Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi b’imboneza bahamagariwe kwitaho agateka k’abana

oiuKu wa 28 Ntwarante 2019, ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira  bwaratunganije inama yagenewe imboneza mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’inyifato yo kutitaho abana. Ibikorwa vy’iyo nama vyuguruwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi. Ku wa 28 Ntwarante 2019, ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira  bwaratunganije inama yagenewe imboneza mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’inyifato yo kutitaho abana . Ibikorwa vy’iyo nama vyuguruwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi.Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi yamenyesheje ko batunganije inama baherutse guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi mu kwezi kwa Ntwarante, umusi mukuru wama uhimbazwa uko umwaka utashe. Kabaye n’akaryo ko kwibutsa umukenyezi ko ariwe shingiro ry’iterambere rirama, ko bategerezwa kurandurana n’imizi ingendo n’inyifato bidaha agaciro kabereye umukenyezi, ko bategerezwa kurwanya amabi akorerwa  abakenyezi iyo aturuka hose. Bisubiye, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi yasiguye ko intumbero y’iyo nama yari  iyo kurabira hamwe uruhara rw’imboneza na cane cane imboneza mu bakenyezi mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi badasize  inyuma inyifato yo kutitaho abana. Eka ngo harakenewe intererano y’umwe umwe wese kugirango iryo hangiro barishikeko, bahereye ku mboneza, bagashika no ku yindi migwi y’abanyagihugu. Vyongeye, Martin Nivyabandi yarongeye amenyesha ko kutitwararika abana ari inkomoko y’ayandi mabi yose ashobora gushikira umwana, gutyo agateka kiwe kagahungabana. Kubw’umushikiranganji Martin Nivyabandi ngo iyo umwana avuye mu muryango akaja mw’ibarabara ni ukubera ko haba hariho abatamwitwararitse . Bisubiye, ngo iyo umwana agwaye imvuja, agashirwa mu buhumbu n’ibindi bitandukanye ni uko haba habaye abatiriganye, batakoze ivyo bategerezwa gukora ivyo bikaba bitabereye bitegerezwa gukosorwa. Intumbero y’isekeza ryo kurwanya ukutitaho abana ariyo bise « HUMURA KIBONDO », ryatangujwe muri Munyonyo 2017 ni iryo kwibutsa ivyo umwe wese  ategerezwa gukora, bagahindura inyifato n’ingendo yo kutitwararika abana na cane cane bahereye ku mboneza. Martin Nivyabandi yarashimiye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu adahengeshanya gushigikira imigambi yose yahariwe umuryango,abakenyezi n’abana biciye mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira hamwe n’ubundi bushikiranganji bukorera muri ico gisata. Kabaye n’akaryo ko gushimira  amashirahamwe yitanze mu buryo butandukanye haba mu guterera uwo mugambi mw’itegurwa ry’isekeza «Humura kibondo» hamwe no mw’ishirwa mu ngiro ryawo . Ayo nayo akaba ari ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo kw’isi UNICEF hamwe na « Word Vision Burundi ».Kubw’umushikiranganji w’indero, Janvière Ndirahisha akaba anarongoye kandi ihuriro ry’abakenyezi yamenyesheje ko  intererano batanga nk’abakenyezi b’imboneza ari uko bo kwitwararika ibibondo na cane cane abana bo mw’ibarababara . Vyongeye nk’abakenyezi b’imboneza, biyemeje ko bagiye kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Janvière Ndirahisha yamenyesheje abakenyezi bitavye ibikorwa vy’iyo nama ko umwe wese aza kuvaho  yiyemeje ico agiye gukora baba abihebeye Imana, abari mu mashirahamwe n’abandi bakabona ko umwana akivuka ategerezwa kubaho agateka kiwe kubahirijwe.Umuyobozi ku rwego rw’igihugu mw’ishirahamwe  World vision-Burundi  umupfasoni Marthe Mbengwe yamenyesheje ko iryo sekeza « Humura kibondo » ryatanguye muri Munyonyo umwaka w’2017, mu ntara ya Karusi. Kubw’uwo muyobozi w’ishirahamwe  World vision-Burundi  ngo igikorwa co kurwanya gufata minenerwe abana ku bakenyezi b’imboneza bitangurira muhira akaba ari naco gituma yaciye abahamagarira guhindura ibintu bafatiye ku bushobozi bafise.

Thérèse Niyonkuru                                                                                

Ouvrir