Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugwi CVR uhamagarira abarundi guhinduka, bibuke ko basangiye ugupfa n’ugukira

vbcUmugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi  CVR uhamagarira abarundi  kuvuga ukuri babonye canke bumvise batabeshera umuntu n’umwe no gusoma neza ibwirizwa rigenga uwo mugwi  kugira ntihagire abazojuragirika ahubwo bazobe ivyabona, abaserukizi b’uwo mugwi. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye umugwi CVR Pierre Claver Ndayicariye  mu nama yagirishije abaserukira abandi  mu migwi itandukanye  bo muri komine Mukaza kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019.Umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi  CVR uhamagarira abarundi  kuvuga ukuri babonye canke bumvise batabeshera umuntu n’umwe no gusoma neza ibwirizwa rigenga uwo mugwi  kugira ntihagire abazojuragirika ahubwo bazobe ivyabona, abaserukizi b’uwo mugwi . Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye umugwi CVR Pierre Claver Ndayicariye  mu nama yagirishije abaserukira abandi  mu migwi itandukanye  bo muri komine Mukaza kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019.

Pierre Claver Ndayicariye  yamenyesheje ko iyo nama yatunganijwe kugira bamenyeshe abarundi bose ico uwo mugwi  CVR ujejwe bongere bamenyeshe ko kugira imigambi yabo iranguke ari uko  abanyagihugu bohinduka bagakunda igihugu bakareka kwibagira ko basangiye ugupfa n’ugukira. Yaciye amenyesha ko  mu minsi ya vuba bagiye kwerekana ivyegeranyo vy’abishwe,  abatazwi irengero hamwe n’ibinogo vyahambwemwo abantu benshi kugira abanyagihugu baronke akaryo ko kugira ico babivuzeko. Vyongeye rero, ngo  igikorwa c’uwo murwi si igikorwa coroshe  ni ubutumwa buremereye  budahutagizwa,  ni urugamba rukomeye, arico  gituma bazobandanya basigurira abanyagihugu kuva ku rwego rwo hejuru gushika hasi kuko hose hari ukuri kuhinyegeje. Ndayicariye  yamenyesheje kandi  ko mu  minsi mike  bazofata  ivyegeranyo vya mbere vy’abishwe n’abazimiye hanyuma hakurikire icegeranyo c’ibinogo vyatawemwo abantu benshi. Ivyo rero bakaba bavyise ivyegeranyo vy’akarorero mu ntumbero yo kwereka ababibabwiye  ko babikoreyeko,babibone barabe ko bikwiye ata gahaze canke karenzeko. Muri ico gihe basanze harimwo agahaze bazoheza basubire bace aho baciye bababwire ivyo batabonyemwo canke ivyo babonyemwo atarivyo babikosore. Ico ngo ni igikorwa bazokora  kenshi kugira ukuri kugaragare kuko ngo ukuri kw’iminsi ya mbere kuragora bivuye ku gutinya igitsure c’ababarongoye canke c’ababanyi. Abarundi rero ngo harageze ko babohoka bakidegemvya, ari abakoze icaha canke bagikorewe.  Pierre Claver Ndayicariye yarafashe akanya ko kwereka abari ngaho amasanamu  y’ivyegeranyo bimwe bimwe umugwi wahahora wegeranije . Inyuma y’ivyo yarahaye akanya abari aho kugira babaze ibibazo ku bibabakiye ku mutima aho babajije bati mbega ko kugira ukuri kumenyekane  hari ivyo umurwi uzokenera ukuye mu vyanditse biri mu bihugu imigenderanire  yavyo n’Uburundi yatosekaye bizoheza bigende gute? Umukuru w’umugwi CVR yishuye ko  bazoganira na Reta babicishije mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu kugira bashobore gushika aho hose hari ivyo bakenye.Barabajije kandi ukuntu ibisigarira vy’abantu bizobikwa n’aho bizobikwa imbere y’uko bishinguranwa iteka. N’aho yishuye avuga ko ari ikibazo bagiye gutura inzego zo hejuru. 

 

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir