Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi bahamagariwe kwitaho imiryango yabo bashigikirane no mu kibano

D1I5TqeWwAEopIBKw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2019, Uburundi bwarifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Ibirori ku rwego rw’igihugu bikaba vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku murwa mukuru w’intara ya Gitega birongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza. Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2019, Uburundi bwarifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Ibirori ku rwego rw’igihugu bikaba vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku murwa mukuru w’intara ya Gitega birongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza. Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’igisabisho c’abakozi b’Imana batandukanye haraheza hakurikira ururirimbo ruhayagiza igihugu «Burundi bwacu», hakurikira defire y’abakenyezi bari mu nzego zitandukanye, amashirahamwe, amabanki atandukanye  hamwe n’abakenyezi bahurikiye mu nzego z’igiporisi n’igisirikare. Mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza  yabanje gukengurukira Imana hanyuma amenyesha abari aho ko uwo musi ari umusi w’ukunezerwa  kuko ushitse mu gihe umukenyezi amaze gutera intambwe mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi. Yarongeye amenyesha ko ari umusi mwiza  wo kwiyumvira neza ivyo umwe wese amaze kurangura akaraba ivyamunaniye n’ivyamukundiye.  Yarongeye afatira ku civugo c’uwo munsi kivuga giti « Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe y’ugutegekanya kazoza » aho yaciye amenyesha ko kenshi na kenshi abakenyezi aribo bamarana umwanya munini n’abo mu rugo bose bigatuma bamenya ivyabo bose.

Umukenyezi rero ngo iyo ashizwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza birafise ikimazi gikomeye. Ikindi kandi ngo ni uko umugambi w’ukwigisha abana ku buntu watumye igitigiri c’abana b’abigeme biga cisununura gusumba. Gutegekanya kazoza rero ngo ni igikorwa ca minsi yose co guteza imbere igihugu kandi ngo umuntu yotegekanya kazoza agikomeye. Yaciye asaba abakenyezi kuja hamwe bagashiraho amashirahamwe yo kuziganya n’ukuguranana mu ntumbero y’uguteza imbere igihugu. Yaciye ahamagarira abana bamaze  gushika mu bigero gufasha abavyeyi babo bakibuka ko kazoza k’abavyeyi babo ari abo bana nyene igihe bazoba bashitse mu bigero. Yarongeye asaba abantu bose gushigikirana mu kibano ku buryo umubanyi atorara inzara uwundi araye ariye. Yarakebuye kandi abakenyezi batubaha ba inabukwe mu miryango ko bokwikebuka, yongera arakebura n’abo ba inabukwe nyene kwubaha abakazana.Yarabibukije ko umukenyezi w’ubwenge yubaka arugo rwiwe aca amenyesha ko umukenyezi wese yoraba ko mu muryango  wiwe vyifashe neza.  Yarangije ashimira abantu bose bashigikira Reta mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere ry’igihugu cane cane bifatiye ku mukenyezi. Yarashimiye akandi abakenyezi babona iyo bariko baraja ku kuntu bitanze, yongera ashimira abantu bose bashoboye kugira ico baterereye kugira uwo munsi mukuru utungane, abo nabo ngo ni ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwririrana ry’abantu FNUAP, ishirahamwe CARE,  ibiro vy’intara ya Gitega yongera arashimira n’abagabo bashoboye kwifadikanya n’abakenyezi kuri uwo munsi .Uwuserukira ihuriro ry’abakenyezi  mu Burundi, Janvière Ndirahisha mw’ijambo ryiwe akaba  yarakengurukiye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu  ku kuntu yama ashigikira abakenyezi yongera arakengurukira Reta y’Uburundi ku bikorwa yama ikora kugirango umukenyezi  atere imbere.  Yaciye asaba Reta ko yoshira abakenyezi mu nzego zifata ingingo, igashiraho amategeko agenga ingurane ntonto. Reta ngo yokarihiriza ubwenge abagira urudandazwa rutoruto  ikongera kandi igafasha ko mu baserukira umutumba hojamwo abakenyezi babiri muri batanu bawurongora. Janvière Ndirahisha yaciye yemerera Reta ko bagiye guharanira amahoro n’umutekano, guhagurukira indero y’urwaruka ,kurwanya igiturire hamwe no guhimiriza abigeme kuja mu nzego z’umutekano. Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi nawe mw’ijambo ryiwe akaba yarashimiye abantu bose bitavye ubutumire ahereye ku mutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza.  Yaciye amenyesha ko atarwitwazo na rumwe ruhari  rwo gushira inyuma umukenyezi. Yarashimiye kandi umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ku mwitwarariko yama agira mu bikorwa  vy’uguteza imbere umukenyezi aca asaba uwari we wese ko yoharanira ibikorwa vy’iterambere.  Janvière Ndirahisha akaba yaciye ashikiriza akaganuke kw’izina ry’ihuriro ry’abakenyezi arongoye umushikiranganji w’agateka ka zina muntu isanamu iriko ifoto yiwe yongera ashikiriza akaganuke umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu karimwo umukenyezi w’umurundikazi yikoreye igiseke gishishiriye. Inyuma yaho Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bwaciye butanga impapuro z’iteka ku bantu bose bitanze mu kwiteza imbere no guteza imbere igihugu zikaba zatanzwe n’Umutambukanyi w’Umukuru w’Iguhugu. Twobamenyesha ko imbere yuko ibirori vy’uwo munsi bitangura, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabanje  gutanga intererano y’amatora yatanzwe n’abakenyezi b’indongozi bitavye akamo yabateye kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2019 mu nama yabagirishije mu gisagara ca Bujumbura, akaba ico gihe yari aramutse  aganira n’abakenyezi b’indongozi babona iyo bariko baraja ibijanye n’uruhara rwabo mu guharanira amahoro mbere ngo bakaba basanze bitokunda ko baba bariko baraharanira amahoro batabanje gushigikira amatora. Niho rero ngo bavugana ko ku munsi mukuru mpuzamakungu  wahariwe abakenyezi  bokwerekana yuko ari abakenyezi bitayeho ivyo igihugu, amahoro mu gihugu kandi ko ivyo amatora bigenze neza n’amahoro aheza akaboneka mu gihugu. Ayo mafaranga y’amarundi rero ngo bayashize hamwe bose nk’abakenyezi  akaba angana n’imiriyoni mirongo indwi n’umunani n’ibihumbi amajana indwi na mirongo umunani na bitatu n’amajana icenda 78 783 900. Yaciye aboneraho gushimira abo bakenyezi n’umuntu wese yagize icakora yongera atera akamo abo bose bataragira ico bakoze baba abakenyezi canke abagabo ndetse n’abandi  bose biraba ngo bahaguruke kugirango bagire ico bakoze.

 

Christine Manirambona 

Ouvrir