Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadandaza bo mw’isoko bahamagariwe kugira isuku aho bakorera ntihagire indwara zihaduka

sionAbadandaza bo mw’isoko bahamagariwe kubandanya bagira isuku aho baherereye naburya ikiza ca korera kimaze iminsi cibonekeza. Ako kamo katewe na Joseph Dukundane, komiseri w’isoko « Buyenzi City Market » ryo kwa Siyoni kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2019 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Abadandaza bo mw’isoko bahamagariwe kubandanya bagira isuku aho baherereye naburya ikiza ca korera kimaze iminsi cibonekeza. Ako kamo katewe na Joseph Dukundane, komiseri w’isoko « Buyenzi City Market » ryo kwa Siyoni kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2019 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Joseph Dukundane komiseri w’isoko ryo kwa Siyoni yamenyesheje ko abantu batagira isuku bagira amagara mabi akaba arinaco gituma bose babahimiriza kurikora aho baherereye.  Ngo kugira muri iryo soko ryabo hagume hari isuku ni  uko basizeho ibikoresho vyinshi batamwo    umwavu  birenga 30 kugira ntukwiragire. Ngo kugira bigende neza Ni uko hariho abantu baguma bagendura baraba ko ivyo bikoresho batamwo umwavu vyuzuye kugira babisese aho vyagenewe mu bibanza bibiri bubatse inyuma y’isoko. Yarongeye amenyesha ko kugira hagume isuku muri iyo soko bagiriraniye amasezerano n’ishirahamwe  «BCCO» kugira baze baratwara iryo yarara bitagoranye. Yaravuze ko bahimiriza abadandaza kugira isuku imbere yaho bariko barakorera uwubirenzeko agahanwa mbere bakanamwugarira kuko isuku riri mu bikorwa rusangi . Yaravuze kandi ko bafise abantu bakubura iminsi yose gushitsa no mw’ijoro bagikora isuku. Yaramenyesheje kandi ko bafise utuzu twa  surwumwe dukwiye hamwe n’ubwogero  kandi bakahagirira isuku ku munsi ku munsi. Ngo kugira hagume isuku harimwo ibintu bimwe bimwe bankiye kuzana kudandaza muri iyo soko, ivyo navyo ni nk’ibigori bitetse hamwe n’imisigati. Ngo iyo babizanye baca babitagaguza mw’isoko hagaca haza umwanda kuko batamenya uwabitayeho. Komiseri w’iyo soko agatera akamo abadandaza bose bayikoreramwo ko bogira isuku kugira ikiza ca korera ntikibatere.

Thérèse Niyonkuru
                                                                

Ouvrir