Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi b’abarundikazi bariteguriye guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe

IMG 1144Umunsi  mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi  wama uhimbazwa uko umwaka utashe ku wa 8 ntwarante, ni umunsi uzohimbazwa ngaha mu Burundi ukaba uzohimbarizwa mu ntara ya Cibitoke. Abarundikazi bakaba bazifatanya n’abandi bo kw’isi yose mu kuwuhimbaza mu ntumbero yo kwirimbura ngo barabe aho bageze mw’iterambere ry’umukenyezi. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wo guteza imbere umukenyezi n’ iterambere ridakumira Donatienne Girukwishaka mu kiganiro yariko aha ikinyamakuru UBUMWE ku wa 22 Ruhuhuma 2019.Umunsi  mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi  wama uhimbazwa uko umwaka utashe ku wa 8 ntwarante, ni umunsi uzohimbazwa ngaha mu Burundi ukaba uzohimbarizwa mu ntara ya Cibitoke. Abarundikazi bakaba bazifatanya n’abandi bo kw’isi yose mu kuwuhimbaza mu ntumbero yo kwirimbura ngo barabe aho bageze mw’iterambere ry’umukenyezi. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wo guteza imbere umukenyezi n’ iterambere ridakumira Donatienne Girukwishaka mu kiganiro yariko aha ikinyamakuru UBUMWE ku wa 22 Ruhuhuma 2019.Donatienne Girukwishaka yamenyesheje ko uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uhimbazwa uko umwaka utashe ku wa 8 Ntwarante, mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe umukenyezi amaze gutera mu bisata bitandukanye  vy’ubuzima bw’igihugu mu vyerekeye Poritike, imibano, iterambere hamwe no mu bindi bikenerwa kugira umukenyezi biboneke  vy’ukuri ko yateye imbere. Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi rero ni akaryo keza ku bakenyezi hamwe n’abafata ingingo ko kwirimbura uravye intambwe umukenyezi ariko aratera, iyagezeko  ugereranije n’aho  yavuye. Uko kwirimbura kugashoboka mu kwishimikiza  icivugo kiba gitowe ku rwego rw’isi yose n’igisata kijejwe iterambere ry’umukenyezi, urwo rwego rukagiha Reta zose  kugira zigishimikireko, ariko ibihugu birafise uburenganzira bwo kwongera  kuri ico ciyumviro, canke  igihugu kikaraba ko cofata ico civugo canke bagatora ikindi civugo. Donatienne yabandanije amenyesha ko mu Burundi bashimangiye icivugo catanzwe n’isi yose aho basanze ico civugo bogishigikira kuko  kugutegekanya kazoza ku bakenyezi na cane cane birimizi kitarashika ku rugero rushimishije «umukenyezi ashirwe imbere mu migambi yo gutegekanya kazoza .» Donatienne Girukwishaka yamenyesheje ko ico civugo co kw’isi yose kiza guhagarara gutegekanya kazoza bakongera bakagaruka kubijanye n’ivyo inyubakwa rusangi zoba inyubakwa zifasha umukenyezi kugira ngo amererwe neza aho yaciye atanga akarorero ko umukenyezi akeneye aho yihererera niyaba ari nko kw’isoko ko atoroherwa co kimwe n’abagabo, kuko uko umukenyezi akenera kwiherera umugabo atariko abikenera, ku vyerekeye inyubakwa kandi Umukenyezi agiye kurondera ijambo ko yoroherwa niyaba ajanye umwana ko aronka aho yonkereza umwana bimworoheye, mbega aroroherezwa kugira asubire kuraba abana yasize muhira n’ibindi.

Ivyo vyose bikaba ari ibifasha umukenyezi kugira bavuge ko ateye imbere. Uyu mwaka bawuhariye gukingira kazoza, mu gihugu bica bisaba  kuraba ko umukenyezi adakorera Reta ashobora kuronka uko yivuza, mu kwinjira mu mashirahamwe, kuri ico civugo hazoba uruganda rwo kwicarira ivyo bintu kugira umukenyezi w’umurundikazi ashobore kugira ubuzima bwiza. Donatienne Girukwishaka yarongeye amenyesha ko ubuzima bw’abakenyezi n’abigeme  na cane cane umunkenyezi w’umwirimizi batamushize inyuma, narirya Reta yashizeho  umugambi «Nawe Nuze» aho uburyo babuha abakenyezi kugira bashobore kurangura imigambi itandukanye. Iyo hageze gutora abokorana n’uwo mugambi bashira imbere umukenyezi kuko basanze ingo zifise ubukene cane ari ingo zitwarwa n’abakenyezi canke ugasanga umugabo ari ikimuga, umukenyezi akaba ari we abazwa vyose kuko aharurwa nk’uwushoboye. Uwo mugambi ni uwuza gufasha cane cane umukenyezi kuko ingorane nyinshi  z’urugo zigwa  ku mukenyezi. Girukwishaka yarangije atumirira abakenyezi kwitabira cane amashirahamwe kuko niho hashobora gucishwa imigambi y’iterambere, amaze kuja mw’ishirahamwe azoshobora kuronka aho avugira, aje hamwe n’abandi bashobore kuvuzanya no kwitegekaniriza kazoza kuko umukenyezi iyo akuze atakibasha kwirukanga aragorwa gose. Ninaco gituma ico civugo kivuga ko abo bavyeyi baba barakoreye igihugu, bakakivyarira urwaruka bashitse mu zabukuru boronka ikibunganira, ariko bigatangura kare mu kwiyumvira uko yotegekanya kazoza, ivyo vyose bigaca mu nyigisho zimwereka uko ashobora kwitunganya , umukenyezi agatumirirwa kwitaba kugira ntiyikumire.

Anitha Bizimana

Ouvrir