Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigenderanire hagati y’Uburundi na Turukiya yifashe neza

sezKu wa 28 Ntwarante 2019, Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, yarahaye umubonano mu biro iwe uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi Serap Ataay. Uwo mushitsi akaba yaraje kwimenyekanisha ku mukuru w’Inama Nshingamateka kuko ari mushasha ndetse n’ubuserukizi bw’igihugu ca Turukiya  bukaba ari bushasha mu gihugu c’Uburundi. Inyuma y’uwo mubonano, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze yari yatumiwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Turukiya.  Ku wa 28 Ntwarante 2019, Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, yarahaye umubonano mu biro iwe uwuserukira igihugu ca Turukiya mu Burundi Serap Ataay.

Uwo mushitsi akaba yaraje kwimenyekanisha ku mukuru w’Inama Nshingamateka kuko ari mushasha ndetse n’ubuserukizi bw’igihugu ca Turukiya  bukaba ari bushasha mu gihugu c’Uburundi. Inyuma y’uwo mubonano, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze yari yatumiwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Turukiya.  Muvyo baganiriye na mugenziwe ndetse n’ivyo baganiriye n’Umukuru w’igihugu ca Tirikiya, bavuganye ko vuba cane hagiye kubaho ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi. Ati rero ni umunezero kubona ko mu mwaka umwe gusa ico gikorwa giciye gishirwa mu ngiro. Yamenyesheje kandi ko hari imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’igihugu ca Turukiya kubera ko haba mu vy’ubutunzi; haba no mu vyerekeye indero. Hariho abanyeshure b’abarundi biga muri ico gihugu kandi bakarihirwa amashure n’ico gihugu ca Turukiya. Ngo hari n’ibidandazwa vyinshi mu Burundi nk’ivyuma vyo kwubakisha biva muri ico gihugu. Igihe umukuru w’inama Nshingamateka yagendayo ngo yarashoboye kubonana n’abarwizatunga kandi bakaba nabo baherutse mu Burundi. Iyo migenderanire rero akizera ko igiye gukomera cane kubera ko habonetse ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi. Umukuru w’Inama Nshingamateka ngo yaramumenyesheje uwo mushitsi w’iteka ingene Inama Nshingamateka y’Uburundi ikora anamumenyesha yuko bipfuza ko imigenderanire yobandanya ikomera. Yaramumenyesheje ko igihe yagira urugendo mu gihugu ca Turukiya yifuje ko hoba umugwi w’abashingamateka b’ico gihugu ukorana n’umugwi w’abashingamateka bo mu Burundi. Ambasaderi Serap Ataay nawe akaba yamumenyesheje ko uwo mugwi umaze gushirwaho, ukaba urimwo abashingamateka bashika nka 20 bipfuza gukorana n’abashingamateka bo mu Burundi. Vyumvikana rero ko ibijanye n’imigenderanire haba ku ruhande rw’igihugu canke ku ruhande rw’Inama Nshingamateka imigenderanire yifashe neza, akizera ko izobandanya ikomera kubera ko ubu hariho ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.  

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir