Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi b’Imana basabwe kuremesha amahoro muri kino gihe twimirije amatora

DS C 0019Abakozi b’Imana bo mu madini n’amashengero atandukanye basabwe kuremesha amahoro, baremurure imitima y’abaremerewe muri kino  gihe Uburundi bwimirije ibiringo vy’amatora yo mu mwaka w’2020. Ahanini rero ngo muri ivyo biringo, abarundi bamwe bamwe barahagarikwa umutima n’amatora, abakozi b’Imana baterwa akamo ko gutstimbataza no kuremesha amahoro mu bayoboke babo. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, ku wa 7 Ntwarante 2019, aho yariko yugurura icese ibikorwa vy’inama yo guhanahana ivyiyumviro n’abarongoye amashengero n’amadini atandukanye, muri kino gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020, kugira babandanye kuremesha abayoboke babo.Abakozi b’Imana bo mu madini n’amashengero atandukanye basabwe kuremesha amahoro, baremurure imitima y’abaremerewe muri kino  gihe Uburundi bwimirije ibiringo vy’amatora yo mu mwaka w’2020. Ahanini rero ngo muri ivyo biringo, abarundi bamwe bamwe barahagarikwa umutima n’amatora, abakozi b’Imana baterwa akamo ko gutstimbataza no kuremesha amahoro mu bayoboke babo. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, ku wa 7 Ntwarante 2019, aho yariko yugurura icese ibikorwa vy’inama yo guhanahana ivyiyumviro n’abarongoye amashengero n’amadini atandukanye, muri kino gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020, kugira babandanye kuremesha abayoboke babo.Nk’uko umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana yabandanije abishikiriza, ngo nk’abarongoye amadini n’amashengero atandukanye, ni akaryo keza ko kurabira hamwe ingene bokorana neza n’impanuro bohana muri bino bihe turiko twegereza amatora yo mu mwaka w’2020. Igihe c’amatora, ngo imitima ya bamwe bamwe irahungabana, abantu bakabura amahoro. Mu mirimo y’abo abakozi b’Imana, ngo harimwo igikorwa co kuremesha amahoro mu mitima y’abayoboke babo, bagasabwa kubandanya bakorana neza n’urwego rw’umuhuza, mu gikorwa co kuremesha amahoro mu barundi.Umuhuza w’abarundi afise uruhara runini rwo guhuza abarundi, kuremesha abarundi, biciye mu biganiro mu gihe abona ko hashobora kuba icuka kibi mu gihugu. Iyo nama yagiranye n’abo barongoye amadini n’amashengero atandukanye yabaye muri iyo ntumbero. Inama nk’izo ziratunganywa haba ku banyeporitike, amashengero hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Vyongeye, ngo nk’abakozi b’Imana, kuremesha amahoro ngo nirwo ruhara rwa mbere bafise mu bikorwa vyabo vya minsi yose. Ikindi, ngo abakozi b’Imana basabwa kunywanisha abarundi, ico ni igikorwa cabo. Bisubiye, ngo abo bakozi b’Imana ntibakwiye kwibagira ibihe vya vuba igihugu caciyemwo, kubera ko hari n’abo muribo vyahungabanije, bituma bahunga igihugu. Yaboyeho akaryo ko gusaba abakozi b’Imana bahunze igihugu gutahuka bagaruke kwubaka amashengero yabo. Eka ngo nk’abakozi b’Imana, yabasavye kwijukira ibikorwa vy’iterambere, batunganye imigambi bisunze wa mugambi watunganijwe n’abarundi wo kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027. Iterambere nabo nyene rirabaraba, na kere ngo ukwemera kutagira ibikorwa kuba gupfuye ubusa. Abashinga amashengero bagende bubaka amashure n’amavuriro kandi bubaka n’amashengero meza.Mu gisata c’ibidukikije, umuhuza w’abarundi yabasavye kwisunga umugambi w’igihugu wo gukingira ibidukikije « Ewe Burundi urambaye ». Nk’amashengero n’amadini, basabwe guteragira ibiti, bakingire isi ndimwa kubera ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo gihanze isi yose. Ku bijanye n’amatora yo mu mwaka w’2020, mu ntumbero yo kuyitegurira neza, yabasavye gukomeza ubumwe mu butandukane bw’amashengero n’amadini barimwo. Urabanza rw’amatora ngo ni urubanza rw’abarundi, nabo nyene badasigaye inyuma kubera ko mu bazokwitoza barimwo, iyo ufise urubanza uraheza ugaterera kugira ruzogende neza. Kuri ayo matora, yabasavye guterera amatora, kandi bongere bayoboke inzego zitwara igihugu muvyo bakora vyose. Imbere yaho, umuhanuzi ajejwe ubutunzi mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Christophe Kinshasa yamenyesheje ko abakozi b’Imana ari abantu bakomeye kubera ijambo ryabo rishika kure kubera ko bakoranya abantu benshi mu gihe c’amasengesho. Eka ngo n’abarundi muri kamere kabo, ngo baremera Imana arico gituma n’ijambo ry’abakozi b’Imana rishika kure. 

 Déo Misigaro                                                                                             

Ouvrir