoba vyiza ko igihugu kironka umuhora umeze neza ugishikana kw’ibahari. Vyongeye, ngo ibarabara ry’indarayi rifise akamaro kanini ugereranije n’ibarabara ry’ikaburimbi. Ibarabara ry’ikaburimbi ricamwo amakamyo atwara amatoni make y’ubutare, ariko ngo iry’indarayi ricamwo «gari ya moshi » itwara vyinshi. Bisubiye, ngo hamwe bwoza burashora ubwo butare n’amakamyo, bwohahombera kubera ko ingendo zoba nyishi. Ikindi ngo kwunguruza ibidandazwa kw’ibarabara ry’indarayi biranyaruka gusumba kw’ibarabara ry’ikaburimbo. Haruhande y’izo mvo,  ngo amabarabara y’ikaburimbo aciyeko ikamyo zitwaye imizigo iremereye, ntaheza ngo arambe, vyumvikana ko twokwama mu rwubako rudahera n’akunguko ntikoheza ngo kaboneke. Mu gihe iryo barabara ry’indarayi rizoduhuza n’ibihugu dusangiye imbibe, ngo nico gituma Reta y’Uburundi yaciye yegera igihugu ca Tanzaniya kugira uwo mugambi bawukorere hamwe. N’abakuru b’ibihugu vyacu barakoranye mu ntumbero yo kubona kumwe uwo mugambi. Ibikorwa vyo gushira mu ngiro uwo mugambi ngo birabandanya ndetse mu mezi ari hagati y’abiri n’atatu, icegeranyo ca mbere kizoba camaze gushikirizwa kugira iyindi ntambwe ibandanye. 
Ishirahamwe « Corridor central » ririko rirafasha kugira umugambi w’ibarabara ry’indarayi uje mu ngiro
Muri ivyo bikorwa, ngo ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya birafise ishirahamwe bihuriramwo, iryo naryo ni «corridor central». Iryo shirahamwe rero ngo rirafasha gusahiriza kugira imigenderanire no guhanahana ibidandazwa itere ija imbere. Bisubiye, « Corridor central » riranafasha kurondera hirya no hino uburyo bwo gufasha kugira habe inyubako nshasha mu bijanye no guteza imbere urudandazwa. Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta bukoranye n’iryo shirahamwe, uno munsi rirongowe n’umurundi, Capitaine Dieudonné Dukundane, ngo barashoboye gushika ku ntambwe ikomeye yo guhuza Uburundi na Tanzaniya kugira ivyo vyigwa bishobore kuja mu ngiro. Uwo murundi muri kino gihe aramutswa iryo shirahamwe, asanzwe yararonkejwe agashimwe n’Umukuru w’igihugu, ku wa mbere Mukakaro 2018, twariko duhimbaza imyaka 56 iheze turonse intahe yo kwikukira kubera uruhara ariko aragira mu kurondera abashigikira uwo mugambi, ngo n’ubu ariko arakora kugira uwo mugambi uje mu ngiro.

Ibikorwa vyo kwubaka umuhora w’indarayi bizotwara umuriyaridi n’igice w’amadorari
Ku bijanye n’uburyo bukenewe kugira uwo mugambi uje mu ngiro,  n’aho ivyigwa bitarahera ngo baramaze kubona ishusho y’uburyo vyotwara, uhereye i Uvinza mu gihugu ca Tanzaniya gushika i Musongati, mu Burundi. Ivyo bikorwa ngo bizotwara umuriyaridi n’igice w’amadorari y’abanyamerika. Muri ivyo bikorwa, igihugu ca Tanzaniya nico gifise igice kininiya kubera ko ari ibirometero birenga 160, ku ruhande rw’Uburundi naho ngo ni ibirometero 90. Iryo barabara ry’indarayi, ngo rizova i Uvinza, muri Tanzaniya gushika i Musongati, mu Rutana rice rishika i Gitega. Ariko ngo ivyigwa biriko birakorwa, ni ivyo kuva muri Tanzaniya gushika i Musongati, igice co gushika mu ntara ya Gitega, ngo ivyigwa vyarakozwe, hasigaye kubishira ku gihe.Kuri uwo muriyaridi n’igice w’amadorari y’abanyamerika ivyo bikorwa bizotwara, Uburundi ngo buzotangamwo imiriyoni 900. Kubona Uburundi aribwo buzotanga menshi, ngo bitumwa n’uko bufise isi igizwe n’imisozi n’ububande, gutyo bigasaba uburyo bwinshi, Tanzaniya nayo ifise isi ishashe ikazotanga imiriyoni 600 z’amadorari y’abanyamerika. N’aho uburyo bukenewe ari bwinshi, ngo ivyo ntivyoduca inkokora kubera ko akarusho kaguma ari kenshi. Ni naco gituma haherutse kuba umwiherero, aho abo vyega bose bakoranye bafashijwemwo na  corridor central», muri ivyo bikorwa hari  kwigira hamwe icokorwa kugira umugambi uje mu ngiro, nahova uburyo. Ivyo ngo vyofasha kugira mu mubonano uzokurikira n’igihugu ca Tanzaniya, bazogire ico bajana nk’igihugu c’Uburundi kugira bashike ku mugambi wo kwubaka.

Umuhora w’indarayi uzozanira Uburundi uturusho twinshi
Muri uwo mwiherero, ngo abahinga barashoboye kwerekana akarusho kazova kuri uwo mugambi. Utwo turusho natwo ngo ni twinshi, aho kwunguruza ibidandazwa ibiciro bizogabanuka. Vyongeye, ngo iyo «gari ya moshi» igiye ijanye ubutare, ngo izogaruka izanye ibidandazwa vyinshi, bizimbutse kandi mu mwanya muto. Ikindi ngo n’uko amakamyo yahora azana ibidandazwa aciye mu mabarabara y’ikaburimbo, bizogabanuka vyinshi bizoca kuri uwo muhora w’indarayi, gutyo amabarabara yacu ashobore kuramba, uburyo bwakoreshwa mu kuyasanura, buzoheza bukoreshwe ibindi. Uwo muhora ubaye nyabagendwa, ibihugu bibanyi bizoheza bize gutora ibidandazwa aha mu Burundi, n’ingenzi zibe nyishi ndetse n’abarundi buguruke muvyubwenge no kwiteza imbere. Ku bijanye n’ahazova uburyo, ngo ubwo buryo si ubwo bafise, ariko ngo bushobora kuva mu butunzi kama igihugu gisanzwe gifise. Igihugu rero ngo gishobora gufata ideni canke bakavugana n’amashirahamwe yo kwubaka iryo barabara ry’indarayi, nabo bakaza barakurako amakori n’amatagisi kuri ubwo butare bwoba buriko burashorwa. Iryo deni ryo kwubaka uwo muhora w’indarayi, ngo rigashobora kuba ryarishwe mu myaka iri hagati ya 20 na 25, uwo muhora ugaca wegukira Uburundi. Mu cegeranyo bazotanga mu mezi atatu ari imbere, ivyo vyose ngo birimwo n’ukuntu ubutare buzocukurwa n’uko buzoshorwa. Intumbero ni uko uwo muhora wo kwubakwa abarundi batavunitse kandi na Reta itahahombeye. Ivyo biheze ngo bazoca bavugana ingene ibihugu vyacu bizokorana, imiduga yinjiye muri Tanzaniya canke ari iyo mu Burundi igiyeyo.

Déo Misigaro 
                                                                                       

Ouvrir