Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarongoye abandi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi basabwa kuja hamwe kugira barwize umwimbu

sdcAbarongoye abandi  mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi basabwa kuja hamwe kugira barwize umwimbu no gukomeza umwizero mu benegihugu. Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema mu nama yagirishije abayobozi bakuru n’abayobozi hamwe n’abarongozi b’ibisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji. Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019. Nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema yabimenyesheje, ngo bari ku rugero rwiza mu bijanye n’igisata c’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bikaba vyatumwe n’uko bakorera hamwe. Niko guca abamenyesha ko bategerezwa kurwiza umwimbu bakamenya ko ibibanza barimwo biza gusahiriza ubushikiranganji. Ngo mu mwiherero bagize mu ntara ya Kayanza bariko baribukanya icatumye ubwo bushikiranganji babugirira impinyanyuro, ngo ni uko bategerezwa kurwiza umwimbu haba mu biterwa no mu bitungwa ibidukikije bikaza gusahiriza mu gukingira amatongo avogerwa kandi yari amatongo botegerejwe kurwirizamwo umwimbu.

Ikindi naco ngo ntibashobora kurima badafise amazi. Umushikiranganji yaciye abamenyesha ko ibisata vyose bitegerezwa kugira urunani bagakurikirana igikorwa co kurwanya inzara. Iyindi ntumbero nayo y’iyo nama ngo bashaka kuganira ku karusho bazoronka nibakorera hamwe bakumva ko bagize urunani. Ico yabasavye kandi ngo ni uko bose bokwumva ko basenyera ku mugozi umwe, bakumva ko ari ba magiriranire hakugenda umwe wese yigenga. Yabamenyesheje ko mu nama Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagirishije abayobozi bakuru, abarongoye uburimyi n’ubworozi mu ntara( DPAE )n’abenegihugu basanzwe bakorera mu gisata cu burimyi n’ubworozi hamwe no guhingura umwimbu, icibonekeje ari uko babibukije ko ubwo bushikiranganji bujejwe kugaburira abenegihugu biciye mu burimyi n’ubworozi no gukingira ibidukikije hamwe no gucungera amazi akoreshwa. Ivyo ngo vyerekana ko ari abantu badasanzwe biboneka kandi ko nibicara bagashira agati mu ryinyo umwenegihugu azoguma arima kandi akeneye impanuro zabo, rero ngo bategerezwa kwama hafi y’abenegihugu kugira basahirize ibikorwa vyabo vya minsi yose. Yabasavye ko batokwicara mu biro kugira bahaterere inkuru ahubwo ko bohaja bagiye gutegura ibizokorerwa ku rubuga, gutyo ngo ntibazote umwanya munini mu biro ahubwo bazowushire ku rubuga, umwenegihugu yumve ko ariko arakurikiranwa. Ikindi yabasavye ni uko boza barerekana ubuhinga bwabo mu kwitunganiriza ibikorwa kuko kenshi usanga ubushikiranganji bwikora ku bahinga bavuye hanze kandi nabo baba baravyize. Yaciye asaba abayobozi bakuru gutanga programa y’igihugu ijanye n’ingene bagiye gutunganya ibijanye no gukingira ibidukikije, imikobeko, amasoko, isi n’ibindi. Umushikiranganji yarabasavye kugira umutima wo gukunda igihugu ngo bumve ko atari akarima k’iwabo ahubwo bumve ko ari kazoza k’abuzukuru n’abuzukuruza, yarongeye abasaba kudashira imbere uburyo ahubwo ngo bahashire ibikorwa.Abarongoye abandi  mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi basabwa kuja hamwe kugira barwize umwimbu no gukomeza umwizero mu benegihugu. Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema mu nama yagirishije abayobozi bakuru n’abayobozi hamwe n’abarongozi b’ibisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji. Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019. Nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema yabimenyesheje, ngo bari ku rugero rwiza mu bijanye n’igisata c’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bikaba vyatumwe n’uko bakorera hamwe. Niko guca abamenyesha ko bategerezwa kurwiza umwimbu bakamenya ko ibibanza barimwo biza gusahiriza ubushikiranganji. Ngo mu mwiherero bagize mu ntara ya Kayanza bariko baribukanya icatumye ubwo bushikiranganji babugirira impinyanyuro, ngo ni uko bategerezwa kurwiza umwimbu haba mu biterwa no mu bitungwa ibidukikije bikaza gusahiriza mu gukingira amatongo avogerwa kandi yari amatongo botegerejwe kurwirizamwo umwimbu. Ikindi naco ngo ntibashobora kurima badafise amazi. Umushikiranganji yaciye abamenyesha ko ibisata vyose bitegerezwa kugira urunani bagakurikirana igikorwa co kurwanya inzara. Iyindi ntumbero nayo y’iyo nama ngo bashaka kuganira ku karusho bazoronka nibakorera hamwe bakumva ko bagize urunani. Ico yabasavye kandi ngo ni uko bose bokwumva ko basenyera ku mugozi umwe, bakumva ko ari ba magiriranire hakugenda umwe wese yigenga. Yabamenyesheje ko mu nama Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagirishije abayobozi bakuru, abarongoye uburimyi n’ubworozi mu ntara( DPAE )n’abenegihugu basanzwe bakorera mu gisata cu burimyi n’ubworozi hamwe no guhingura umwimbu, icibonekeje ari uko babibukije ko ubwo bushikiranganji bujejwe kugaburira abenegihugu biciye mu burimyi n’ubworozi no gukingira ibidukikije hamwe no gucungera amazi akoreshwa. Ivyo ngo vyerekana ko ari abantu badasanzwe biboneka kandi ko nibicara bagashira agati mu ryinyo umwenegihugu azoguma arima kandi akeneye impanuro zabo, rero ngo bategerezwa kwama hafi y’abenegihugu kugira basahirize ibikorwa vyabo vya minsi yose. Yabasavye ko batokwicara mu biro kugira bahaterere inkuru ahubwo ko bohaja bagiye gutegura ibizokorerwa ku rubuga, gutyo ngo ntibazote umwanya munini mu biro ahubwo bazowushire ku rubuga, umwenegihugu yumve ko ariko arakurikiranwa. Ikindi yabasavye ni uko boza barerekana ubuhinga bwabo mu kwitunganiriza ibikorwa kuko kenshi usanga ubushikiranganji bwikora ku bahinga bavuye hanze kandi nabo baba baravyize. Yaciye asaba abayobozi bakuru gutanga programa y’igihugu ijanye n’ingene bagiye gutunganya ibijanye no gukingira ibidukikije, imikobeko, amasoko, isi n’ibindi. Umushikiranganji yarabasavye kugira umutima wo gukunda igihugu ngo bumve ko atari akarima k’iwabo ahubwo bumve ko ari kazoza k’abuzukuru n’abuzukuruza, yarongeye abasaba kudashira imbere uburyo ahubwo ngo bahashire ibikorwa.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir