Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA ahamagariye abarundi gutanga intererano y’amatoro yo mu mwaka w’2020

amatoraUmukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA  Yaratanze  Kw’igenekerezo  rya 5 Ntwarante 2019  intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ashika imiriyoni 4 mw’ibanki nkuru y’igihugu ishami riri mu ntara ya Ngonzi .Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA  Yaratanze  Kw’igenekerezo  rya 5 Ntwarante 2019  intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ashika imiriyoni 4 mw’ibanki nkuru y’igihugu ishami riri mu ntara ya Ngonzi .Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje ko atanze amahera y’intererano ubugira kane ku muryango wabo. Ngo abarundi baratanguye ingendo nshasha mu mwaka w’2015 mu gukunda igihugu cabo bakakizirikana bakongera bagaterera mw’iterambere. Yavuze ko mu bijanye no kwikukira k’Uburundi babikesha abakurambere, abavyeyi bacu bitanze kugira igihugu c’ikukire kandi bakamenya ko ubutegetsi buva kumana akaba arinaco gituma abana babantu bahamagariwe guterera kuko Imana ikorana n’abahizi. Yarongeye avuga ko baravye ukuntu bitunganirije amatora yo mu mwaka w’2015 bwari ubwambere mu matora yo mu Burundi bayakoze atamfashanyo zivuye hanze. Amatoro  y’impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro nayo nyene bakaba barayakoze atamfashanyo ivuye mu mahanga . Ngo no mu matora yo mwaka w’2020  bazotora amatora kugira inzego zisubirizwe hatorwe nshasha kandi atamfashanyo baronse. Ngo kubwivyo ahamagarira abanyagihugu kugira batange intererano nk’uko babikoze mu mwaka 2015 hamwe no mu mwaka w’2018 bamenyere gutunganya amatora atabanyamahanga barimwo. Yarongeye aravuga ko baje gushima  Imana ko yabagiriye neza umwaka watanguye bagize umwimbu mwiza hama barawushora baronka umusesekera. Uwo mwimbu bawuronkeye mu gihugu c’Uburundi, kubera bafise igihugu gitekanye kirimwo imvura hamwe n,’akazuba keza. Prezida NKURUZIZA akaba yavuze ko kubwivyo Imana ntiyahezagiye bonyene mu ndimiro zabo canke ivyo bakora. Ngo nico gituma ateye akamo abarundi bose ko bokwitabira  mu guterera amatora umwe wese agatanga ico afise. Yarongeye aramenyesha ko bazi neza ko bageze ku ntabwe ishimishije yo guterera amatora bakaba bageze hafi ku bice 70  vy’ amafaranga akenewe kugira amatora y’2020 azogende neza.                                                   Thérèse Niyonkuru

Ouvrir