Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA asaba ko hojaho umunsi mukuru uhariwe igisata c’ikawa kugira abakoze neza bashimirwe

kooUmukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaragirishije inama  abasanzwe bakorera mu gisata c’ikawa bo mu ntara zose zigize igihugu. Intumbero y’iyo nama yabaye kw’igenekerezo rya  1 Ntwarante 2019 ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, kwari ukurabira hamwe ingene ico gisata   bokinagura kuko ari ngirakamaro ku gihugu.Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaragirishije inama  abasanzwe bakorera mu gisata c’ikawa bo mu ntara zose zigize igihugu. Intumbero y’iyo nama yabaye kw’igenekerezo rya  1 Ntwarante 2019 ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, kwari ukurabira hamwe ingene ico gisata   bokinagura kuko ari ngirakamaro ku gihugu.Inyuma y’iyo nama icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana yamenyesheje ko bari baragize inama igenekerezo rya 23 Munyonyo 2018  yabereye mw’i Jenda kugira barabe ingorane ziri mu  gisata c’ikawa kuko vyari vyasabwe n’inama y’igihugu ijejwe umutekano. Abari muri iyo nama basavye yuko abajejwe igisata c’ikawa boba barishe abanyagihugu batarahembwa  bitarenze kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018 muri uwo mwaka. Ngo Prezida NKURUNZIZA yari yarababwiye yuko bategerezwa kubahiriza ingingo bari bahawe kugira ibintu bije mu buryo. Iyo nama rero bagiriye i Ngonzi  barabiye hamwe uko ibintu vyagenze kandi bakaba babishimye kuko abategerezwa kuriha amafaranga benshi barayarishe mugabo hakaba hari amafaranga makeyi asigaye kurihwa atarava mu mahanga. Ngo hariho kandi n’abatashoboye kuriha amafaranga y’abanyagihugu umwaka ukaba urenze batarayaronka. Ikindi naco batari basanzwe bazi ngo ni uko hariho abantu baguze ikawa baranayiriha ariko bakaba baranse kuyishora  mu mahanga bakitwaza ko ibiciro kw’isoko mpuzamakungu vyagabanutse. Iyo akaba ari ingorane kuko ikawa itagiye mu mahanga Reta ntiheza ngo ironke amafaranga y’agaciro. Yarongeye amenyesha ko Prezida NKURUNZIZA  yababwiye yuko ayo mafaranga bakuramwo bayakeneye ku bintu vyinshi, akarorero ngo nk’abanyagihugu barayaguramwo ibikoresho vy’ishure vy’abana n’ibindi.  Ngo Umukuru w’igihugu amaze kubona ingene ikigo OBR gikora n’ingene kibikurikirana yipfuje ko hojaho umunsi mukuru wahariwe igisata c’ikawa. Abakora neza bazoshimirwa  abakoze nabi bagayirwe mbere bibaye ngobwa bakurwemwo, ikindi ni uko hafashwe ingingo aho hari amashirahamwe 9 yakuwemwo akaba atazongera guhabwa uruhusha rwo kuja mu gisata c’ikawa. Ikindi naco abanyegeje ikawa n’abandi bazoba  barishe amafaranga babanje kugorana bakurikiranwe.  Aho ni mu gihe  hageze gutanga impusha zokuja ku ntonde bazobanza gusinya urupapuro biyemeze ko batazongera  gukora umugambi ugayitse. Yarongeye aramenyesha ko abanyagihugu batitwararika ikawa bagakora neza ariko bagafatwa nabi ico kikaba gikwiye gukosorwa.  Ngo hazogira igihe bongere bihweze neza ko ibintu vyo gushira igisata c’ikawa mu  minwe y’abikorera ivyabo, ni basanga ata karusho   babisubize mu minwe ya Reta.             

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir