Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Burundi haracariho intambamyi zituma abagendana ubumuga bwo kutabona batoroherwa mu buzima bwabo

vfgAbagendana ubumuga bwo kutabona bo mu Burundi ngo bahura n’intambamyi nyinshi zishobora gutuma agateka kabo gahungabana. Muri izo harimwo kubura uburyo bukwiye bwo gushobora kugura inkoni yera, ubukene bw’ivyapa n’amabarabara vyorohereza abagendana ubumuga bwo kutabona, ubukene bw’ibikoresho vyabagenewe mu mashure n’ibindi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abagendana ubumuga mu Burundi, Cassien Bizabigomba mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Abagendana ubumuga bwo kutabona bo mu Burundi ngo bahura n’intambamyi nyinshi zishobora gutuma agateka kabo gahungabana. Muri izo harimwo kubura uburyo bukwiye bwo gushobora kugura inkoni yera, ubukene bw’ivyapa n’amabarabara vyorohereza abagendana ubumuga bwo kutabona, ubukene bw’ibikoresho vyabagenewe mu mashure n’ibindi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abagendana ubumuga mu Burundi, Cassien Bizabigomba mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo abagendana ubumuga bwo kutabona babwirizwa kuba bafise inkoni yera ibafasha mu gutambuka haba ku murango canke mw’ijoro. Kera abagendana ubumuga bwo kutabona ngo ntibari bafashwe neza haba mu kibano ndetse no mu bihugu nka vyose kuko ata gaciro babaha ari naho haca haboneka abashakashatsi barabona ko bikenewe ingene bokingira abo bantu. Abo bashakashatsi baciye bakora inkoni yera ifise amabara atukura n’igorori rinyerera uwuyifise agenda aranyereza. Iyo nkoni ishushanijwe n’ivyapa vyo ku mabarabara ngo n’iyo amatara y’umuduga arasiyeko uwo muntu aca abona ko hari umuntu agendana ubumuga bwo kutabona hanyuma akamwubahiriza mu vyo akeneye. Ivyo abo bashakashatsi babigize uko kugirango bakingire abagendana ubumuga bwo kutabona ninaho ngo bashiraho n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inkoni yera wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu uko umwaka utashe. Cassien Bizabigomba yamenyesheje ko abagendana ubumuga bwo kutabona bagifise intambamyi na cane cane mu bijanye n’indero aho ibikoresho vyabo bigoye kuronka, ariko Reta n’abari mu mashirahamwe y’abagendana ubumuga ngo barumvikanye ko bazokora ibishoboka vyose kugirango ivyo bikoresho biboneke. Ikindi naco, mu Burundi ngo nta vyapa bihari vyerekana abarengana bafise ubwo bumuga bwo kutabona eka ngo nta n’inzira y’abagenewe ihari nk’uko bimeze mu bindi bihugu biteye imbere. Ivyo navyo biragoye kuja mu ngiro kuko bisaba uburyo bwinshi bwo gushira ivyo bikoresho ku mabarabara ariko ngo ntibizobuza ko abagendana ubumuga babandanya biyunguruza n’iyo nkoni yera ku bayifise. Mwomenya ko izo nkoni zera zigenewe abagendana ubumuga bwo kutabona ziboneka biciye mu mashirahamwe. Mu minsi iheze ngo abantu ntibari bwijukire amashirahamwe kubera ukutamenya inyungu zavyo ariko ubu ngo bica vyoroha gufasha canke gushigikira abasanzwe bagendana ubwo bumuga biciye mu mashirahamwe.

Estella Niyongere

Ouvrir