Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abafise inzu ku mutumba «Winterekwa» basabwa gukinjura kubera inzu ziriko zirabomoka

nhuAbajejwe gukingira abanyagihugu n’ivyabo ngo bakwiye gufata ingingo zihuta zo kurondera ikibanza coba kirakiriye abantu inzu ziriko zirabomoka ziri ku mutumba « Winterekwa », muri zone ya Gihosha, muri komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, aho n’inyuma yaho isi itanguriye kwata imigaga, iyo nayo igahitana inzu zubatswe kuri uwo mutumba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe igiporisi kijejwe kurinda impanuka akongera akaba n’umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe, Antoine Ntemako, ku wa 26 Ntwarante 2019, aho abo mu nzego zitandukanye bari bagize urugendo ku mutumba « Winterekwa », aho isi iriko irata imigaga, igahitana inyubakwa zubatswe kuri uwo mutumba.Abajejwe gukingira abanyagihugu n’ivyabo ngo bakwiye gufata ingingo zihuta zo kurondera ikibanza coba kirakiriye abantu inzu ziriko zirabomoka ziri ku mutumba « Winterekwa », muri zone ya Gihosha, muri komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, aho n’inyuma yaho isi itanguriye kwata imigaga, iyo nayo igahitana inzu zubatswe kuri uwo mutumba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe igiporisi kijejwe kurinda impanuka akongera akaba n’umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe, Antoine Ntemako, ku wa 26 Ntwarante 2019, aho abo mu nzego zitandukanye bari bagize urugendo ku mutumba « Winterekwa », aho isi iriko irata imigaga, igahitana inyubakwa zubatswe kuri uwo mutumba.Nk’uko umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe, Antoine Ntemako yabandanije abishikiriza, ngo haraciye imyaka uwo mutumba « Winterekwa » waratanguye kwata imigaga. Ubu rero aho ibintu bigeze, ngo vyayangaye, aho n’umusozi watanguye kumanuka hamwe n’inzu zubatseko. Abahinga ngo uko babivuga, n’uko uwo mutumba wari ufise ubwambure, abantu batangura kuhagura amatongo yo kwubakamwo. Inyuma yo kuhagura amatongo, abanyagihugu bahubatse ata buhinga bakoresheje, ata vyigwa bibaye vy’uko isi imeze.  Uno munsi uko ibintu vyifashe, isi yaremerewe n’amazi aca munsi kuko mu myaka y’1960, ngo kuri uwo mutumba harigeze kuba haca uruzi.N’aho kuri uwo mutumba muri kino gihe hari inzu, ngo amazi araheza akironderera inzira, arivyo biriko biraba muri kino gihe. Inyuma yaho isi yatiye imigaga kuri uwo mutumba « Winterekwa », imigaga yahitanye inzu nyishi, ngo icihutirwa n’uko abo bantu bahafise inzu bokingirwa, bakarondera aho baja kugira bakingirwe. Ako kamo ko kwimura abo bantu agatera abajejwe gufata ingingo yo gukingira abantu n’ivyabo. Abo bantu bahafise inzu zibihomoka bamaze kuhava, ngo hazoheza habe ivyigwa vyo kwerekana ico aho hantu hokorerwa, ico ngo coba igikorwa c’abajejwe gutunganya ibisagara. Abahafise amatongo batarubaka, ngo borindira kugira inzego zibijejwe zihace amabarabara kubera ko isanganya ribaye, amakaritiye ya Gihosha na Kamenge niyo yogira ingorane.

Ubuyobozi bujejwe gutunganya ibisagara bwasabwe guharura inzu zimaze kubomoka muri karitiye  «Winterekwa »
Eka n’umuhinga asanzwe ari n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya reta akaba no mu mugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe, Omer Niyonkuru, nawe nyene abona ko icihutirwa ari ugukingira abo bantu babaye mu nzu zamaze kwata imigaga zishobora kubomoka muri kino gihe c’imvura. Aho yaciye atera akamo ubuyobozi bujejwe gutunganya ibisagara gukora igikorwa co guharura inyubakwa zigeramiwe n’iyo migaga yo ku mutumba « Winterekwa », banarabe ko muri abo harimwo abari bahafitiye uburenganzira n’impapuro zikenewe, gutyo ikibazo giheze gifate intumbero.Umwigisha muri kaminuza y’Uburundi yanonosoye ivyo gutunganya amatongo n’indondabihugu, Jean Marie Sabushimike yamenyesheje ko kubona uwo mutumba Winterekwa wata imigaga, ari ikimenyamenya ko uwo mutumba ugeramiwe, ico yise « mouvements de terrain », isi ngo iriko irahungabana, impanuka zigashobora kuba nyinshi hamwe atacokorwa. Mu bikorwa vy’ubushakashatsi, ngo icari kimenyerewe n’imitumba yahora ibomoka, ico c’imitumba yata imigaga ngo nticari kimenyerewe kuboneka. Iyo si yata imigaga, ngo isaba ubushakashatsi kubera uno musi ngo ntawoshobora kuvuga ico bivako. Ikiboneka n’uburemere bw’isi butangana hamwe isi ikamanuka, ahandi naho igasigara hejuru, ico yise « tassements différentiels », ukwo kuntu isi iriko iritwara kuri uwo mutumba, ngo harakenewe ivyigwa kugira bamenye ico bivako.

Ibikorwa vy’umuntu ngo biri mu bituma ihungabana ry’isi ku mutumba « Winterekwa »
Iyo migaga rero  imaze kuboneka, ngo ntaworyama asinzire afise amabanga yo gukingira abantu n’ibintu. Mu kwezi kwa Ndamukiza, ngo ibintu bishobora kuyangara kubera imvura nyinshi ndetse no mu myaka iza ibintu bishobora kubandanya bigenda nabi cane. Ubuhinga bwokoreshwa mu kurondera ico iyo migaga ivako, ngo ni ubwakoreshejwe ku mutumba wa Vugizo, aho inyuma y’ivyo vyigwa basavye ko abanyeshure bakurwa muri zirya nyubakwa zari zigeramiwe n’ikimanga Rubanza. Aho muri karitiye Winterekwa, ngo iyo migaga irashobora kuba iterwa n’isi yaho, imvura nyinshi n’amazi ava ku nzu zisanzwe zihubatse. Aho ku mutumba winterekwa, ngo biravugwa ko mu myaka iheze bahora baharima umuceri n’imisigati, muri kino gihe naho ngo ibidukikije vyaratitutse kubera ico kibanza bagishizemwo inyubako. Ivyo biriko birashika kuri uwo mutumba, ngo uruhara rw’ibikorwa vy’umuntu ni runini. Uwo mwigisha muri kaminuza y’Uburundi yasavye ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara ko bwofata ibintu mu minwe bagahagarika ivyo bintu. Amakaritiye abandanije kuvuka uko biri muri kino gihe, aho usanga inyubakwa ziduzwa mu bibanza bitagira mu bibanza bidaciyemwo amabarabara n’imigende y’amazi, ivyo bintu ngo bibandanije, bishobora gutera ingorane ziruta iz’uno munsi.

 Déo Misigaro                                                                                                        

Ouvrir