Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu makomine ya Mwumba na Ngozi Prezida NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere

odododoKu munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 2 Ntwarante 2019, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine  Mwumba,intara ya Ngozi mu bikorwa rusangi.Vyari ibikorwa vyo kumvanga isima ,umusenyi hamwe n’urucekeri vy’ukubuka umushinge w’uruzitiro rw’aho imodoka zihagarara (parking) ruriko rurubakwa kw’isoko ya kijambere yo mu Vyerwa. Ico gituro kikazokwakira imodokari 200 . Musitenteri wa komine Mwumba, Emmanuel Ndayizeye yakavuze ko ivyo biri muvyo komine Mwumba  izokwerekana mu kwezi kwa Mukakaro 2019, mu gihe c’ibirori vyo guhimbaza imyaka 57 Uburundi buzoba bumaze bwikukiye. Imbere yaho Umukuru w’igihugu akaba yarishikiye ku musozi Rutanga, muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi aho asanzwe yororeye ibitugwa bitandukanye. Inyuma y’umutaga Prezida NKURUNZIZA yararoreye urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje urwaruka ruri munsi y’imyaka 17 rwaberereye ku kibuga c’inkino Urukundo c’i Buye,muri  komine Mwumba, intara ya Ngozi. Urwo rukino rukaba rwahuje imirwi Messager Buganda yo mu ntara ya Cibitoke na Messager Ngozi. Urukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi Messager Buganda ku bitsindo 4 kuri 3 vya Messager Ngozi. Urundi rukino yarorereye rwahuje imirwi ya Messager Rumonge wo mu cicaro ca 3 na Messager Ngozi wo mu cicaro ca 2.

Intsinzi ikaba yatahukanye umurwi Messager Ngozi ku bitsindo 2 kuri 1 ca Messager Rumonge. Ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 4 Ntwarante 2019, Prezida NKURUNZIZA yaranguriye  ibikorwa vy’iterambere rusangi  bitandukanye mu ntara ya Ngozi . Yatanguriye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi aho yifadikanije n’abanyagihugu mu kuvanga isima, urucekeri hamwe n’umusenyi vyo kwubaka ishure ry’akarorero ry’imyuga riri mu Kinyami.  Iryo shure rya komine Ngozi rigeretse incuro zibiri rikaba rigizwe n’amasomero 15, rikazokwakira abanyeshure bashika amajana munani. Ivyo bikorwa vyo kwubaka iryo shure bizotwara amafaranga arenga umuriyaridi.Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 2 Ntwarante 2019, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine  Mwumba,intara ya Ngozi mu bikorwa rusangi.Vyari ibikorwa vyo kumvanga isima ,umusenyi hamwe n’urucekeri vy’ukubuka umushinge w’uruzitiro rw’aho imodoka zihagarara (parking) ruriko rurubakwa kw’isoko ya kijambere yo mu Vyerwa. Ico gituro kikazokwakira imodokari 200 . Musitenteri wa komine Mwumba, Emmanuel Ndayizeye yakavuze ko ivyo biri muvyo komine Mwumba  izokwerekana mu kwezi kwa Mukakaro 2019, mu gihe c’ibirori vyo guhimbaza imyaka 57 Uburundi buzoba bumaze bwikukiye. Imbere yaho Umukuru w’igihugu akaba yarishikiye ku musozi Rutanga, muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi aho asanzwe yororeye ibitugwa bitandukanye. Inyuma y’umutaga Prezida NKURUNZIZA yararoreye urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje urwaruka ruri munsi y’imyaka 17 rwaberereye ku kibuga c’inkino Urukundo c’i Buye,muri  komine Mwumba, intara ya Ngozi. Urwo rukino rukaba rwahuje imirwi Messager Buganda yo mu ntara ya Cibitoke na Messager Ngozi. Urukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi Messager Buganda ku bitsindo 4 kuri 3 vya Messager Ngozi. Urundi rukino yarorereye rwahuje imirwi ya Messager Rumonge wo mu cicaro ca 3 na Messager Ngozi wo mu cicaro ca 2. Intsinzi ikaba yatahukanye umurwi Messager Ngozi ku bitsindo 2 kuri 1 ca Messager Rumonge. Ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 4 Ntwarante 2019, Prezida NKURUNZIZA yaranguriye  ibikorwa vy’iterambere rusangi  bitandukanye mu ntara ya Ngozi . Yatanguriye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi aho yifadikanije n’abanyagihugu mu kuvanga isima, urucekeri hamwe n’umusenyi vyo kwubaka ishure ry’akarorero ry’imyuga riri mu Kinyami.  Iryo shure rya komine Ngozi rigeretse incuro zibiri rikaba rigizwe n’amasomero 15, rikazokwakira abanyeshure bashika amajana munani. Ivyo bikorwa vyo kwubaka iryo shure bizotwara amafaranga arenga umuriyaridi.Nk’ uko musitenteri wa komine Ngozi Rajabu Songambere yabimenyesheje ngo ivyo bikorwa bizokwerekanwa ku munsi wo guhimbaza imyaka 100 igisagara ca Ngozi kizoba kimaze  mu mwaka w’2020. Mu nyuma yaho Prezida NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka ikibanza co kwakira imodoka kw’isoko ya kjambere ya Vyerwa muri komine Mwumba. Ico kibanza categekanirijwe kwakira imiduga amajana abiri harimwo n’ibiduga biremereye bitwara ibidandazwa. Ngo ico kibuga kizokwerekanwa mu bikorwa vy’akarorero vyaranguwe na komine Mwumba ku wa 1 Myandagaro 2019 igihe co guhimbaza imyaka 57 izoba irumanye Uburundi bwikukiye.                          Thérèse Niyonkuru

Ouvrir