Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwe kugumana iragi basigiwe na Prezida Cyprien Ntaryamira

ruberiIjambo ry’Imana, amabwirizwa y’Imana, amategeko y’igihugu, imico n’ imigenzo myiza hamwe no kumenya ko hari ikizira nivyo bizerekana ko abarundi bakurikije iragi rya Prezida Cyprien Ntaryamira yasigiye abarundi. Ivyo vyamenyeshejwe mu nkuka ya misa yaherejwe n’icegera ca musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura Anatole Ruberinyange muri katedarare Regina Mundi, yo kwibuka imyaka 25 iheze Prezida Cyprien Ntaryamira yitavye Imana, akorowe mu ndege yarimwo na Prezida w’Urwanda Juvenal Havyarimana ku wa 6 Ndamukiza 1994.Ijambo ry’Imana, amabwirizwa y’Imana, amategeko y’igihugu, imico n’ imigenzo myiza hamwe no kumenya ko hari ikizira nivyo bizerekana ko abarundi bakurikije iragi rya Prezida Cyprien Ntaryamira yasigiye abarundi. Ivyo vyamenyeshejwe mu nkuka ya misa yaherejwe n’icegera ca musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura Anatole Ruberinyange muri katedarare Regina Mundi, yo kwibuka imyaka 25 iheze Prezida Cyprien Ntaryamira yitavye Imana, akorowe mu ndege yarimwo na Prezida w’Urwanda Juvenal Havyarimana ku wa 6 Ndamukiza 1994.Musenyeri Anatole Ruberinyange yamenyesheje ko muri vyose na hose kiremwa muntu umurundi atibagiwe ategerezwa kugumana ibanga n’iteka kuko mu buzima hari amageragezwa. Kugira umuntu abishikeko bisabwa ko agira “Discipline”, ijambo ryasizwe na Cyprien Ntaryamara arisigiye abarundi bose igihe yabwira abarundi ko bogumya discipline muri vyose. Musenyeri Anatole Ruberinyange yabandanije amenyesha ko mu gisomwa ca mbere cavuye mu gitabu c’amamuko canditsemwo inyifato ya  Adam na Eva ukuntu inzoka yabahenze mu murima wa Edeni, bananirwa kwigumya bagata  ibanga bisigura ko babuze  “Discipline”, bashatse ubumenyi busumba Imana mu gufungura igiti Imana yari yarababujije baca barafutana, babona ko bari gusa, baca baronka igihano co kuvyara barushe kuko shetani izana amahano bivuye ku nyifato bafashe ivuye  kukubura discipline, iyo discipline yatawe na Adam na Eva yaje gusubizwaho na Yezu Kristu. Iyo Discipline Yezu yagumije yerekanwe n’inkurunziza yavuye kwa Matayo ivuga uko shetani yagerageje Yezu igihe, shetani yahendahenda Yezu ngo ahemukire Se wiwe imiduganye ku musozi, ariko Yezu yarerekanye ko bikenewe kwigumya naho woba ugeze mu mayira abiri. Yezu yarongeye kugeragezwa aca arabwira  shetani ngo handitswe ngo ntuze ugerageze umukama  Imana yawe, kandi shetani ntiyahashe yarasubiriye kugerageza urukundo rwa Yezu igashaka gufata ikibanza c’Imana aho yabwira Yezu ngo niwafukama ukansenga, nubu abantu baracageragezwa mu kugira ibigirwamana, mu guha ibintu canke amafaranga agaciro kanini, ukabishirako umutima bigatuma bata ibanga bagashira hirya discipline. Musenyeri Anatole Ruberinyange yongeye aramenyesha ko abatunganya intwaro zibihugu, abatware bibihugu bashize imbere amafaranga bakibagira Imana Discipline iba ibananiniye, ugasanga abakobwa bagiye kw’idandaza bagata Imana bikabatwara umutima bakibagira ko “Intimbiri itabuza intimba”. Icofasha kugumya Discpline iragi rya Presida Ntaryamira n’ijambo ry’Imana; amabwirizwa; amategeko ari mu gihugu, imico myiza n’imigenzo yamye iranga abarundi, ko abarundi bosiga igitabu ciza nk’uko Prezida Ntaryamira yagiye agisize naho yagiye akiri muto. Musenyeri Anatole Ruberanyange yasozereye insiguro yiwe amenyesha ko bosabira Abarundi bose ko bokurikiza discipline nk’iragi rya Prezida Ntaryamira kugira Uburundi burangwe n’amahoro n’umutekano.

Anitha Bizimana

Ouvrir