Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA asaba abarongoye amashengero mu Burundi kwegeza inyuma ivyoza bibacanishamwo

poiuPrezida NKURUNZIZA asaba abarongoye  amashengero mu Burundi kwigiza inyuma ivyoza bibacanishamwo cane cane ibijanye no guhemuka. Izo mpanuro yazitanze  mu nyigisho yatanze ku barongoye amashengero mu Burundi bahuriye mu nyubakwa y’ishure kaminuza ryigisha ivy’ubuvuzi bahuriye mu nyubakwa y’ishure kaminuza ry’igisha ivy’ubuvuzi mu gisagara ca Bujumbura. Hari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019.Prezida NKURUNZIZA asaba abarongoye  amashengero mu Burundi kwigiza inyuma ivyoza bibacanishamwo cane cane ibijanye no guhemuka. Izo mpanuro yazitanze  mu nyigisho yatanze ku barongoye amashengero mu Burundi bahuriye mu nyubakwa y’ishure kaminuza ryigisha ivy’ubuvuzi bahuriye mu nyubakwa y’ishure kaminuza ry’igisha ivy’ubuvuzi mu gisagara ca Bujumbura. Hari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019.

Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomede Nzeyimana yabimenyesheje inyuma y’izo nyigisho, ngo Prezida NKURUNZIZA yarabigishije arabereka yuko kenshi rimwe na rimwe mu gihugu nk’ic’Uburundi kirimwo amata n’ubuki, ariho naho havutse umuntu wa mbere Uburundi bukitwa umutima wa Afrika, vyerekana ko Uburundi ari igihugu kidasanzwe. Ngo yarababwiye kandi ko nabo bafise uruhara rudasanzwe mubintu vy’umutekano kuko igihugu kidatekanye ngo gitere imbere no mu mashengero ngo bitazokunda. Niko guca abasaba kuzoza barigiza inyuma ivyarivyo vyose vyobacanishamwo na cane cane ibijanye no guhemuka. Ikindi yamenyesheje ni uko ngo Prezida NKURUNZIZA yababwiye ko igihugu c’Uburundi gifise isezerano, aho yavuze ko amasengesho bagize i Ngozi mu mpera z’umwaka hariho bimwe bashoboye guhishurirwa bijanye n’uko kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwezi kwa gatatu harimwo bimwe bimaze kuboneka, nk’udushimwe duhabwa abakina utugenegene, abinonora imitsi bagenda bararonka udushimwe hirya no hino hamwe n’umugwi «nserukiragihugu Intamba mu Rugamba» w’igihugu watahukanye intsinzi. Ngo yaciye amenyesha ko icatangaje muri urwo rukino ari uko rugira rutangure bagiye mu cumba basasa ibendera ry’igihugu barasenga basaba yuko botsinda, urukino narwo ruheze ngo baciye barisasa mu kibuga barasenga bashimira Imana. Ngo niko guca amenyesha ko ivyo vyerekana ko igihugu kirimwo imigisha myinshi, aca abasaba kubandanya bakora ibishoboka vyose bongere ngo bahinduke,  baje ku murongo mwiza ngo kuko ibintu bigisha iyo babivuze baba bariko babibwira abantu benshi kandi iyo bigisha ibitarivyo abantu baca bata umurongo kandi baba bazwi ko bariko bakora ibintu biteza imbere. Alain Diomède Nzeyimana yabandanije amenyesha ko imbere yuko Prezida NKURUNZIZA atanga inyigisho, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, yabamenyesheje ko mu mashengero hakiriho utugorane two gucanamwo ariko ko ubu bumvikanye ko bagiye gusubiza hamwe kubera ingorane zagiye ziraboneka mu mwaka wa 2015 aho ngo vyabonetse ko hari inyigisho zitarizo zagiye ziratangwa mu mashengero. Ikindi icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje n’uko murizo nyigisho ngo habaye ikintu gikomeye aho abahawe inyigisho basomye itangazo rivuga ko biyemeje ko bagiye gusubiza hamwe, ngo bagiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo inyigisho zabo zizogende neza bariko bakorera mu kintu bise « ubumwe » mu butandukane bwabo bagerageza gukora bahuza. Yaranamenyesheje ko habaye n’izindi nyigisho zerekeye imigambi mibi y’abakoroni harimwo iyijanye n’akaranga.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir