Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu nama Nshingamateka Ishure Kaminuza rigiye kwubakwa mu ntara ya Cibitoke

epitaceeeKw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2019, Inama Nshingamateka yaremeje ijana kw’ijana integuro y’ibwirizwa rijanye n’ingurane y’amafaranga yo kwubaka kaminuza yo mu Ntara ya Cibitoke . Kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2019, Inama Nshingamateka yaremeje ijana kw’ijana integuro y’ibwirizwa rijanye n’ingurane y’amafaranga yo kwubaka kaminuza yo mu Ntara ya Cibitoke . Iyo ngurane ingana imiriyoni 45 mu  mafaranga ya  Arabie Saoudite, ni ukuvuga imiriyoni 12 z’amafaranga y’abanyamerika. Umushikiranganji w’inyigisho za Kaminuza n’ubushakashatsi Gaspard Banyankimbona akaba yabanje kumenyesha abagize Inama Nshingamateka imvo n’imvano y’iryo bwirizwa .  Nk’uko yabibamenyesheje, iyo nteguro y’ibwirizwa ngo ni rya kera ariko yagiye iragenda ishirwa ku gihe ikaba rero ngo yafatiye ahanini ku bibazo bisanzwe biboneka bijanye n’ubutunzi bw’igihugu bufatiye kukurima. Ikindi muri ivyo vyo kurima ngo aravye mu mashure ategekanywa kugirango aherekeze abarimyi bashobore kugwiza umwimbu si ikirenga ariko umurindi w’abantu uko wiyongera biheza bikaba ngombwa ko haboneka ubundi buryo butuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera.  Aho rero ngo niho basanze ko amakaminuza asanzwe ahari bitaboneka cane uruhara rwayo mw’iterambere, ubushikiranganji buca bushira imbere ishure ry’imyuga ngo bikaba biri mu cegeranyo basabwe mu nama idasanzwe y’indero mu 2014.Inyuma y’aho ngo niho baca biyumvira kugira imigambi itari mike harimwo uyu mugambi w’ishure ry’imyuga mu Cibitoke, ishure ry’imyuga mu Cankuzo rijanye n’ivy’ubutare hamwe n’umugambi w’ugushiraho ikigo kidasanzwe c’ivyo kwinonora imitsi mu ntara ya Karuzi. Ku vyerekeye intumbero y’iryo shure ry’imyuga mu Cibitoke ngo biri mu mugambi w’igihugu mushasha w’ 2018-2027  kugirango haboneke abanonosoye ivy’imyuga bashobore gukora bonyene bikoresha canke bakorera Reta. Igituma bahisemwo intara ya Cibitoke, Gaspard Banyankimbona yamenyesheje ko atari ubushikiranganji bwayihisemwo vyavuye ku bariko babaha amafaranga babatoje umugambi  wo gushira imbere indome uko zigenda zikurikirana.Mu bibazo abashingamateka babajije uwo mushikiranganji, harabajijwe ko hategekanijwe kwubakwa izindi nyubakwa abanyeshure bazobamwo, umushikiranganji akaba yabamenyesheje ko hazoba harimwo inzu z’abanyeshure hamwe n’izizoshikiramwo abigisha.

Ikindi cari cerekeye ikena ry’abaganga banonosoye ibijanye n’ukuvura ibitungwa,umushikiranganji akaba yamenyesheje ko ico ari ikibazo gihambaye kandi gisa n’ikiriko kiratorerwa umuti .  Igituma ngo ni uko mu 2017 bagize urugendo mu gihugu c’Uburusiya baragiriranira amasezerano n’ishure rifise uburambe mu bijanye n’ukwigisha abaganga b’ibitungwa kugirango babafashe gushiraho ico gisata muri kaminuza y’Uburundi ariko ngo ni ico kwitondera kuko gisaba uburyo bwinshi. Aha rero ngo nico gituma haheruka gushirwaho igisata  bise «santé animale» kibajana mu nzira yo gushika kuri ico gisata. Hari kandi n’ababajije ko abarungikwa kwiga mu bindi bihugu boba bagaruka canke hari ingingo zitegekanywa ku baba batagarutse mu gihugu c’amavukiro.Kuri ico umushikiranganji Banyankumbona akaba yamenyesheje ko bagerageje gukora ibishoboka vyose kugirango bashobore kugaruka. Ivyo navyo ngo ni ukubasaba bagashira umukono ku masezerano avuga ko bahejeje bogaruka gukorera igihugu n’imiburiburi imyaka cumi. Yarongeye amenyesha ko muri iki gihe baheza bagaha umufasha agatera umukono kugirango nawe nyene azobibazwe,uwutarubaka nawe ngo baraheza bakaraba uwundi amujejwe.Abashingamateka  ijana n’icenda akaba ari bo bameje iyo nteguro y’ibwirizwa, ijana na bane bari bahari  hamwe na batanu batumye. 

Christine Manirambona

Ouvrir