Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ndwi zibiri, igice c’ibarabara Kibumbu-Gitega gishobora kuzotanguzwa icese

12345Mu ndwi zibiri, ngo ibikorwa vyo kwubaka no gusiga ikaburimbo Umuyobizi mukuru w’ikigo kijejwe amabarabara, Vincent Nibayubahe yamenyesheje ko ahaciye ibarabara iterambere riheza rigakurikira  igice ca kabiri c’ibarabara RN18 , Nyakararo-Mwaro-Gitega, kiva mu Kibumbu gushika i Gitega, c’uburebure bw’ibirometero 24 birashobora gutanguzwa icese n’ababijejwe. Ico gice ca kabiri c’ibirometero 24 kikazokwubakwa ku buryo butanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD bwababa ibimiriyaridi 27 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe amabarabara mu Burundi, Vincent Nibayubahe, ku wa 3 Ndamukiza 2019,  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu ndwi zibiri, ngo ibikorwa vyo kwubaka no gusiga ikaburimbo Umuyobizi mukuru w’ikigo kijejwe amabarabara, Vincent Nibayubahe yamenyesheje ko ahaciye ibarabara iterambere riheza rigakurikira  igice ca kabiri c’ibarabara RN18 , Nyakararo-Mwaro-Gitega, kiva mu Kibumbu gushika i Gitega, c’uburebure bw’ibirometero 24 birashobora gutanguzwa icese n’ababijejwe. Ico gice ca kabiri c’ibirometero 24 kikazokwubakwa ku buryo butanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD bwababa ibimiriyaridi 27 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe amabarabara mu Burundi, Vincent Nibayubahe, ku wa 3 Ndamukiza 2019,  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Nibayubahe yabandanije abishikiriza, ngo ibikorwa vyo kwubaka no gusiga ikaburimbo igice ca kabiri c’ibarabara RN18, Nyakararo-Mwaro-Gitega bigiye gutangura kubera ko isoko yo gukora ivyo bikorwa yahawe ishirahamwe ry’abashinwa «Hunan Construction Engineering Group».  Iryo barabara RN18 rizohura n’irindi barabara RN8, i Songa, mu ntara ya Gitega, kw’ibarabara rija mu Ruyigi no mu Rutana, urenganye gatoya iseminari nkuru yitiriwe papa Jean Paul II.Muri kino gihe, ngo ishirahamwe ryatsindiye isoko yo kwubaka iryo barabara ririko rirubaka inzu abakozi bazobamwo, aho bazoshira ivyuma vyo gupima, ibikoresho bazokoresha hamwe n’ahazoba abajejwe gukurikirana ivyo bikorwa, ico yise « mission de contrôle ». Ibikorwa nyezina vyo gutangura kwimba ngo ntibiratangura kuko bari barindiriye ko haboneka ishirahamwe rizokurikirana ivyo bikorwa, iryo naryo ngo ni ishirahamwe RCI, ari naryo ryahagarariye ibikorwa vyo kwubaka igice ca mbere Nyakararo-Mwaro-Kibumbu. Mu ndwi zibiri, ngo barashobora guhamagara ababijejwe kugira gutanguzwe icese ibikorwa vyo gukora iryo barabara. Ishirahamwe « Hunan Construction Engineering Group » ryahawe ikiringo c’amezi 18, ibikorwa ngo bigashobora kuba vyasozerewe imbere y’ico kiringo bahawe.Ubu rero ngo kuja i Gitega, ingenzi zizoshobora guca mw’Ijenda-Mwaro gushika i Gitega, urwo rugendo rukazoshobora gufata umwanya muto. Ku bwa Vincent Nibayubahe ahaciye ibarabara iterambere riraheza rigakurikira ryo barabara ngo rikazoshobora guhuza Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya, uciye i Gitega-Karuzi- Muyinga gushika i Kobero.

