Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi baterwa akamo ko gushira imbere umukenyezi mu migambi yo gutegekanya kazoza

D1DAaO1WwAAo9apUko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, Uburundi burifadikanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe zina mukenyezi kw’isi yose. Uwo munsi rero akaba ari akaryo kuri Reta zose zo kw’isi n’Uburundi butavuyemwo ko kurimbura intambwe igezweko mu guteza imbere umukenyezi, haba mu vy’imibano, poritike no mu vy’ ubutunzi. Ni naho ibihugu bifatira mu kwiha irindi hangiro ryo gushira amategeko, amasezerano n’imigambi bijanye no guteza imbere umukenyezi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira Martin Nivyabandi mu kiganiro yagiriraniye n’abamenyeshamakuru ku wa 7 Ntwarante 2019. Ng’aha mu Burundi icivugo c’uno mwaka kikaba ari « Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza ».Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, Uburundi burifadikanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe zina mukenyezi kw’isi yose. Uyo munsi rero akaba ari akaryo kuri Reta zose zo kw’isi n’Uburundi butavuyemwo ko kurimbura intambwe igezweko mu guteza imbere umukenyezi, haba mu vy’imibano, poritike no mu vy’ ubutunzi. Ni naho ibihugu bifatira mu kwiha irindi hangiro ryo gushira amategeko, amasezerano n’imigambi bijanye no guteza imbere umukenyezi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira Martin Nivyabandi mu kiganiro yagiriraniye n’abamenyeshamakuru ku wa 7 Ntwarante 2019. Ng’aha mu Burundi icivugo c’uno mwaka kikaba ari « Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza ».Nk’uko yabandanije abimenyesha, ico civugo kibahamagarira kwama na ntaryo bashira imbere umukenyezi mu migambi yose yo gutegekanya kazoza. Catowe mu ntumbero yo gutsimbataza ikibanza c’iteka umukenyezi w’umurundikazi ahabwa mu muryango no mu gihugu mu kumwita «Umushinge w’amahoro n’iterambere ». Uwo munsi mukuru ukaba ushitse mu gihugu hamaze kurangurwa ibitari bike muri ico gisata. Martin Nivyabandi akaba avuga ku bijanye n’ishirwaho ry’umugwi w’igihugu hamwe n’ikigega ujejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abanyagihugu; ishirwa mu ngiro ry’umugambi MERANKABANDI n’ibindi.Ukwezi kwose kwa Ntwarante rero kukaba ari ukwezi guhariwe umukenyezi. Ibikorwa bitari bike birategekanijwe kurangurwa: Ibiganiro n’inganda zitandukanye ; kuba Uburundi buzokwitaba inama yo gusuzuma aho iterambere ry’umukenyezi rigeze kw’isi yose i New York n’ibindi. Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira bwashize imbere ukwisununura kw’umukenyezi mu vy’ubutunzi kuko basanze ahanini no mu ngo ibintu bikunda kugorana ari uko ubutunzi bw’umukenyezi buba buri hasi, akazera  vyose k’umugabo ugasanga kwa kwubahana guciye kubura. Iyo umukenyezi afise ico yinjiza mu rugo basanze bigira akamaro kanini mu muryango. Ubwo bushikiranganji rero bubicishije mu mashirahamwe yo kuguranana burafise umugambi bise «Nawe Nuze ».Abagabo ubwa mbere ngo babona umengo ni ibije gusambura ingo ariko mu nyuma basanze nabo nyene bibateza imbere. Ibindi biriko birakorwa ni uko bariko baragira ivyigwa kugira bamenye uko ikigega c’ingwati gifasha abakenyezi cifashe. Hari n’uwundi mugambi uhari uriko urakorwa bafadikanije n’ubushikiranganji bw’akarere, umugambi w’abakenyezi imiriyoni 50 bari mu mashirahamwe atandukanye nk’iyo mu buseruko bwa Afirika, COMESA n’ayandi bariko baragenda bahanahana amakuru kugira abakoresha urudandazwa rugende neza. Ibindi ngo bagiye kwihutira ni uko bariko barahimiriza abakenyezi kwitaba amatora yo 2020 na cane cane mu nzego zo hasi. Ibwirizwa Shingiro rirategekanya ko n’imiburiburi abakenyezi baronka ibice 30 kw’ijana ariko ku mitumba basanze bigorana. Barikumwe n’ayandi mashirahamwe basanzwe bafashanya, bariko barakora ibishoboka vyose kugira abakenyezi bo hasi baserukirwe kuko ku mitumba ariho hari itanguriro ry’ubuzima. Ibibazo bikemutse ku mitumba  mu gihugu cose biba bimeze neza.

Gloriose Nshimirimana     
                                                                                                     

Ouvrir