Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imashini 2 zifasha kuyungurura amazi ku Buterere zigiye gusubirizwa

DSC gghj0039Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ikigo kijejwe gusukura igisagara ca Bujumbura SETEMU bigiye gusubiriza imashini zibiri, zitwa «Vis d’Archimède » zari zarapfuye mu kibanza co kuyungurura amazi acafuye co ku Buterere. Ivyo rero ngo bizofasha kugira amazi y’ikiyaga Tanganyika ntasubire guhumana. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba, ku wa 5 Ntwarante 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ikigo kijejwe gusukura igisagara ca Bujumbura SETEMU bigiye gusubiriza imashini zibiri, zitwa «Vis d’Archimède » zari zarapfuye mu kibanza co kuyungurura amazi acafuye co ku Buterere. Ivyo rero ngo bizofasha kugira amazi y’ikiyaga Tanganyika ntasubire guhumana. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba, ku wa 5 Ntwarante 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umuyobozi mukuru w’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba yabishikirije, ngo amapompe afasha kuduza amazi acafuye avuye mu mahinguriro hamwe nayo mu gisagara ca Bujumbura ziri kuri « Chanic » aherutse gusubirizwa. Amazi acafuye avuye mu mahinguriro ya Afritan, ihinguriro rihingura insato hamwe nayo mw’ishirahamwe Brarudi mu misi iheze yahora agenda mu kiyaga Tanganyika ngo asigaye aduzwa mu kibanza co ku Buterere kugira ayungururwe, akurwemwo ubucafu. Izo pompe zasubirijwe ngo ni zitatu, aho zaguzwe ku buryo butanzwe na Reta y’Uburundi.Vyongeye, mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ikigo kijejwe gusukura igisagara SETEMU ngo bagiye gusubiriza imashini 2 zapfuye, ico yise «Vis d’Archimède », izo nazo ngo zifasha kuyungurura amazi acafuye avuye mu makaritiye ya kera yo mu gisagara ca Bujumbura. Muri ico kibanza gisanzwe kirimwo imashini zitatu, muri kino gihe ngo hakora imashini imwe gusa. Izo mashini rero ngo zaraguzwe ziri mu nzira ziza, aho mu kiringo c’amezi abiri canke atatu zishobora kuba zashitse. Ivyo rero ngo bizofasha kugira amazi y’ikiyaga Tanganyika ntazosubire guhumana.Ku kibazo co kumenya ahavuye amafaranga yo kugura ayo ma pompe kubera ari menshi, umuyobozi mukuru w’amazi n’isuku yamenyeshe ko ico kibazo cafashwe mu minwe na Reta y’Uburundi kubera ko ikiyaga Tanganyika gifitiye akamaro kanini igihugu. Muri ico kiyaga, iruhande y’ibinyabuzima biriyo, ngo ibice 98% vy’amazi akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ava mu kiyaga Tanganyika. Nico gituma hambavu yo kugura izo pompe, ngo haraguzwe n’ibindi bikoresho bifasha bigizwe n’imiti yo guhumanura amazi « produits chimiques » hamwe n’ibimodokari bifasha kwegeranya amazi acafuye yo mu tuzu twasurwumwe igihe twuzuye mu gisagara ca Bujumbura. Ikibazo co gukingira ikiyaga Tanganyika, ngo Reta yagifashe mu minwe na kare ngo amazi n’ubuzima, arico gituma Reta yasizemwo inguvu nyishi kugira ikingire ico kiyaga.

