Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Isizeni y’ikawa y’umwaka w’2019 ushira 2020 yaratangujwe icese kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019

xwcUmushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi,Déo Guide Rurema yaratanguje icese isizeni y’ikawa y’umwaka w’2019 ushira 2020 ku wa 25 Ntwrante 2019.Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi,Déo Guide Rurema yaratanguje icese isizeni y’ikawa y’umwaka w’2019 ushira 2020 ku wa 25 Ntwrante 2019.Ivyo bikaba biri mw’itangazo yashikirije ibimenyeshamakuru ,igihe yari ahejeje kugirisha inama abayobozi bakuru n’abayobozi hamwe n’abandi barongoye ibisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji, yabereye mu nyubakwa y’ikigo c’ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi ISABU.Umushikiranganji Déo Guide Rurema akaba yabanje kumenyesha ko Reta y’Uburndi ibicishije ku bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi idahengeshanya kugaragaza umwitwarariko ifise wo guteza imbere igisata c’ikawa,kizwi ko gifitiye akamaro kanini igihugu c’Uburundi.Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bufadikanije n’abasanzwe bakorera muri ico gisata bwihatira gukora ibishoboka vyose kugira amasizeni atunganywe neza gutyo ngo ntihabe nyagupfa na nyagukira haba ku barimyi no kubakorera muri ico gisata bose. 

Ngo mu ntumbero yo kwitegurira neza isizeni ry’2019 ushira 2020, ibitari bike vyarakozwe haba mu kugirisha inama n’ibijanye no gushiraho amategeko ngenderwako. Yaranamenyesheje kandi ko nk’uko vyasabwe mu nama yabaye kw’igenekerezo rya 18 Ntwarante 2019, yahuza amabanki hamwe n’abakorera mu gisata c’ikawa, ngo abatari bake ku bafise amatonorero y’ikawa bipfuza gukora muri iyo sizeni baramaze kuronswa impusha n’urwego rwa Reta rujejwe gukurikirana igisata c’ikawa mu Burundi « ARFIC », abandi nabo zibandanya zitegurwa. Ikindi naco yamenyesheje n’uko urwego rwa Reta rujejwe gukurikirana igisata c’ikawa mu Burundi rwamaze gusohora itegeko ngenderwako rijanye no kwegeranya, guhingura umwimbu w’ikawa mw’isizeni ry’umwaka w’ 2019 ushira 2020. Niko guca amenyesha ko isizeni y’umwaka wa 2019 ushira 2020 iza yaratanguye kuko mu turere tutari duke tw’igihugu ikawa yatanguye guhishira. Umushikiranganji yaciye atera akamo abarimyi b’ikawa gushora umwimbu wabo ku matonorero abegereye. Yarabandanije kandi amenyesha ko ingingo nyamukuru zizokwisungwa muri  iryo sizeni, harimwo ikijanye n’ibibanza vyo kwegeranirizamwo ikawa aho uwaronse uburenganzira arekuriwe kwegeranya ikawa mu bibanza yari yararonse mw’isizeni ry’umwaka w’2018 ushira 2019, ibibanza vyahora bikorerwamwo n’amashirahamwe yahagaritswe gukora muri iyi sizeni y’umwaka  w’2019 ushira 2020 bizohabwa ayandi mashirahamwe akwije ibisabwa n’amategeko, igiciro c’ikawa ihishiye kw’isizeni ry’umwaka w’2019 ushira 2020 ari amafaranga 500 ku kiro c’ikawa nziza hamwe n’amafaranga 250 ku kiro c’ikawa y’ibisobwa. Yaramenyesheje kandi ko izindi ngingo zifatiye kukuntu atamurimyi n’umwe w’ikawa arekuriwe gutonorera ikawa muhira kuko abakira ikawa ku matonorero bategerezwa kwakira ikawa nziza n’ibisobwa, guhemba amakashi ku kawa iriko iragurwa ngo birabujijwe kandi ko abakira ikawa bose basabwa gutanga icegeranyo c’umwimbu w’ikawa ihishiye begeranije ku ndwi kundwi mu rwego rwa Reta rujejwe gukurikirana igisata c’ikawa mu Burundi, nayo ihemba naryo ngo rikazoba mu biringo bibiri, irya mbere hatazorenga igenekerezo rya 5 Rusama, irindi igenekerezo rya 15 Myandagaro. Umushikiranganji yarasavye amashirahamwe atonora ikawa kubandanya ariha amatagisi ya komine ajanye n’ikawa yegeranije kw’isizeni ry’umwaka 2018 ushira 2019, abashora ikawa hanze nabo ngo babandanye  gutahukana amahera y’agaciro y’ikawa yashotse babicishije mw’ibanki nkuru y’igihugu. Ngo kubagiheranye amatagisi ya komine canke abataratahukana amahera y’agaciro ajanye n’imyaka y’imbere y’isizeni ry’umwaka w’ 2018 ushira 2019 nabo basabwe gukora ibishoboka vyose kugira barihe ideni. Yasozereye asaba abajejwe intwaro, umutekano, abakorera mu gisata c’ikawa n’abenegihugu kubandanya basenyera ku mugozi umwe kugira batuze ingeso mbi yo gushorera ikawa mu kinywabi kugira ubutunzi bw’igihugu bubandanye bwisununura.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir