Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi n’abigeme bavuye mu ntara zose z’igihugu barishiriyeho ivyoja imbere mu nama mpuzamakungu y’agateka k’umukenyezi

Ubushikiranganji  bw’agateka ka zina muntu n’ iterambere ridakumira bwaratumiye abakenyezi n’abigeme bava mu ntara zose z’igihugu mu ntumbero yo kurabira hamwe aho agateka k’umukenyezi n’umwigeme kageze, bongere baterere  ivyiyumviro nyamukuru bizojanwa  mu  nama mpuzamakungu igira 63  yerekeye iterambere ry’umukenyezi. Iyo nama ikaba yuguruwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira Félix Ngendabanyikwa  ku wa 26 Ruhuhuma 2019.Ubushikiranganji  bw’agateka ka zina muntu n’ iterambere ridakumira bwaratumiye abakenyezi n’abigeme bava mu ntara zose z’igihugu mu ntumbero yo kurabira hamwe aho agateka k’umukenyezi n’umwigeme kageze, bongere baterere  ivyiyumviro nyamukuru bizojanwa  mu  nama mpuzamakungu igira 63  yerekeye iterambere ry’umukenyezi. Iyo nama ikaba yuguruwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’agateka kazina muntu n’iterambere ridakumira Félix Ngendabanyikwa  ku wa 26 Ruhuhuma 2019.Félix Ngendabanyikwa yamenyesheje ko iyo nama yama itunganywa uko umwaka utashe  mu ntumbero yo gutegura inama izomara indwi zibiri  muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abo bigeme n’abakenyezi  batumiwe muri iyo nama baje bava mu ntara zose z’igihugu baserukira imigwi itandukanye y’abakenyezi n’abigeme  batandukanye kugira barabire hamwe ko  agateka k’abakenyezi kubahirijwe mu gihugu, aho bageze mw’iterambere, iyo bariko baraja hamwe naho bavuye. Imbere yuko batunganya iyo nama mu gihugu abo mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu mu gihugu ca Misiri kugira ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika barabire hamwe uko agateka k’umukenyezi kubahirijwe ku mugabane wa Afrika kugira baronke iciyumviro kimwe bohurizako ku kijanye n’umukenyezi wo muri Afrika bashobore guca baja kuraba umwe umwe  mu gihugu yaje aserukira. Félix Ngandabanyikwa yabandanije amenyesha ko abaje muri iyo nama bazokwerekana  neza uko umukenyezi canke umwigeme w’umurundikazi  afashwe, ko aserukiwe neza kandi ko  ategekanirizwa neza kazoza mu migambi itandukanye y’igihugu. Félix Ngendabanyikwa yongeye amenyesha  ko bariko bararaba ahibonekeza ko habaye akarusho ugereranije no mu myaka yahera aho mu nzego z’igihugu, umukenyezi ataserukiwe ku rugero rushimishije kuvyo arekurirwa n’amategeko, naho hakiri agahaze. Umunyamabanga ntayegayezwa yabandanije amenyesha ko iyo nama izoshira ahabona aho umukenyezi canke umwigeme w’umwirimizi aho ageze mw’iterambere ryiwe bageraranije n’iyo yavuye, bazongera barabire hamwe ingene boshiraho indinganizo kugira barabe ko ku civugo bari bafise ku mwaka urangiye intambwe bateye, gutegura inama nkiyo, bagaca biha n’ ihangiro bipfuza gushikako muri uno mwaka w’2019, bongere barabe neza na neza akarusho bashaka gushikanako umukenyezi canke umwigeme mu bijanye n’iterambere ridakumira. Félix Ngendabanyikwa yarongeye aramenyesha ibisata bikuru bikuru bazoshimikirako muri iyo nama, ica mbere  kijanye n’iterambere ridakumira,  gutegekanirizwa kazoza ; ingene umukenyezi ashobora gushikira ubuzi butandukanye haba kwa muganga,  mu bushikiranganji, mu mashure hamwe n’ingene bashobora kwakirwa canke gushikira abategetsi batandukanye, ivyo vyose bikaza mu rugero biza gushigikira agateka k’umukenyezi.   Félix Ngendabanyikwa yarangije amenyesha ko ivyo vyose bazobishikiriza muri iyo nama  bizoheza bikajanwa  mu rwego mpuzamakungu  rw’abakenyezi aho hazofatirwa ingingo zihambaye mu bijanye n’ukubahiriza agateka k’umukenyezi, kuko bizoba vyatanzwe n’abakenyezi n’abigeme basanzwe baba muri ubwo buzima.

Anitha Bizimana

 

Ouvrir