Uburyo bwo gukora igice ca mbere c’ibarabara rya Bururi-Gitega c’ibirometero 35 bwarabonetse
Ku bijanye n’ibarabara rya Bururi- Gitega, ngo uburyo bwo kwubaka igice ca mbere c’ibirometero 35, kuva i Bururi ukarenga i Mahwa gushika i Gakuba burahari. Icategerezwa gukorwa ubwa mbere, ngo n’uko ivyigwa biba vyakozwe bikamara igihe kiri hagati y’imyaka iri hagati y’2 n’4, bisaba ko ivyo vyigwa bisubirwamwo kugira bijane n’ibihe. Muri kino gihe, ngo ivyo vyigwa vyarasubiwemwo kandi ngo vyaraheze, n’idosiye yo gutanga isoko yaratanzwe. Iyo dosiye yo gutanga isoko ngo bayirungikiye abemeye gutanga uburyo kugira barabe ko uko vyanditswe bihuye n’uko bavyipfuza.Ubu rero ngo barindiriye ko babaha ico bita « non Objection », iyo ngo bayironse iyo dosiye yo gutanga isoko bazoca bayicisha mu kinyamakuru ca reta « Le Renouveau du Burundi » kugira abipfuza kwubaka iryo barabara baze guhiganwa. Kuri iryo barabara rya Bururi-Gitega, ngo ni nk’uko ibikorwa biza vyaratanguye.Inyuma yo gukora igice c’ibarabara rya Mugina-Nyaza-Lac, ngo n’igice ca Nyanza-Lac-Rumonge abemeye gutanga uburyo bo mu bihugu vy’abarabu biciye mu mabanki ya OFID, Fonds Koweitien na BADEA, bararungitse intumwa, izo nazo ngo zari zije kuraba ibintu 2. Ivyo bintu bari baje kuraba, ngo izo ntumwa zari zije kuraba aho ibikorwa vyo kwubaka ibarabara rya Nyamitanga-Chanic bigeze hamwe n’uko ibarabara rya Nyanza-Lac-Rumonge ryifashe muri kino gihe. Uburyo bwo kwubaka ico gice c’ibirometero 52 ngo barabutanze, iyo nayo ikaba ari ingurane aho inzego zibijejwe zamaze gutera umukono ku mpapuro zikekenewe, aho n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zamaze kuvyiga.

Ibarabara rya Nyanza-Lac-Rumonge ngo bagiye gusubiramwo ivyigwa
Muri kino gihe, ngo bariko barategura gusubiramwo ivyigwa, ico yise « actualisation », kugira ivyigwa vyari vyarakozwe, binagurwe. Ivyo vyigwa kugira bikorwe, ngo vyasaba ko batanga isoko, iyo nayo ngo niyo bariko baratanga muri kino gihe, ngo batoye uwushobora kubikora neza. Muri kino gihe, ngo babirungikiye abemeye gutanga uburyo, ubu rero barindiriye « non objection » kugira bace bugurura amabahasha arimwo amafaranga. Ivyo ngo biheze baca basubira ku kibuga barabe amafaranga ivyo bikorwa bizotwara, bijanye n’igihe, ivyo navyo ngo bigashobora kumara amezi 3. Inyuma yaho, ngo bazoca bakora amadosiye yo gutanga isoko, ihejeje gutegurwa, ngo bazoca bayirungikira abatanga uburyo, habaye « non objection », ngo bazoca bayicisha mu kinyamakuru ca reta kugira abakeneye kwubaka iryo barabara baze guhiganwa. Ku bijanye n’ibarabara rizocibwa kugira bagabanye uruja n’uruza hafi y’ibiro vy’Umukuru w’igihugu, ngo rizoba rifise ibirometero 5 n’imetero 700. Ibikorwa vyo kwiga aho iryo barabara rizoca n’uburyo bisaba, ngo babihaye ishirahamwe ry’abashinwa, ubu rero ngo barindiriye icegeranyo kugira bamenye uburyo bukenewe haba mu gutanga umuzibukiro kubazokwononerwa ivyabo hamwe n’ibikorwa vyo kuryubaka. Ivyo vyigwa rero ngo bisaba kwitonderwa kubera iryo barabara rizoca ahantu habi kandi hari n’ibimanga vyinshi.Mu gihe ibitarurwa bimaze iminsi bitwagwa n’imvura nyishi, uwo muyobozi mukuru asaba abarundi kwijukira gutera ibiti ahari imitumba ihanamye na cane cane iyihanamiye igisagara, ku nkengera z’inzuzi naho bakahatera imigano kubera ko iyo migano ifasha gufata isi. 

 Déo Misigaro                                                                                              

Ouvrir