Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatanze amatongo mu kibanza co kuyunguriramwo amazi acafuye co ku Buterere bazohanwa hisunzwe amategeko

cgrtAbanyagihugu bubatse inzu mu kibanza co kuyunguriramwo amazi acafuye co ku Buterere ngo bakwiye kumenya ko atari ikibanza co gutungiramwo imiryango, kubera ko abahabaye muri kino gihe bashobora kuhandurira indwara zifatira mu bihimba bitandukanye vy’umubiri  harimwo n’izo mu bwonko. Nico gituma Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ngo iriko irakora amatohoza kugira ababigizemwo uruhara mu gutanga ibibanza vyo kwubakamwo bahanwe. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, ku wa 25 Ruhuhuma 2019, aho hari hatunganijwe ikiganiro n’abamenyeshamakuru kugira berekane ingarukambi ku magara y’abantu bihagiye ibibanza mu kibanza co kuyunguriramwo amazi acafuye co ku Buterere.Abanyagihugu bubatse inzu mu kibanza co kuyunguriramwo amazi acafuye co ku Buterere ngo bakwiye kumenya ko atari ikibanza co gutungiramwo imiryango, kubera ko abahabaye muri kino gihe bashobora kuhandurira indwara zifatira mu bihimba bitandukanye vy’umubiri  harimwo n’izo mu bwonko. Nico gituma Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ngo iriko irakora amatohoza kugira ababigizemwo uruhara mu gutanga ibibanza vyo kwubakamwo bahanwe. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, ku wa 25 Ruhuhuma 2019, aho hari hatunganijwe ikiganiro n’abamenyeshamakuru kugira berekane ingarukambi ku magara y’abantu bihagiye ibibanza mu kibanza co kuyunguriramwo amazi acafuye co ku Buterere.Nk’uko umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yabandanije abishikiriza, ngo ikibanza co ku Buterere kigitunganywa mu mwaka w’1986, cari gifise ikibanza co kwaguriramwo ico kibanza uko igisagara naco cagenda kiraguka. Ico kibanza kigitunganywa, ngo amategeko yaravuga neza ko ata muntu ashobora kuba ku metero n’imiburiburi 400, uno munsi rero ngo izo metero zirimwo inzu zubatswe n’abanyagihugu bahabaye bidaciye mu mategeko. Vyongeye, ngo ahasanzwe hari ico kibanza, ni ahantu hakunda kwibonekeza imyuzurira.Ubuyobozi bujejwe gutunganya amatongo mu bisagara hamwe n’abajejwe intwaro, ngo bariko barakora amatohoza kugira bamenye abagize uruhara mw’itangwa ry’ayo matongo. Eka ngo n’abafise impapuro z’ayo matongo, ngo ni izo mu mwaka w’2014 hamwe n’izindi zatanzwe vuba cane. Mu ntumbero yo kubungabunga amagara y’abo ijejwe, ngo reta y’Uburudi yarafashe ikibazo mu minwe, aho ngo n’abakoze ivyo baza bazwi. Kuri abo bose batanze impapuro, ngo bazokurikiranwa ku caha bakoze. Muri ico kiganiro, abahinga baratanze ivyigwa aho berekanye ingarukambi zishobora gushikira abantu babaye muri ico kibanza, muri kubu na kazoza. Izo nazo ngo ni indwara zifatira mu bihimba vy’umubiri bitandukanye harimwo n’ubwonko, kubera ivyuka vy’ubumara biva muri kirya kibanza.

Ibiganiro vyo guhimiriza abubatse mu kibanza kiyungururirwamwo amazi acafuye bigiye kubandanya
Ibiganiro nk’ivyo rero ngo bigiye gukomezwa kugira bereke abo banyagihugu ko amagara yabo ageramiwe. Reta y’Uburundi rero ngo ikora nk’umuvyeyi wa bose, izo ngaruka ngo irazizi n’agaciro k’urwaruka rurerewe aho hantu irakazi, ariko ngo bashatse kugenda buke buke kugira bazogende baratahura ko ico kibanza bategerezwa kukivamwo. Mu gihe kirya kibanza co ku Buterere kigiye kunagurwa kubera ibikoresho vyamaze kugurwa, ngo ibimashini bifasha kuyungurura ayo mazi bigiye kuza birakora ijoro n’umutaga, ingorane zigashobora kwiyongera kuri abo bose bahabaye. Ku kiringo c’ukwezi bari bahawe kugira babe bakinjuye bave muri ico kibanza, ico kiringo ngo gishobora kurenga kuko bagiye kubandanya igikorwa co kubahimiriza kuri izo ngarukambi zibahanze.Kubw’umuhinga yatanze ikiganiro ku ngarukambi zishobora gushikira umuntu abaye ahantu hacafuye, Prosper Muyuku, ajejwe ivy’isuku n’isukura, yamenyesheje ko ikibanza co kuyunguriramwo amazi, ari umusarani munini. Ico kibanza co ku Buterere kigitunganywa, ngo cari kuyungurura amazi acafuye angana n’40000 m3, muri ayo mazi rero ngo harimwo imigera myishi. Uno munsi, ngo ibice 38% vy’amazi acafuye ayungururirwa muri ico kibanza, ni ukuvuga 24000 m3. Ibidukikije n’amagara y’abantu ngo biraba, barya bantu bihaye ibibanza muri kirya kibanza co ku Buterere ngo ni abantu biteguriye kugwara indwara zaba iz’umwanya muto na munini. Muri izo ndwara, Prosper Muyuku, akavuga izo gucibwamwo, marariya, typhoïde, kanseri yo mu gitigu, mu mafyigo, mu bihimba vy’ihumekero hamwe n’indwara zo ku rukoba.Ku bajejwe intwaro, yabasavye kwubahiriza imbibe za kirya kibanza co ku Buterere ku nyungu z’abarundi bose na cane cane barya bahafise inzu, kwubakira kirya kibanza  kugira ntihagire abantu baza barahinjira hamwe no gushiraho ivyapa bibuza abahinjira. Umuyobozi mukuru w’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba wewe yamenyesheje ko imyuka iva muri kirya kibanza ari ubumara kubera ko igiye mu mutwe ishobora gutuma umuntu yibagira cane canke nyene abahabaye umwanya munini bigatuma bavyara abana badakwije mu mutwe. Uwo muyobozi mukuru akaba yamenyesheje ko ivyavugiwe muri ico kiganiro atari amayagwa, ari ukuri gusa. Ikibanza nk’ico mu gihugu c’Ubufaransa, ngo hategekanijwe imetero 1500 zigabura ico kibanza n’inyubakwa z’abantu, mu Burundi ngo zari n’imiburiburi imetero 400, ariko muri kino gihe, ico kibanza caravogerewe. 

Déo Misigaro                                                                                          

Ouvrir