Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi bahungutse basabwe kwinjira mw’ishirahamwe ryahariwe, kubavugira

IMG 4758Abantu na cane cane abakenyezi bahungutse ngo bahura n’ingorane nyinshi ariko ikinezereje ngo ni uko baba bagarutse mu gihugu cabibarutse. Muri izo harimwo izijanye n’amatongo, guharikwa, gutakaza akazi, kwinubana n’ibindi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abarundikazi bahungutse, Godeliève Manirakiza mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 6 Ntwarante 2019.Abantu na cane cane abakenyezi bahungutse ngo bahura n’ingorane nyinshi ariko ikinezereje ngo ni uko baba bagarutse mu gihugu cabibarutse. Muri izo harimwo izijanye n’amatongo, guharikwa, gutakaza akazi, kwinubana n’ibindi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abarundikazi bahungutse, Godeliève Manirakiza mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 6 Ntwarante 2019.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo ahantu umuntu amaze igihe kinini ataba iyo bishitse akahagaruka ntivyoroha kuko mu bo ahasanze ngo si benshi banezerererwa igaruka ryiwe. Muri ico gihe ngo bimusaba kugerageza kumenya kwiyubara, akamenya ingene abana nabo ahasanze, akamenya kubiyegereza kuko kenshi usanga bamwinuba n’ibindi.. Benshi mu bakenyezi bahunguka bakunda guhura n’ibibazo vy’amatongo kuko kenshi basanga hari abantu canke mbere n’imiryango baramaze kwigarurira amatongo yabo. Muri ico gihe hari abaca babura aho bashikira, indyane zigaca zitangura, hari abaca baja kuburana hari abatwarwa n’ishavu ari naho hahora havamwo n’abicana kubera amatongo. Iyindi ngorane n’iyijanye no guharikwa, iyo umukenyezi yahunze wenyene canke ari kumwe n’abana gusa ngo birashobora gushika agarutse agasanga umugabo yararongoye uwundi mugore aza afise n’abana. Muri ico gihe ngo haca haba intambara hagati y’abo bakenyezi eka ngo no hagati y’abo bana nyene. Ingorane yindi nyamukuru yari iyijanye n’abahunga bafise akazi bagaheza bagarutse bagasanga barafuswe mu kazi. Ariko Reta ibicishije mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu ngo yarakoze ikintu ciza irashiraho ingingo ivuga ko umuntu wese ahungutse yari umukozi baheza bakamusubiza mu kazi kiwe. Mbere ngo uwo muntu aba yahunze iyo ngingo irongera ikavuga ko aheza akaronswa n’uburusho aba agezeko iyo aguma ku kazi. Ngo hariho urwandiko arirwo baheza bagakoresha kugirango umuntu yahungutse asubizwe mu kazi. Godeliève Manirakiza yamenyesheje ko biyumviriye gushiraho ishirahamwe ry’abakenyezi bahungutse kugirango bashobore gufashanya gutyo n’umukenyezi wo hagati mu gihugu atagira ikimuvugira aronke abamufasha na cane cane ko benshi muri abo bakenyezi bari baciye muri ubwo buzima bwo guhunguka bakabona ingorane zihaba. 

Estella Niyongere

Ouvrir