Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatwa baritavye akamo Reta yateye ko kwubakana biciye mu mategeko

sdqAbatwa baritavye akamo Reta yateye  abarundi bose ko kubakana biciye mu mategeko kuko babonye bifise akamaro kenshi mu miryango hamwe no kubana. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA,  Emmanuel Nengo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2019. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo abatwa baritabiriye akamo ko kwubakana biciye mu mategeko  kandi bageze ku rugero rushimishije. Yaravuze ko ako kamo imboneza z’abatwa bakumvise  bongera barishikira ku kivi gusigura  ko iryo tegeko ryasohotse ari ryiza bongera barababwira n’akamaro karyo. Ngo abatwa benshi bakaba bari babanye  bidaciye mu mategeko kandi bikaba vyarabazanira ingorane nyinshi cane.Abatwa baritavye akamo Reta yateye  abarundi bose ko kubakana biciye mu mategeko kuko babonye bifise akamaro kenshi mu miryango hamwe no kubana.

Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA,  Emmanuel Nengo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2019. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo abatwa baritabiriye akamo ko kwubakana biciye mu mategeko  kandi bageze ku rugero rushimishije. Yaravuze ko ako kamo imboneza z’abatwa bakumvise  bongera barishikira ku kivi gusigura  ko iryo tegeko ryasohotse ari ryiza bongera barababwira n’akamaro karyo. Ngo abatwa benshi bakaba bari babanye  bidaciye mu mategeko kandi bikaba vyarabazanira ingorane nyinshi cane.Iyo batase  baca bavana,  hanyuma umugabo agaca arongora uwundi mugore bigatera induru abana bakabura iyo baja. Yaravuze kandi ko ingorane ari nyishi ku miryango ibana bidaciye mu mategeko. Ingorane ya mbere ngo  ni uko bibarutse abana badashobora kuvugwa ku buntu (abari munsi y’imyaka itanu). Ikindi naco ngo  ntibaheza ngo babandikishe mw’ikomine kuko ata mpapuro baba bafise z’amavuko. Uwurongoye ishirahamwe UNIPROBA yamenyesheje kandi ko bazoguma babahimiriza kugeza bose bumvise akamo batewe na Reta atawusigaye inyuma. Yarongeye aravuga ko uwo mugambi waje hageze kuko  bari bamaze iminsi babahimiriza bafashijwe n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda .Yarongeye aravuga ko abatwa bahora bitwaza ubukene ngo kuko batogenda kwiyandikisha bambaye nabi bakaba barajijutse uburyo basigaye baburondera. Ngo ikindi cabafashije ni uko abasitanteri benshi babonye ko bafise ishaka ryo kuza kwandikwa muri komine kugira babane biciye mu mategeko  barabareka bakabandika ku buntu. Ivyo abatwa ngo bakaba barabishimye cane bagasaba ko n’abandi basitanteri boba batarahereza abatwa ko  bobafasha bakandikwa kubuntu kuko bafise amikoro make. Emmanuel Nengo yamenyesheje kandi ko kuva ubu  abatwa bazobandanya bubakana biciye mu mategeko. Ngo muri komine Giteranyi intara ya Muyinga haherutse kuba ubugeni ku ngo zirenga 50 bubakanye biciye mu mategeko. Ivyo bikerekana ko ari ikintu ciza cane kuko bitabiriye kamo Reta yabateye.  Ngo barateye akamo abatwa bose baba mu ntara zose z’igihugu ko bokwitaba na Reta akamo batewe ko kwubaka biciye mu mategeko kuko ari umugirwa mwiza. Ikindi yasavye abatwa bose ngo nuko bobandanya batunganya  ibikorwa bisabwa na Reta kuko bizana iterambere.  
Thérèse Niyonkuru

Ouvrir