Ubuyobozi bujejwe ikiyaga Tanganyika bugiye gufasha gukingira ikiyaga Tanganyika
Bisubiye, hiruhande y’utwo twigoro twa Reta y’Uburundi, ngo hari umugambi urangurwa n’ubuyobozi bujejwe gukingira ikiyaga Tanganyika « autorité du lac Tanganyika», umugambi usangiwe n’ibihugu 4 bisangiye ico kiyaga, uwo mugambi ukaba ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ngo nabo nyene barategekanya kugura ibikoresho nk’ivyo nyene kugira ico kiyaga gishobore gukingirwa. Kubona rero ngo inguvu zishirwa ku Burundi, n’uko arico gihugu gifise igisagara kinini ku nkengera z’ico kiyaga, vyumvikana ko n’imicafu ishobora kuba myishi kubera hahurira abantu benshi.Mu nteguro, ngo barategekanya kuronsa ibikoresho bikwiye ikigo SETEMU, kugira gisubire kugira ubushobozi nk’ubwo cari gifise kera, ivyo bikaba vyofasha gusukura igisagara ca Bujumbura. Muri iyo migambi yose, ngo barategekanya kuronsa vya bimodokari bita « hydro cureurs », izo zigafasha kwegeranya amazi acafuye yo mu gisagara. Muri ico kiganiro, w’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba yaboneyeho akaryo ko kugaruka ku nkurikirikizi zishobora gushikira ku bihaye amatongo mu kibanza cari cagenewe kwagurirwamwo kirya kibanza co kuyungurura amazi co ku Buterere. Ico kibanza mu gihe kigiye kuronswa izindi mashini zibizi, zikora ijoro n’umutaga, ngo abantu bahabaye bishobora kubagirako ingaruka z’ubu canke muri kazoza.Ico kibanza kigitunganywa mu mwaka w’1986, ngo cari kwakira ibice 38% vy’amazi acafuye yo mu makaritiye ya kera yo mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe ico kibanza cakira amazi acafuye yo mu mahinguriro atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, ayo mazi yo mu mahinguriro ngo usanga arimwo ubumara bushobora kugira ingarukambi ku magara y’abantu. Abantu babaye muri ico kibanza, ngo ni nk’uko babaye ahari akazu ka surwumwe kanini. Vyongeye, ngo abo bantu rero ngo bashobora kuhandurira indwara ziboneka ubwo nyene « malaria, choléra, fièvre typhoïde », n’izindi. Eka ngo baranashobora kuhandurira indwara zimara igihe kinini, izo nazo ni kanseri, izifatira mu bihimba vy’ihumekero, izo mu mafyigo hamwe nizo mu mutwe.

Hariko harategurwa itegeko riherekeza iribuza gukoresha ubumwanya
Ku bijanye n’itegeko inomero 100/099 ryo ku wa 8 Myandagaro 2018, ribuza kwinjiza mu gihugu, gukora, kudandaza no gukoresha ubumwanya hamwe n’ibindi bikoresho vyose bikoze mu bumwanya, ngo mu ngingo yaryo yaratanga ikiringo co kudandaza ivyo bari bamaze kwinjiza mu gihugu. Uno musi rero, ngo nta bumwanya buriko burinjira mu gihugu. Mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ngo barafashe intumbero, aho hariko harategurwa irindi tegeko mperekeza ry’iyo nyene rituma abafise amahinguriro bakora ubundi bumwanya bushobora kubora. Iryo tegeko ririko rirategurwa n’abo mu bushikiranganji bw’ibidukikije bafadikanije nabo mu bushikiranganji bw’ubudandaji, mu misi iri imbere ngo rigashobora kuzoja ahabona kugira rifashe.Muri ivyo bintu bikoze mu bumwanya n’amacupa avamwo amazi ari muri uwo mugwi, muri kino gihe rero ngo bariko baravugana  n’abahingura amazi, gutegekanya ingene ayo macupa yo kwegeranywa kugira agarukanwe mu mahinguriro y’amazi. Eka ngo hari n’umugambi wo gutunganya ayo macupa avamwo amazi, ico yise « plan de gestion des bouteilles d’eau minérale » kugira asubire guhingurwa gushasha « recyclage ». Muri ukwo kwegeranya ayo mazi, ngo abazanye ayo macupa, rimwe ryavuye ku mafaranga 50 rija ku mafaranga 150 canke 200, mu bushikiranganji rero ngo ntibakeneye gusubira kuyabona ayo macupa azibira imigende itwara amazi ndetse mwene ayo macupa, ngo akoreshwa rimwe gusa.Tubamenyeshe ko amacupa avamwo amazi bivugwa ko akoresha rimwe, ariko ayo macupa akaba ashirwamwo amavuta canke inzoga, gutyo bigashobora gutera indwara abayakoresha akarenga rimwe. 

Déo Misigaro                                                                                                    

Ouvrir