Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kwirinda gusembera mu mahanga batisunze amategeko

DSC124509950Abanyeshure bari muri kaminuza basabwa kubandanya ivyigwa n’umwete mwinshi, nayo kuja hanze ngo bizobe mu mategeko ku wugiye kubandanya ivyigwa vyiwe vyo ku rundi rwego rwo hejuru. Izo mpanuro zikaba ziraba n’abandi barundi aho basabwa kwirinda gusembera mu mahanga batisunze amategeko. Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’indero Claver Nijimbere mw’ijambo ryiwe yashikirije ryo kugurura icese  inama zo guhanahana ivyiyumviro n’abanyeshure bo muri kaminuza yateguwe n’umwanditsi w’igitabu « Manamba mu buhungiro», ku vyerekeye ingaruka z’ubwimukira budakurikije amategeko. Hari kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2019. Abanyeshure bari muri kaminuza basabwa kubandanya ivyigwa n’umwete mwinshi, nayo kuja hanze ngo bizobe mu mategeko ku wugiye kubandanya ivyigwa vyiwe vyo ku rundi rwego rwo hejuru. Izo mpanuro zikaba ziraba n’abandi barundi aho basabwa kwirinda gusembera mu mahanga batisunze amategeko. Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’indero Claver Nijimbere mw’ijambo ryiwe yashikirije ryo kugurura icese  inama zo guhanahana ivyiyumviro n’abanyeshure bo muri kaminuza yateguwe n’umwanditsi w’igitabu « Manamba mu buhungiro», ku vyerekeye ingaruka z’ubwimukira budakurikije amategeko. Hari kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2019. 

Nk’uko yabandanije abimenyesha, yarashimye ibikorwa vyategekanijwe n’ibiro vy’umwanditsi w’igitabu « Manamba mu buhungiro » yongera amenyesha ko abandika ibitabu bakanabishikiriza icese ari benshi cane ariko abandika ibitabu bakagirako bakigisha abanyagihugu ibijanye n’ivyo banditse badakunze kuboneka. Yarashimiye umwanditsi w’igitabu « Manamba mu buhungiro » ku mutima yagize wo  gutunganya inama zo guhimiriza urwaruka, abavyeyi n’indongozi zitandukanye z’igihugu kubijanye no guhimiriza kutirukira ubwimukira budakurikije amategeko, mu kwirukira gucumbika mu mahanga bataye igihugu cabo. Yasavye urwaruka rwiga muri za kaminuza kuzofata nkama inyigisho bazokuramwo mu kuzobaza ibibazo vyose vyotuma bamenya ukuri ku buzima bwo mu mahanga. Yarasavye Reta y’Uburundi na cane cane ubushikiranganji bw’indero n’amashure y’imyuga ko ico gitabu cokwiragizwa mu mashure yose kugira abana b’Uburundi bavavanure n’agatima ko kwama biyumvira guhunga igihugu cabo. Yarongeye asaba Reta n’abafashanya nayo ko imigambi bagiye kurangura ku neza y’urwaruka rw’Uburundi na cane cane kubahimiriza gukunda igihugu cabo, boyifata mu mugongo mu gufasha mw’irangurwa ryayo bivanye n’ireresi izokinwa ijanye n’ibiri muri ico gitabu hamwe n’ivyo ico kigo cofasha mu kworohereza abana b’Uburundi gutahuka mu gihugu cabo. Umwanditsi w’igitabu « Manamba mu buhungiro», Mohamed El Amin Nibaruta nawe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ku bijanye n’ubwimukira budakurikije amategeko, mu bisanzwe igihugu cose hariho amategeko kigenderako agenga ingene abantu bacinjiramwo n’ingene bagisoka, hakaba n’ibijanye no kuhaka indaro vy’agateganyo canke kuhaba burundu. Niko guca amenyesha ko iyo umuntu akurikije amategeko, ata ngorane agirana na Reta yaho asavye indaro. Yarongeye amenyesha ko umwimukira ashobora kugira inkurikizi zo kwirukanwa ku nguvu, ashobora kugira amagara mabi afatiye ku kwihebura, gucurwa bufuni na buhoro, gupfungwa n’ibindi. Yaheraheje asaba abanyeshure ba kaminuza gushira imbere ivyigwa kugira baze bateze imbere imiryango n’igihugu cabo batiriwe baraja kujuragirika.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir