Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNC : Igihano cafatiwe iradiyo ijwi rya Amerika caragumijweho burundu, iradiyo BBC nayo yakwa uruhusha rwo gukorera mu Burundi

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru, CNC rwarafashe ingingo yo kugumiza Iradiyo Ijwi rya Amerika mu gihano c’agatekanyo co kudakorera ku gataka k’Uburundi mu kiringo c’amezi atandatu . CNC kandi yaratse burundu uruhusha rwo gukorera ku gataka k’Uburundi Iradiyo y’abongereza BBC. Izo ngingo zikaba zafashwe kuwa 29 Ntwarante 2019 n’abagize urwego CNC mu nama yabo yo ku wa 28 na 29 Ntwarante 2019 i Bujumbura.Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru, CNC rwarafashe ingingo yo kugumiza Iradiyo Ijwi rya Amerika mu gihano c’agatekanyo co kudakorera ku gataka k’Uburundi mu kiringo c’amezi atandatu . CNC kandi yaratse burundu uruhusha rwo gukorera ku gataka k’Uburundi Iradiyo y’abongereza BBC. Izo ngingo zikaba zafashwe kuwa 29 Ntwarante 2019 n’abagize urwego CNC mu nama yabo yo ku wa 28 na 29 Ntwarante 2019 i Bujumbura.Nk’uko umukuru w’urwego CNC, Nestor Bankumukunzi yashikirije izongingo yabimenyesheje ngo ayo maradiyo ntiyashoboye kwubahiriza ivyo yari yasabwe. Ngo uretse ko iradiyo «Ijwi rya Amérika» ritegeze ryemera amakosha ryakoze ngo yashishikaye ikoresha umukozi, Patrick Nduwimana asanzwe akurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi. Ngo iyo radiyo rero  abagize urwego CNC bafashe ingingo yo kuyihagarika vy’agateganyo kugeza aho izokwisubirako ikemera amakosha maze igakurikiza amategeko. Nk’uko Nestor Bankumukunzi yashishikaye abishikiriza ngo iradiyo y’abongereza BBC yaragerageje kwemera ko yakoze amakosha ariko ngo nayo nyene inyuma yaho yashishikaye ikora inkuru zitisunga amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Ngo inama ya CNC iciye hirya no hino ingene iradiyo BBC yashishikaye ikora amakosha yaciye ifata ingingo yo kuyaka burundu uruhusha rwo gukorera ku gataka k’uburundi. 

Nathan Ntahondi

Ouvrir